Ndafise umukunzi, ni umukunzi aruta abandi bose ata wundi nomugereranya. Ni umugwaneza kandi ni umwizigirwa ku buryo nipfuza yuko nawe womumenya. Kandi ikirengeye ivyo vyose; ni uko nawe ashaka kuba umukunzi wawe. Nashaka ndakubwire uko ameze. Turashobora gusoma inkuru ziwe muri Bibliya, kandi Bibliya ni iyo ukuri. Bibliya ni Ijambo ry‘Imana.
Imana ni yo yaremye isi n’ibiyuzuyemwo vyose, ni Umwami w’ijuru n’ isi. Ni we aha ubugingo n’impwemu ibiremwa vyose.
Yesu ni Umwana w’Imana, Imana yamurungitse kw’isi kugira ngo aducungure. Kuko urukundo Imana yakunze abari mw’isi (bigomba kutubwira ko idukunda jewe na wewe) ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege Yesu-Kristo (kugira ngo apfe kubwo ivyaha vyacu) ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira (Yohana 3.16).
Yesu yaje mw’isi nk’umwana w’uruyoya, se na nyina kuri iyi si bari Yosefu na Mariya ; yavukiye mu ruhongore rw’inka, bamuryamika mu bwato inka ziriramwo.
Yakuriye kwa Yosefu na Mariya kandi yarabagamburukira. Yari afise abavukanyi bakina, yarafashije Yosefu aho yakorera mw’ibaziro.
Igihe Yesu yari amaze gukura, yarigishije abantu ivyerekeye Se wo mw’ijuru, kandi abereka ko Imana ibakunda. Yarakijije abarwaye, araremesha abababaye, yari umukunzi w’abana kuko Yarakunda cane ko bagumana na we, Kandi akabafatira umwanya. Abana barakunda Yesu kandi barakunda kuba hafi yiwe. Bamwe ntibakunda Yesu na gato, baramugirira ishari, mbere bakagera aho bamwanka cane ; bakamwanka urunuka kugeza naho bashaka kumwica. Umusi w’urupfu rwiwe warashitse, baramwica bamubamvye ku musaraba. Yesu nta kibi na kimwe yari yarakoze, yategerezwa gupfa kubwacu kubera ko twebwe (jewe na wewe) twari twarakoze ivyaha.
Inkuru ya Yesu ntiherana n’Urupfu rwiwe, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye. Abigishwa biwe baramubonye, mu nyuma yo kuzuka kwiwe ariko aca asubira kuduga mw’ijuru.
Uyu musi rero, arashobora kukubona no kukwumva. Arazi ivyawe vyose, kandi arakwitwararika. Mubwire ingorane zawe, Ariteguye kugufasha. Ushobora kwunamika umutwe wawe ukamubwira, igihe ico ari co cose, aho uba uri hose. Umusi umwe, azogaruka! Azogaruka kujana abamwizera, abajane mw’ijuru.