Ubutumwa

KUMENYA AMAYERI YA SATANI TUMURIKIWE N’IJAMBO RY’IMANA Intumbero ya Bibiliya Yera si ugushimikira kuri satani n’ibikorwa vyiwe, ariko turasanga muri Bibiliya ibintu vyinshi vyerekana uko Satani ameze hamwe n’ingene akora. Satani yahoze ari umumarayika, mu nyuma agarariza Imana yamuremye, yipfuza kuba nka yo. Ibikorwa vy’umwijima vyo mu bwami bwa Satani si bishasha. Bisa n’ivyo yamye agerageza gukora kuva kera kugira ngo ahangane n’ubwami bw’Imana. Agerageza kwerekana ibihushanye n’ivyo Imana iba iriko irakora ibicishije kuri Mpwemu Yera.

Ubukiriro 6 minutes

Bibiliya iraduha icitegererezo c’urugo rwiza, rukomeye mu buryo rutunganijwe, kandi ruhimbaye, ata cuka kibi kiri muri rwo. Urugo rurashobora kuba ikibanza c’umwumvikano no kubumbwa n’ivyo bafise, canke ahantu h’uruhagarara n’umubabaro. Mbega urugo rwawe rurimwo umunezero, rurakomeye, kandi rurashobora guhagarara mu bihe vy’ibihuhusi vy’ubuzima? Urugo ni ikintu gihambaye mu vyo imibano. Rwashizweho n’Imana kugira ngo ruduteze imbere mu buryo bw’impwemu, ruduhe umunezero wo mu bigumbagumba n’ivyo umubiri wipfuza. Umugambi w’Imana wamye ari uko abagize umuryango botegerejwe kuzana umunezero hagati yabo, kugira ngo imiryango ibe mu mwumvikano.

Umuryango 6 minutes

« Amahoro, amahoro ari hehe— mu bihugu vyacu, mu ngo zacu, kandi ikiruta vyose mu mitima yacu n’ivyiyumviro vyacu ?» Aya marira yo kwihebura yarumvikanye kuva kera. Mbega ayo marira yoba ari no mu mutima wawe? Abantu bararemerewe kandi barahagaritse imitima. Ata gukekeranya, harakeneye inzira n’impanuro, umutekano kandi n’icizere. Turakeneye kandi turagomba amahoro yo mu mutima. Amahoro yo mu mutima — mbega ubutunzi! Mbega ubwo butunzi bwoboneka mw’isi yuzuyemwo umuryano no kwihebura, uruhagarara n’amarushwa?

Amahoro 4 minutes

Mbega uruzi ko hariho igitabu gisigura uko isi yatanguye? Amajambo atangura muri ico gitabu ni aya: “Mu ntango Imana yaremye ijuru n’isi.” Amajambo akurikira ayo, atubwira ingene isi yaremwe, n’ivyerekeye umuntu yatanguye kubaho ubwa mbere kw’isi n’umugore wiwe. Ntikitubwira gusa intango y’ibihe, ariko kandi kiratubwira n’ibizoba inyuma y’ububuzima. Muri ico gitabu, turasoma ingene dutegerezwa kubaho kugira ngo twitegurire ubuzima bw’inyuma y’urupfu. Iki ni igitabu ca kera canditswe mu myaka ishika hafi 1500 n’abanditsi 40 batandukanye. Banditse ivyo Imana ibabariye. Imana yaribwiye abanditsi baco iyo ari yo. Umwanditsi w’igitabu c’Itanguriro, ari co ca mbere, yanditse ivyerekeye irema hamwe n’umwuzure warengeye isi.

Ejo Hazaza, Ijuru 3 minutes

Mu ntango Imana yariho. Yaremye isi hamwe n’ibiri kuri yo vyose. Mu rukundo rwayo Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo, imushira mw’itongo ryiza. Umuntu agarariza ivyo Imana yamutegetse. Ukwo kugarariza cabaye icaha kimutandukanya n’Imana. Ica ibabwira ko bazokwama batanga ikimazi c’igitungwa kikiri gito ku bwo ivyaha vyabo. Ivyo bimazi ntivyakuraho ivyaha vyabo, ariko cari icijiji c’ivyari bigiye kuba, vy’aho Imana yari igiye gutanga ikimazi kiruta ibindi. Umusi umwe Imana yari igiye kuzorungika Umwana wayo Yesu Kristo kw’isi, kugira ngo abe ikimazi kiruta ibindi kubwo ivyaha vy’abantu. Mariya n’Umumarayika

Yesu, Color 3 minutes

Woba warigeze kuraba hirya no hino ugatangazwa n’ingene ibintu vyose vyatanguye? Hari ibikoko vyinshi, inyoni, ibiti, hamwe n’ibimera vyose kw’isi. Mbega vyavuye hehe? Mbega ni ho vyamye igihe cose? Mbega ku muntu we vyagenze gute? Niwirabe ubone ingene umubiri wawe ukora. Ukoresha amaso yawe ukabona, amatwi yawe ukumva, kandi amaguru yawe n’amaboko aragufasha gukora ibintu n’ukuja aho ashaka. Mbega ibi vyapfuye gushika uko, canke vyakozwe n’umuntu umwe ?

“Ni nde muri mwebwe afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza aho ayibonera? Iyo ayibonye, ayiterera ku bitugu, anezerewe; Kandi igihe ashitse mu rugo, agahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababwira ati: “Tunezeranwe, kuko ndabonye intama yanje yari yazimiye.” (Luka 15:4-6).

Hari uburyo Umukristo yambara bugashingira intahe ubukristo n’umuhamagaro wiwe. Paulo yandikira Abo i Filipi ati: “Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bwiza bwa Kristo” (Abo i Filipi 1:27). Inyambaro y’umuntu rero, ni nk’idirisha ryerekana uko ushobora kubona umutima wiwe. Inyambaro kandi irerekana agaciro yiha ubwiwe, Ikerekana kandi umuyobozi w’ubuzima bwiwe canke uwo akorera. Intumbero y’Imana ni uko umwana w’umuntu yambara akikwiza, atari ugupfa uko yifashe. Abigishwa b’ukuri ba Kristo na bo baribonekeza kubwo inyambaro yabo ibaranga.

Imico 3 minutes

Ubutumwa Bwiza bwa Yohana 4:3-42 butubwira ko hariho uwuzi vyose kuri twebwe, ivyiza ndetse n’ibibi. Akenshi tugomba guhisha ibibi twakoze kera mu buzima bwacu, ariko ntidushobora kubihisha Yesu. Yesu yaje kudukiza igihano cari kuri twebwe kubwo ibibi twakoze. Ashobora kudukurako umutwaro uremereye imitima yacu akaduha amahoro. Yapfuye kugira ngo adukureko ivyaha , ngo dushobore kuronka ikibanza co kuzobamwo mw’ijuru ni twamara gupfa. Yesu ni we abaha ivyo mukenera vyose akishura n’ibibazo vyanyu vyose. Yipfuza kubabera umugenzi. Yipfuza kubaha ico imitima wanyu yipfuza. Ashobora kuzana amahoro n’ituze ahari ubwoba no guhungabana.

Yesu, Urukundo, Ivangeli, Color 3 minutes