Mbega mwoba mufise umunezero? Ubwoba n’ijwi ribagiriza ikibi mu mutima birashobora kubanyaga umunezero? Murashobora kwibaza muti: « Mbega ni gute twosubira kuronka umunezero? » Ndabafitiye inkuru nziza ! Hariho umuntu ashobora kubafasha; ashobora kubaharira ivyaha vyanyu, maze akabaha umunezero wamaho. Izina ryiwe ni Yesu. Reka ndamubabwire.
Se wiwe ni Imana yaremye isi n’ibiri kuri yo vyose. Yaraturemye, jewe namwe. Imana iradukunda, kuko yakunze cane abari mw’isi bose, kugeza n’aho irungika Yesu, Umwana wayo w’ikinege kw’isi. Mu buzima bwiwe bwo kw’isi, Yesu yarakijije abarwaye, kandi yararemesheje abagowe. Yarahumuye impumyi, kandi yarigishije abantu ibintu vyinshi. Yesu yagomba yuko dutahura urukundo rwishi Imana Data ifitiye jewe namwe.
Mu gusigura urukundo rwa Se, Yesu yakoresheje inkuru ikurikira mushobora gusoma mu Butumwa Bwiza uko bwanditswe na Luka, igice ca 15, umurongo wa 11 kugeza ku wa 24. Habaye umuntu yari afise abahungu babiri. Yibwira wewe yuko vyose bigenda neza. Umusi umwe, umuhererezi aramugarariza, amubwira ati: «Jewe sinkunda i muhira, kandi ndarambiwe no kuba hano mu muryango; nshaka kwifatira inzira yanje. Nta co bimbwiye, mpereza iragi ryanje notoranye. » Se wiwe, n’umubabaro mwinshi, yaciye amuha amahera, hanyuma aramureka aragenda, yibaza yuko atazopfa asubiriye kubona umwana wiwe. Uyo muhungu agenda kwinezereza muri ya mahera, hamwe n’abagenzi biwe. Asesagurira amahera yiwe mu buhumbu. Yarinezereza cane kugeza umusi ata n’ifaranga na rimwe yasigaranye; kandi na ba bagenzi biwe bose baca baramuheba. Maze asigara wenyene akenye, mbere atangura gufutana. Yibaza ati none ubu nkore iki? Aca ahitamwo kuja gushumbira umuntu wo muri ico gihugu yorora ingurube. Uyo na we amurungika mw'itongo ryiwe kuragira ingurube. Ntibamuha ivyokurya bikwiye. Arasonza cane, kugeza n’aho asigara yipfuza guhazwa n'ibishishwa ingurube zarya.
Maze atangura kwiyumvira ibibi vyose yakoze, n’ingene atubashe se. Uko yavyiyumvira ni ko yarushiriza kubura amahoro.
Umusi umwe, yaributse urukundo se yahora amwereka, n’ingene yamumara ubukene bwose akiba i muhira; mbere ko n’abacangero ba se barya bagasigaza. Maze yisubiyemwo aribwira ati: Mbega yemwe biracashoboka ko nosubira kwa data inyuma y’ivyo nakoze vyose? Mbega azosubira ankunde? Singikwiriye kwitwa umwana wiwe. Napfume angira umucangero wiwe ndavyiteguriye hamwe yokwemera kunyakira. Ubwo nyene, aca ava hasi afata inzira ija i muhira kwa se. Yagomba kumenya ko se yoba akimubabarira. Se yagumye yipfuza icomuha agasubira kubona umwana wiwe kuva umusi yatandukana na we. Yaguma yibaza kenshi na kenshi ati׃ «Mbege yemwe ubwo umwana wanje azogaruka? » Umusi umwe, uyo muvyeyi abona umuntu akiri kure, aje atumbereye urugo rwiwe. Aribaza ati: « Mbega yemwe urya yoba ari wa mwana wanje? » Amaze kumenya ko ari wa muhungu wiwe agarutse, arirukanga aja kumusanganira, amugwa mu nda, aramugumbira. Wa muhungu aramubwira ati: «Data, naragucumuyeko. Singikwiriye kwitwa umwana wawe. » Maze se abarira abashumba biwe ati: «Nimuzane ningoga umwambaro uruta iyindi, muwumwambike; mutegure inzimano y’umusi mukuru, turye tunezerwe! Umwana wanje yari yarazimiye, none aragarutse!
Twese rero tumeze nk’uyo mwana; twese twari twaragiye kure y’Imana Data wa twese. Twarononye amahirwe twaronse turayatakaza hamwe n’imihezagiro yari yaraduhaye. Twabayeho twikunda gusa kugeza n’aho tumugarariza. Uwu musi, Data wa twese wo mw’ijuru aradutumira kuza kuri Yesu. Atwiteganye igishika cinshi. Yesu yatweretse urukundo rwiwe mu gutanga ubugingo bwiwe kw’ikimazi c’impongano y’ivyaha vyacu; mugabo si iyo ivyacu twenyene, ariko ni iyo ivyaha vy’abari mw’isi bose. Yesu yarababajwe cane, arakengerwa, yemera kubambwa n’abanyavyaha ku musaraba. Kubw’ubushobozi bw’Imana, yarazutse mu bapfuye, kandi yamaho ibihe bidashira. Kaze kuri Yesu umusabe aguharire ivyaha vyawe. Iyo abonye ko wihanye ivyaha vyawe, araguharira, kandi akakwoza ivyaha vyawe kubwo amaraso yavuye ku musaraba. Mbega ibintu vyiza vy’igitangaza!
Muca muhinduka, mukaba abantu bashasha. Ubuzima bwanyu buca bufata intumbero nshasha. Ijwi ryabarega ikibi hamwe n’ubwoba vyari mu mitima yanyu Yesu abisubiriza umunezero n’amahoro, agaca aba Umukiza wanyu.