« Amahoro, amahoro ari hehe— mu bihugu vyacu, mu ngo zacu, kandi ikiruta vyose mu mitima yacu n'ivyiyumviro vyacu ?» Aya marira yo kwihebura yarumvikanye kuva kera. Mbega ayo marira yoba ari no mu mutima wawe?
Abantu bararemerewe kandi barahagaritse imitima. Ata gukekeranya, harakeneye inzira n'impanuro, umutekano kandi n'icizere. Turakeneye kandi turagomba amahoro yo mu mutima.
Amahoro yo mu mutima — mbega ubutunzi! Mbega ubwo butunzi bwoboneka mw'isi yuzuyemwo umuryano no kwihebura, uruhagarara n'amarushwa?
Ukurondera gukomeye kurabandanya! Abantu benshi barondera amahoro mu kuba ivyamamare no kuronka itunga, mu kwinezereza no kurondera icubahiro, mu kwiga no kurondera ubumenyi, mu kugira abagenzi benshi no kurongora. Ivyipfuzo vyuzuye mu mitwe yabo n'ubwege bwabo no kwiruka inyuma y'ubutunzi, ariko imitima yabo ntihaga. Abandi na bo bakarondera guhunga ivyo bahura na vyo mu buzima bwabo mu kunywa ibiyayuramutwe n'ibiboreza, ariko amahoro barondera ntibayashikire. Bagumana inyota kandi bakumva ko bari bonyene, bakaguma mw'isi y'amarushwa kandi bafise amagorwa mu mitima.
Umuntu ari mu kaga
Imana yaremye umuntu imushira mw'itongo ryiza kugira ngo abe mu mahoro yuzuye, umunezero no kumererwa neza. Ariko igihe Adamu na Eva bagarariza Imana, ubwo nyene baciye biyagiriza icaha. Aho bahora bipfuza kugenderwa n'Imana, ico gihe baciye bayinyegeza kubera isoni. Ukwiyagiriza n'ubwoba ni vyo vyasubiriye amahoro n'umunezero bari bafise. Icaha c'umuntu ni co cabaye inyanduruko y'imibabaro mw'isi — n'imibabaro yo mu mutima.
Naho imtima yacu yipfuza Imana, kamere yacu y'icaha igarariza inzira zayo. Izi ntambara zo mu mutima zitera guhagarika umutima n'umubabaro. Mu gihe natwe, nk'uko vyashikiye Adamu na Eva, mu vyipfuzo vyacu n'ivyo tugomba kugerako ari ukwikunda, bitugeza ku guhagarika imitima n'uguhungabana. Uko twikunda cane, ni ko turushiriza kuba mu magorwa. Kutamenya ibishobora gushika mu buzima n'ibihindagurika, bituma isi yononekaye ihungabanya umutekano wacu kandi ikatubuza amahoro.
Naho utoshobora kubimenya canke kubitahura, icaha kirashobora kuba impamvu yo kutamererwa neza. Abantu benshi baragerageza kurondera amahoro hirya no hino no mu bintu bitandukanye. Bagiriza isi yuzuyemwo amarushwa ko ari yo soko y'amagorwa yabo, ariko ntibarabe mu mitima yabo.
Yesu Kristo Umwami w'amahoro
Nta mahoro ashobora kuboneka mu gihe ibigize ubuzima vyose bituzuye n'uwaturemye kandi adutahura. Ibi na vyo bishoboka gusa igihe twiyeguriye Kristo. Uwo, uretse kuba ari Umwami w'isi yose, ni na we kandi azi ubuzima bwacu kuva mu ntango gushika kw'iherezo. Yaratwiyumviriyeko igihe yaza mw'isi « ngo arasire abicaye mu mwijima no mu gitūtu c’urupfu, Arōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.» (Luka 1:79).
Yesu azana umuco ahari umwijima, n'amahoro ahari umubabaro, n'ubuzima mu gishingo c'urupfu. Avuga muri Yohana 14:27 ati: « Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho sindayabagabira nk’uko ab’isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye. »
Kwihana kuzana amahoro mu mutima.
Iyo wumva uremewe n'icaha, gikurwaho n'« ukwihana, uguhindukira, ivyaha vyawe bigahanagurwa » (Ivyakozwe n'Intumwa 3:19). Yesu aguhamagarira gukora kino kintu cumvikana, guhinduka mushasha mu buzima bwawe. « Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe, ndabaruhura » (Matthew 11:28). 1 Yohana 1:9 hasezerana ngo: « Nitwatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kandi igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.» Woba witeguriye kwitaba ubutumire bwiwe?
Iyo uje kuri Yesu, uraharirwa ivyaha ukaronka umwidegemvyo. Mu gishingo c'umubabaro n'ukudaharirwa, umutima wawe uca wuzura urukundo n'imbabazi. Igihe Yesu aganje mu mutima wawe, uzokunda abansi bawe. Ibi bishoboka biciye mu bushobozi bwo gucungurwa n'amaraso ya Yesu Kristo.
Amahoro ahoraho
Nk'abakristo, ukwizera Imana n'ukwizigira urukundo rwayo ni inyishu ku bwoba no guhagarika imitima. Mbega ingene hari ukuruhuka mu mutima, bizanwa no kwizigira Imana idahinduka kandi yamaho ibihe bidashira. Iradukunda kandi izokwama itwitaho. Kuki none uhagarika umutima kandi wihebura? Niwige gukora nk'uko dusoma muri 1 Petero 5:7, « Muyikorere amaganya yanyu yose, kuko ibababara.» Turafise kandi iri sezerano: « Uzozigama amahoro masa umuntu akwegamikako umutima wiwe, kuko akwizigiye. » (Yesaya 26:3).
Ufise Yesu mu mutima, kubura amahoro biba biheze. Azoguha amahoro n'umutekano bivuye ku kumwizigira. Uzoshobora kuvuga nk'uyu mwanditsi w'iki civugo uti:
Mfise amahoro, aho ata mahoro ari
Umutekano, ahari igihuhusi
Ubwihisho aho mbonana amaso ku yandi
n'Umwami wanje ntumbereye.
-Ralph Spaulding Cushman
Uzoronka amahoro yo mu mutima muri iyi si y'amarushwa menshi. Ugururira Kristo urugi rw'umutima wawe — ubu nyene — maze umusi umwe na we azokwugururira urugi rw'ijuru, aho amahoro yuzuye ahora ibihe bidashira.