Ejo Hazaza

Mu ntango Imana yaremye isi. Yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri, ibikōko n’ibiterwa. Ku musi ugira gatandatu, yaremye umuntu mw’ishusho yayo ica imuhumekeramwo impwemu y’ubugingo. Umuntu wa mbere yabaye Adamu n’umugore wiwe Eva. Imana yarabahaye aho kuba mw’itongo ryiza cane. Imana yarakunda Adamu na Eva na bo bakayikunda. Imana yabwiye Adamu ngo abungabunge iryo tongo. Imana irababwira ko bashobora kurya ku kintu cose nk’uko babishatse, kiretse igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi, kandi ko igihe batoyumvira bakakiryako bazopfa.

Cebuano English French Haitian Creole Hindi Indonesian Japanese Khmer Korean Spanish Waray (Philippines)

13 Ruheshi 2025 in  Ejo Hazaza, Ivangeli, Ijuru, Color 3 minutes