Ubutumwa Bwiza bwa Yohana 4:3-42 butubwira ko hariho uwuzi vyose kuri twebwe, ivyiza ndetse n’ibibi. Akenshi tugomba guhisha ibibi twakoze kera mu buzima bwacu, ariko ntidushobora kubihisha Yesu. Yesu yaje kudukiza igihano cari kuri twebwe kubwo ibibi twakoze. Ashobora kudukurako umutwaro uremereye imitima yacu akaduha amahoro. Yapfuye kugira ngo adukureko ivyaha , ngo dushobore kuronka ikibanza co kuzobamwo mw’ijuru ni twamara gupfa.
Yesu ni we abaha ivyo mukenera vyose akishura n’ibibazo vyanyu vyose. Yipfuza kubabera umugenzi. Yipfuza kubaha ico imitima wanyu yipfuza. Ashobora kuzana amahoro n’ituze ahari ubwoba no guhungabana.
Yesu avuga ati : « Nimuze kuri jewe ………..ndabaruhura » ( Matayo 11:28). Musenge Imana mw’izina rya Yesu, muyisabe kwinjira mu bugingo bwanyu. Mumaze kwihereza iyo Mana nkuru mwizeye, izoca iza kuba mu mitima yanyu, kandi imaze kuza, muzoca mugira umunezero. Azobaha inkomezi n’intumbero mu buzima bwanyu. Azobabera inyishu.
Mwari muzi ko hariho umuntu azi ivyanyu vyose ? Uwo ni Yesu umwana w’Imana azi ivyo mwakoze vyose. Ni we yaremye isi n’ibirimwo vyose. Arazi ivya kahise, kubu na kazoza. Arabakunda kandi yazanywe mw’isi no kubakiza ivyaha. Arafise umugambi ku buzima bwawe uzokuzanira umunezero.
Umusi umwe, Yesu yariko aratembera ari kumwe n’abigishwa biwe, ashika kw’irembo ry’igisagara c’i Samariya. Yesu aca yicara iruhande y’ikinogo bavomamwo amazi kugira ngo abe araruhuka mu gihe abigishwa biwe bari bagiye kurondera ivyo kurya.
Yesu acicaye aho, umugore w’Umusamariyakazi aza kuvoma amazi. Yesu aramubaza ati: « Urashobora kumpa utwo kunywa ? »
Uwo mugore no gutangara kwinshi aramwishura ati : « Uransaba amazi yo kunywa ? Ntuzi ko ndi Umusamariyakazi kandi ata co dusangiye n’Abayuda ? »
Yesu aramwishura yitonze ati : « Iyo uba wari uzi ingabire y’ Imana, ukamenya uwugusavye ngo: Mpa utwo kunywa , uwo ari we, nawe uba umusavye, nawe akaguha amazi y’ubugingo.»
Uwo mugore aramwitegereza atangaye cane aramubwira ati : « Mwami ko ata co kuvomesha ufise, kandi iriba rikaba ari rirerire, none ayo mazi y’ubugingo uyakūra hehe ? »
Yesu aramwishura kandi ati : « Uwunywa kuri ayo mazi wese azosubira kugira inyota, ariko uwunywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota namba gushitsa ibihe vyose ». Wa mugore aca aramubwira ati : « Mwami, mpa rero ayo mazi, sinzogire inyota kandi sinzogaruke kuvoma ino hose. »
Yesu aramwishura ati : « Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino ». Uwo mugore aramwishura ati : « Nta mugabo mfise ». Yesu aramubwira ati : «Uvuze ukuri kuko uvuze ngo nta mugabo ufise, kuko wari ufise abagabo batanu kandi n’uwo ufise ubu si umugabo wawe ».
Uwo mugore aribaza ati : « Uyu mugabo yamenye ivyanje gute ? » Aca aramubwira ati : « Mwami ndabona ko uri umuntu avugishwa n’Imana. Ba sogokuru basengera kuri uwu musozi, ariko mweho muvuga ngo i Yerusalemu ni ho hantu hwakwiye gusengerwa. »
Yesu aramubwira ati : « Nyizera wa mukenyezi igihe kija kuza, si kuri uwu musozi canke i Yerusalemu muzosengera Data, ariko igihe kiza kandi kirashitse ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu Mpwemu no mu kuri »
Nya mugore aramwishura ati : « Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo ; uwo aho azozira ni we azoduserurira vyose. »
Yesu aramubwira ati : « Ni jewe nyene turiko turavugana. » Maze uno mugore asiga umubindi wiwe aho nyene, asubira mu gisagara abwira abantu ati : « Nimuze murabe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose, namba ari we Kristo. » Abantu bava mu gisagara ngo bamusange iyo ari, maze benshi bemera ko ari we Kristo, Umucunguzi, kuko yamenye ivyabo vyose.