Yesu atubwira ko amarembo y'ijuru yugaye kuri twebwe mu gihe tutovuka ubwa kabiri. Kubw'ivyo turakunda kubaza abagenzi canke abanyeshengero ngo: «Mbega mwaravutse ubwa kabiri ?» Mu gihe bitoba ari uko, uzoba warazimiye, kubera Yesu avuga ati : « N'ukuri n'ukuri ndakubwire : iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw'Imana.» (Yohana 3 : 3)
Ushobora kubaza uti : « Mbega kuvuka ubwa kabiri ni iki?» Iki gihe hari ugutahura nabi gutandukanye ku bijanye n'uku kuvuka ubwa kabiri. Si ukubatizwa, kuko bamwe barabatijwe bataravuka ubwa kabiri ( Ivyakozwe 8 : 18-25). Si ukwinjira mw'ishengero, kuko hariho bamwe bamwe banyegeteye mw'ishengero mu mpisho (Ab'i Galatiya 2 :4). Si ukuja ku meza y'Umwami, kuko bamwe barya ingaburo y'Umwami uko bitabere bikabazanira gutsindwa n'urubanza (1 Korinto 11 : 29). Si uguhindura ubuzima mu kugerageza kubaho neza, kuko vyanditswe ngo: «Mushishikare guca mw'irembo ripfunganye : Ndababwira yuko benshi bazogomba kuricamwo ntibabishobore. » (Luka 13 : 24). Si ugusenga cane, kuko Yesu avuga ati: « Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, ariko imitima yabo iri kure yanje. » (Matayo 15 : 8).
Umuntu ashobora kwibwira ati: Ngerageje gukora ivyo nshoboye vyose: ngafasha aboro, nkagendera abarwaye, nkaba umuntu mwiza imisi yose, kubw'ivyo noca mba umuntu mushasha, nkaba mvutse ubwa kabiri. (Matayo 25 : 41- 45)
Oya si ko biri! Ntidushobora kuba ico tudasanzwe turi: «Kuko kwitwararika ivyo umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n'Imana kandi kudashobora kuvyumvira.» (Abaroma 8 : 7). Dutegerezwa guhinduka mu mutima, kubera ko Imana icishije mu bavugishwa bayo yavuze iti: « Kandi nzobaha umutima mushasha, mbashiremwo impwemu nshasha, nzokura umutima ukomeye nk'ibuye mu mibiri yanyu, mbahe umutima woroshe nk'inyama.» (Ezekiyeli 36 : 26).
« None ukuvuka ubwa kabiri ni iki? ». Ukuvuka ubwa kabiri ni uguhinduka mu mutima, umuntu agaheba kwinezereza ubwiwe; ariko agakorera Imana. Ivyo biva mu kwicuza ku vyaha umuntu aba yarakoze, hanyuma biciye ku kwizera agahindukirira Yesu Kristo kugira ngo amuharire ivyaha vyiwe. Umwana avutse, agira ubuzima bushasha bwo mu mubiri. Aba ari umuntu mushasha mu mubiri. Ni ko bimeze n'igihe tuvutse ubwa kabiri, turonka ubuzima bushasha muri Yesu Kristo. Ivyo rero ni vyo twita kuvuka ubwa kabiri, canke kugira ubuzima bushasha bwo muri Yesu Kristo. Bibiliya ivuga iti: «Umwami Imana ntatebeje isezerano ryiwe, uko bamwe biyumvira ko aritevya. Ariko yihanganira mwebwe, ntagomba ko hagira abahona, ariko agomba ko bose bihana.» (2 Petero 3 : 9)
«Mbega ni ryari nokwitega ukuvuka ubwa kabiri ?». Ivyanditswe bivuga ngo: « Nuko, nk'uko Mpwemu Yera avuga ati: uwu musi aho mwumvira ijwi ryayo. » (Abaheburayo 3 : 7). Ivyo bisigura ko ku myaka iyo ari yo yose umuntu yoba amaze, mu mwanya uwo ari wo wose, canke ahantu aho ari ho hose ashobora kuvuka ubwa kabiri kubwa Mpwemu Yera igihe cose yitavye umuhamagaro w'Imana.
« None ivyo kuvuka ubwa kabiri vyofata umwanya ungana gute? Mbega kuvuka gushasha ntigushobora kugenda kuraba umuntu uko aba ariko arakura? » Oyaye, tuvukira mu bwami bw'Imana, ivyo bigatuma tuba abana b'isezerano. « Ariko ko turi abana bayo, turi abaragwa b'Imana, turi abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we » (Abaroma 8:17). Ivyo bishika igihe uhevye vyose, ukaza ku Mwami Yesu kugira ngo aguharire.
« Ni gute, kandi ni ryari turonka ukwo kuvuka ubwa kabiri ? ». Imana iraba mu mutima, ikongera ikaraba ko umuntu abigomba vy'ukuri. Ica iza iciye muri Mpwemu Yera, ikadushiramwo Impwemu yayo ( Zaburi 51 : 12). Aho rero, ugaca uvuka ukundi gushasha biciye ku kwizera, ukaba icaremwe gishasha muri Yesu Kristo (2 Korinto 5 : 17).
Mu gusozera, wokwibaza uti: « Mbega ni gute nomenya ko navutse ubwa kabiri ?». Paulo yigishije ati: « Ariko iyo umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ari uwiwe.» Abaroma 8:9 Bibiliya yigisha ko abazimiye baba barapfiriye mu vyaha, kandi bagira muri bo ijwi ribagiriza ikibi. Bitwararika kamere y'umubiri, nta vyizigiro bagira, ntibumvira, kandi nta n'Imana bagira mw'isi. Yamara umukristo yavutse ubwa kabiri ni umwana w'Imana, aba ari muzima muri Kristo, yakijijwe, ata gutsindwa n'urubanza, ata n'ijwi rikimwagiriza ikibi, yuzuye Mpwemu n'ukwizera; akagira n'ivyizigiro vy'ubugingo budashira. Ivyaha vyiwe biratwikirwa n'amaraso ya Yesu. Urukundo n'amahoro y'Imana aruta uko yomenywa n'umuntu wese vyuzura umutima wiwe. Agaca akunda, kandi akipfuza gushitsa ubugombe bw'Imana, mbere akaronka n'ububasha bwo kubushira mu ngiro. Agira ivyizigiro birengana imva, akizigira kuzoja kwibera mw'ijuru.
« Mbega umuntu yohinduka muri ubwo buryo ariko ntashobore kumenya ivyamubayeko ? » Vyoba bigoye gutahura kubera: « Mpwemu ubwiwe abwiririkanya n'impwemu yacu, ari icabona, yuko turi abana b'Imana. » (Abaroma 8:16)
Nimba utarabona amahoro n'umunezero bitangwa n'ukwo kuvuka ubwa kabiri mu mutima, ntube ngaho ata co winona mu mutima, kuko woba uriko urakinisha Imana n'ubugingo bwawe. None rero utegerezwa kuvuka ubwa kabiri.