Yesu ni we abaha ivyo mukenera vyose akishura n’ibibazo vyanyu vyose. Yipfuza kubabera umugenzi. Yipfuza kubaha ico imitima wanyu yipfuza. Ashobora kuzana amahoro n’ituze ahari ubwoba no guhungabana. Yesu avuga ati : « Nimuze kuri jewe ………..ndabaruhura » ( Matayo 11:28). Musenge Imana mw’izina rya Yesu, muyisabe kwinjira mu bugingo bwanyu. Mumaze kwihereza iyo Mana nkuru mwizeye, izoca iza kuba mu mitima yanyu, kandi imaze kuza, muzoca mugira umunezero. Azobaha inkomezi n’intumbero mu buzima bwanyu. Azobabera inyishu. Yesu acicaye aho, umugore w’Umusamariyakazi aza kuvoma amazi. Yesu aramubaza ati: « Urashobora kumpa utwo kunywa ? »
7 Nyandagaro 2024 in Yesu, Urukundo, Ivangeli, Color 3 minutes
Imana ni yo yaremye isi n’ibiyuzuyemwo vyose, ni Umwami w’ijuru n’ isi. Ni we aha ubugingo n’impwemu ibiremwa vyose. Yesu yaje mw’isi nk’umwana w’uruyoya, se na nyina kuri iyi si bari Yosefu na Mariya ; yavukiye mu ruhongore rw’inka, bamuryamika mu bwato inka ziriramwo. Uyu musi rero, arashobora kukubona no kukwumva. Arazi ivyawe vyose, kandi arakwitwararika. Mubwire ingorane zawe, Ariteguye kugufasha. Ushobora kwunamika umutwe wawe ukamubwira, igihe ico ari co cose, aho uba uri hose. Umusi umwe, azogaruka! Azogaruka kujana abamwizera, abajane mw’ijuru.
6 Nyandagaro 2024 in Yesu, Urukundo, Ubufatanye, Kwigunze, Color 2 minutes