Urugo ruhiriwe
Bibiliya iraduha icitegererezo c'urugo rwiza, rukomeye mu buryo rutunganijwe, kandi ruhimbaye, ata cuka kibi kiri muri rwo. Urugo rurashobora kuba ikibanza c'umwumvikano no kubumbwa n'ivyo bafise, canke ahantu h'uruhagarara n'umubabaro. Mbega urugo rwawe rurimwo umunezero, rurakomeye, kandi rurashobora guhagarara mu bihe vy'ibihuhusi vy'ubuzima?
Urugo ni ikintu gihambaye mu vyo imibano. Rwashizweho n'Imana kugira ngo ruduteze imbere mu buryo bw'impwemu, ruduhe umunezero wo mu bigumbagumba n'ivyo umubiri wipfuza.
Umugambi w'Imana wamye ari uko abagize umuryango botegerejwe kuzana umunezero hagati yabo, kugira ngo imiryango ibe mu mwumvikano.
Kubera iki ingo zimwe zimwe zitanezerewe ?
Kubera iki rero ingo nyinshi zitanezerewe ? Kubera iki zisambuka kubera ukutumvikana, gutandukana no kwahukana? Ni kubera yuko bakengereye ukurongorwa n'Imana. Mw'Ijambo ryayo habonekamwo ibikenewe vyose ngo urugo rubemwo umunezero. Ingo zubakiye kw'ijambo ry'Imana ni ahantu h'urukundo, ho kwizigirana, ho kwizerana, ho kwitanaho n'ukutikunda, bagafashanya hagati yabo. Ingo nk'izo zizozana umunezero mu buzima kandi zirinde imiryango n'ibihugu. Mbega woba ukurikira umugambi w'Imana, umwubatsi mukuru w'imiryango?
« Uhoraho iyo atari we yubaka inzu, abayubaka baba baruhira ubusa. » (Zaburi 127:1).
Mu buto, ni ho umushinge wa kazoza k'imiryango yacu wubakwa. Ubuzima bwejejwe imbere y'Imana ni ikintu gihambaye mu kwitegurira kwubaka urugo. Ivyaha bikorwa imbere y'ubukwe birica inyifato nziza kandi bironona kazoza k'umuryango. Ukwikunda n'ugukunda kwinezereza mu buto bwacu ni vyo bituma haba kwononekara kw'ingo. Igitigiri kinini c'abahukana ni co kivyemeza. Ivyo vyaha rero abantu bakwiye kuvyihana, kugira ngo bashobore kuronka ubugingo bushasha bwo muri Kristo. Akahise rero karashobora guhambwa kakibagiranwa, maze Imana na yo igaca yinjira n'imihezagiro yayo.
Urugo rutangura igihe umugabo n'umugore bafatanijwe mu mubano w'abubakanye. Bibiliya ivuga ko dukwiye kwubakana « n'uwuri mu Mwami wacu » (1 Abo i Korinto 7:39). Ivyo bisobanura ko umugabo n'umugore bompi bategerezwa guha Imana ubuzima bwabo n'ubugombe bwabo. Imana itegerezwa guhabwa ikibanza ca mbere. Igihe umugabo n'umugore bubakanye umwe wese atikunda, bashobora kunezeranwa hagati yabo.
Kwubakana mu Mwami wacu
Kwubakana « mu Mwami Yesu » ntibivuga gusa ko umugabo n'umugore ari Abakristo, ariko kandi n'Umwami Yesu ararongora umwe wese muri bo. Ivyo akameremere kabo gahahamiye n’ivyo kipfuza ni intango mbi ku bubakanye. Mu gihe ibi ari vyo rufatiro rw'urukundo hagati yabo, harashobora kuba ukwicuza n'amatati inyuma y'ubukwe. Mu gihe twizigiye ko Imana ari yo iturongora mu guhitamwo kwacu, ubwenge bwayo ni bwo budutegekaniriza umufasha dukwiranye. Umugambi wayo si uwo uno musi gusa, ariko kandi ni n'uwo mu myaka iri imbere. Umwami Yesu ashobora gutoranya abantu badakunda bimwe kandi batandukanye mu nyifato yabo kugira ngo bazoshobore kuba umwe buzuzanye. « Bompi bakaba umubiri umwe. » (Mariko 10:8).
Kugira ubukwe bisobanura ukubana ubutakivana, ariko si amazerano afatiye ku vy'amategeko gusa. Yesu yatanze itegeko mu buryo bwumvikana ati: « Nuko ico Imana yamatanije, umuntu ntazokimature. » (Matayo 19:6).
Urutonde Imana yashizeho
Urugo ubwarwo rugize umubano mutoya, kandi nk'uko biri mu kibano kanaka, ukugabura ibikorwa ni nkenerwa. Muri Bibiliya, Imana yaraduhaye urutonde rw'uko ibintu bitegerezwa kugenda. Ni icitegererezo c'ububasha, kandi iyo gikurikijwe neza bizana urutonde n'ukumererwa neza mu rugo. Muri urwo rutonde, igikorwa gikuru gisabwa umugabo, hagakurikira umugore, hanyuma abana. (Soma kandi 1 Abo i Korinto 11:3 na Abanyefeso 5:22-24). Iyo Imana ishinze kandi ikemeza ikintu, gica cubahwa na bose. Ukutumvira urwo rutonde kwose bivamwo umubabaro ku rugero bikwiranye. Ku rundi ruhande, ihezagira abayumvira bakayubaha, ikabaha umunezero n'ubuntu.
Mu kwubakana, umugabo n'umugore baba bafatanijwe ngo babe umwe; muri ubwo bumwe, umwe wese akagira ivyo ajejwe n'ivyo asabwa gukora. Umwe wese arakeneye uwundi mu bikorwa vyabo bitandukanye n'ivyo umwe wese asanzwe ashoboye, kugira ngo urugo rwabo rwuzure. Umwe muri bo ategerezwa kuba umurongozi, kandi Imana yahaye ico kibanza umugabo. « Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ari umutwe w’ishengero, akaba Umukiza waryo » (Abanyefeso 5:23, 25). Urukundo nk'urwo rushingiye ku mutima wo kwitanga. Ni urukundo rwo kubabarana rutuma umugabo afata neza umugore wiwe, «ari wo mubiri wiwe. » (Abanyefeso 5:28). Umugabo afise urukundo ntiyigera akengera umugore wiwe. Ahubwo aramwizigira kandi akamusaba impanuro, akamugira umufasha w'ukuri kubera amukunda.
« Namwe bagore ni uko, mugamburukire abagabo banyu » (1 Petero 3:1). Igihe umugore yemeye kurongorwa n'umugabo wiwe mu rugo, nk'uko na we yubaha Kristo, urwo rugo ruzoba nk'ubwihisho burimwo amahoro n'umunezero. Abanyefeso 5:33 havuga ngo: « Umugore na we niyubahe umugabo wiwe ». Ukugarariza iyi ngingo ngenderwako bizana umubabaro mwinshi mu ngo za kino gihe. Ukutubahiriza iyi ngingo ngenderwako ntibizana amatati mu buzima bw'umuryango gusa, ariko kandi bitera n'intambara zo mu buryo bw'impwemu mu mutima w'umugore.
Ikibanza c'abana
Turakunda kwiyumvira yuko abana batunganye kandi ata caha bagira. Ariko rero, na bo nyene bavukana kameremere y'icaha. Uko umwana akura, ni ko kamere y'ukwikunda ikura kandi ikarushiriza kwigaragaza. Bimuzanira umubabaro ubwiwe hamwe n'abandi, kiretse abavyeyi bamutoje indero imukura muri ukwo kwikunda.
Ico umwana asabwa ni ukwumvira abavyeyi biwe. « Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu; kuko ivyo ari vyo bigororotse. » (Abanyefeso 6:1). Akarorero keza k'uku kwumvira kabonekera mu buzima bwa Yesu akiri umwana. « Amanukana na bo, aja i Nazareti, yama abumvira » (Luka 2:51). Mu gihe icagezwe co kwumvira abavyeyi gishizwe mu ngiro, kandi kigakurikizwa mu muryango, abavyeyi n'abana baba mu munezero mwinshi, kandi urugo rurushiriza kuba mu munezero.
Mu gihe urutonde rw'Imana rwubahirjwe, abavyeyi bazobaho kubwo abana babo, abana na bo babeho kubwo abavyeyi, kandi bose bazobaho kubwo Imana. Ingo nk'izo zizobera umugisha ikibano tubamwo kandi zihe agaciro ibihugu vyacu.
Urwaruka rwinshi rwihaye kunywa ibiyovyabwenge, ibiboreza n'ukujana n'ibigezweho, hamwe n'ibinezereza vy'isi. Batwarwa n'ivya kino gihe bihindagurika vyihuta, birwanya akarangamutima n'imico myiza. Mu gihe kanaka, akarangamutima n'imico myiza biratanga urugero rw'ubuziramugayo no kudahindagurika mu kibano cacu. Kubura umutekano n'umunezero mu ngo, mbega vyoba ari vyo ahanini bitera uruhagarara n'umubabaro mu rwaruka ? Mbega mwokora iki kuri ivyo? Mbega vyoba biragushikira ukiyumvira ko gutunganya urugo rwawe biva kuri wewe no kwumvira Imana mu mutima?
Kristo ni we mushinge
Nimba twipfuza kwubaka ingo zikomeye kandi zihiriwe, Yesu Kristo ategerezwa kuba ari we mushinge. Imvura y'isengenya n'ibihuhusi bizorwa kuri zo, ariko zizoguma zihagaze kubwa Kristo (Matayo 7:24-27). Azoturongora, aduhe inkomezi, adutere intege bitume ingo zacu zimererwa neza kandi zibemwo umunezero muri iyi si mbi kandi y'urwanko. Yesu yiteguriye kuza mu ngo zacu. Aravuga ati: « Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. » (Ivyahishuriwe Yohana 3:20). Ubwa mbere, araramutsa ku rugi rw'imitima yacu, hanyuma akaramutsa ku rugi rw'ingo zacu. Mbega turamwemerera ko yinjira?
Urugo rw'umunezero ruhera mu mitima yacu. Ntidushobora kugira amahoro y'ukuri mu ngo zacu tutagira amahoro mu mitima yacu. Intsinzi ya buri musi ku biduhagarika imitima n'ibitubabaza ishobora kuba iyacu igihe twizigiye Imana. « Uzozigama amahoro masa umuntu akwegamikako umutima wiwe, kuko akwizigiye. » (Yesaya 26:3).
Umuryango wubaha Imana, uzosengera hamwe kubwo imitima yabo, urugo rwabo, n'ivyo ikibano gikeneye. Gusenga gufataniriza hamwe umuryango. Nk'uko bivugwa ngo: «Umuryango usengera hamwe uguma mu bumwe.»
Niwizere kandi wemere umugambi w'Imana ku buzima bwawe n'urugo rwawe. Niwugururire Kristo urugi rw'umutima wawe. «Uwu musi aho mwumvira ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima yanyu » (Abaheburayo 3:7-8). Umwami Yesu ariteguye guhezagira umutima wawe n'urugo rwawe. Muhindukirire n'umutima wawe wose kandi ugume uri umwizigirwa. Umusi umwe azokwugururira urugi rw'iwacu mw'ijuru, aho umunezero n'amahoro vyuzuye bizogusanganira ibihe bidashira.