KUMENYA AMAYERI YA SATANI TUMURIKIWE N’IJAMBO RY’IMANA
Intumbero ya Bibiliya Yera si ugushimikira kuri satani n’ibikorwa vyiwe, ariko turasanga muri Bibiliya ibintu vyinshi vyerekana uko Satani ameze hamwe n’ingene akora.
Satani yahoze ari umumarayika, mu nyuma agarariza Imana yamuremye, yipfuza kuba nka yo. Ibikorwa vy’umwijima vyo mu bwami bwa Satani si bishasha. Bisa n’ivyo yamye agerageza gukora kuva kera kugira ngo ahangane n’ubwami bw’Imana. Agerageza kwerekana ibihushanye n’ivyo Imana iba iriko irakora ibicishije kuri Mpwemu Yera.
Dusoma mu gitabu co Kuvayo ivyerekeye ububasha bw’abanyamareba bo muri Egiputa bagerageje kwigana ibitangaza Imana yakoresheje ukuboko kw’umusavyi wayo Mose ; mu gitabu ca Yobu na ho Satani agaragara nk’uwagiriye ishari rikomeye ubwizigirwa bwa Yobu, aca amugirira nabi yongera amunyaga ivyo yari atunze vyose kugira ngo amukure ku Mana.
Uburyo Satani akora bwerekanawa n’ibi bintu bikurikira :Ubwoba, Iterabwoba, Gusezeranirwa, umunezero n’icubahiro, agahahirizo, ukwikeka
Ibintu vyambere aza atwereka bisa n’aho umenga birahimbaye kandi birakenewe cane. Nk’akarorero, arashobora kuza akubaza ati : « Mbega wumva ukeneye kumenya ivya kazoza canke kugira ubumenyi abandi badashobora kuronka ? » Arashobora guha umuntu gukiza indwara kurengeye ugutahura kw’abashakashatsi b’abahinga. Ubupfumu n’amareba ni vyo ashira imbere cane, bikajana n’amajambo yo kuvovota kandi adasobanutse canke atumvikana. Yigisha gutoranya imisi imwimwe igafatwa nk’iyidasanzwe hamwe no gutinya imivumo y’ibiharuro bimwe bimwe. Azana ivyiyumviro vyuko hariho impwemu zimwe zimwe zo gutinywa no kwubahwa kubwo ububasha zishobora kutugirako. Satani rero ategesha uwutabaye maso ubwoba bwo gutinya we ubwiwe hamwe n’abadayimoni biwe.
Abantu benshi barafashwe na satani kubwo kuja gusuma urusaku rw’ibintu batazi bijanye n’ubupfumu, amareba, n’ayandi mangetengete ajanye n’ibintu nk’ivyo. Bahavuye bisanga vyoroshe ko bategwa n’impwemu mbi zibagirira nabi cane.
Intumbero ya Satani ni ukwonona no gusambura ukwizera Imana kw’Abakristo. Abakristo barazi neza yuko baronka intsinzi biciye ku kwizera Kristo wenyene. Ivyipfuzo vyo kumenya ibihishijwe no kwipfuza ububasha bukomeye, bituma ibihe bimwe na bimwe umuntu aja muri ivyo bintu vy’umwijima wa Satani. Ariko ukwizera Imana bituma umuntu aruhuka ivyo bintu vy’ibintazi bigatuma kandi yizigira ububasha buva kuri Kristo.
Ivyo bihera mu kugira urusaku canke amatsiko yo kuja mu bintazi bituma umuntu asanga yaboshwe atekewe n’ubwoba, yibaza uko bizohava bimugendera, akagira n’ubwoba bw’ibintu bikomeye, ubwoba bw’abandi bantu n’ubwoba bwa Satani ubwiwe. Ubwo bwoba buratekera umuntu yihaye kuja muri ivyo bintu biteye amakenga. Inyishu Satani avuga ko atanga kuri ubwo bwoba ziranyuranye n’ivyo ukuri. Atanga inkomezi nyinshi iyo umuntu yemeye kuzokurikiza imigenzo imwimwe hamwe n’amategeko yiwe. Satani ababesha ati: “Gutinya impwemu zimwe zimwe bishobora kurwanywa n’ukugira ubushobozi bukomeye cane.” Ico gihe umuntu abigiyemwo aca asanga yinjijwe mu rukurikirane rwo kuba mwiterabwoba ry’ububasha bw’impwemu mbi, aho kugera ku rugero rusumbirije rwo kuronka amahoro, bigatuma ahubwo adashobora gusubiza i kuzimu ibibi bikomeye biva kuri Satani.
Satani yemeza abesha ko ashobora gutanga umutekano, abagiye iwe bawubuze bagaca basigara bipfuza icobakingira ububasha bw’umwijima bwo ku rwego gwo hejuru bwo muri ico kibanza c’ibibi. Ukwo ni kwo ivyo mu bwami bwa Satani bimeze.
Satani umugambi wiwe ni ugusubirira Imana. Yari yaremewe guhimbaza Imana ariko atari uko yohimbazwa. Nta bubasha bukomeye afise kandi ntashobora gutsinda Umwagazi w’Intama w’Imana ; nta mutekano atanga kandi ntiyipfuza ko tumererwa neza .
Ariko ico yama akora ni ukugira ibishoboka vyose ngo ashobore gushira ububasha bwiwe ku bantu, kugira ngo abiganzire. Aragerageza gushiraho ivyotuma hatabaho kwizigira Imana ndetse n’ubwami bwayo, akagerageza gushiraho imigambi mu bantu yogutuma baganzwa na we. Ivyo mukubikora yubaka ibintu bishingiye kwiterabwoba no gutinya ububasha butamenyekana.
Akora ibitangaza kugira ngo abantu mu vyiyumviro vy’imitima yabo bame bamwubaha (2 Kor 11 :14-15). Ingaruka z’uburyo Satani akora ni ukubuza amahoro n’umutekano mu muntu, mu miryango, eka ndetse no mu gihugu. Yifatira abantu, agatuma buzuramwo iterabwoba ku buryo bataba bagishobora kumwiyambura ngo bahunge. Satani ni umururazi, umunyamayeri, inkozi y’ikibi cane kandi umwansi ateye ubwoba ku muntu. Nta co yubaha, ni umubeshi kuko nta kuri na kumwe kuba muri we, kuko ni se w’ibinyoma ( Yoh 8 :44). Ni umwicanyi, ni umusambuzi, ni we soko y’urwanko n’ikibi. Ni umunyakibi cane mu bintu vyose kandi nta ciza na kimwe co gutabara umuntu akora.
Satani ni we soko y’ibibi vyose. Kuri we ntihava ubwicanyi gusa, ariko hava n’ivyaha vy’ububi bwose canke bishisha. Ni we soko y’urwanko, ubwicanyi bwose, gufata ku nguvu abakenyezi n’abana no kubahohotera, gusambura ingo, kutumvikana kwose, ubupfumu n’uburozi, gukengerana kwose. Anezerwa no guteza ubwicanyi buvuye ku kibi n’umubabaro, ubwicanyi ku nzirakarengane zigwa mu maboko y’abantu bononekaye kandi biyemeje gukora ibibi. Nta kigongwe n’imbabazi agira. Imibabaro y’umuntu nta co imubwiye.
Gusesa amaraso n’urupfu ni vyo bintu akoresha kugira ashobore kurangura imigambi yiwe. Yaje kwiba « kwica no gutikiza » (Yoh 10 :10).
Iherezo rya Satani ryaramaze gushingwa, ni mu muriro utazima yateguriwe hamwe n’Abamarayika biwe ( Mat 25 :41). Anezerwa no kuronka abantu benshi kugira ngo bazobabazanywe na we. Arabizi neza ko ashobora kubaronka abanje kubabuza ukwizera no gusambura ukwizera bafise mu Mana. Ivyo abikora mu kugwanya bimwe biboneka ijambo ry’Imana, no gushira abantu mu kuba akazuyazi, no kubateza kwanjanjwa no kuba Abakristo bemera ivyo ari vyo vyose.
Hariho uburyo bwo kubohoka ivyiyumviro biva kuri Satani, naho wewe agerageza kukwumvisha ko udashobora kumwikurako. Bibiliya itubwirako Yesu yaje kubohora ababoshwe ngo babe abidegemvya. Yaje gutanga ubugingo. Yesu ni we nzira, ukuri n’ubugingo (Yoh 14:6).
Mu buzima bwiwe ngaha kw’isi Yesu yarerekanye ububasha bwiwe kuri Satani mu gutsinda ibigeragezo vyiwe no mu kwirukana impwemu mbi biciye kw’ijambo ry’Imana (Mat 4:1-11; Mariko 9:24-26). Yesu yaratsinze ububasha bwa Satani igihe c’urupfu rwiwe ku musaraba no mu kuzuka kwiwe ava mu bapfuye.
Mbega turiteguriye kunesha no gutsinda ivyo bitero vy’umwansi w’imitima yacu? Ubwa mbere dukwiye kumenya nimba twarafashwe na Satani bigatuma dutekerwa n’ubwoba bwiwe. Dusanze ari vyo, dutegerezwa kwemera ko ico ari icaha kandi yuko twazimiye hamwe twoguma tumeze nk’uko.
Tumaze kumenya yuko tudashobora kwibohora ubwacu ngo twikure mu maboko ya Satani, dutegerezwa gutabaza Imana kugira ngo itubohore n’imitima canke imishaha yacu yose. Dutegerezwa kwihana tugaheba ivyaha. Turasabwa kwemera mu kwizera ko amaraso ya Yesu Kristo yoza ivyaha vyacu vyose, tukihereza Imana ubwacu kandi tukemera imbabazi zayo mu kwizera no kwumvira Ijambo ryayo.
Tumaze kwemera ivyo idusaba vyose, Ica iduha amahoro tukabana na yo. Ico ni co gisobanura ukuvuka ubwa kabiri. Umuntu wese yankira ijwi ry’Imana yama mu bwami bwa Satani, kandi uwo mwansi iherezo akazomujana mu mubabaro w’ibihe bidashira. Nimba udatahura umugambi Imana yaguteguriye, iga ijambo ry’Imana, uyisenge n’umutima wicishije bugufi, na yo izokwereka inzira. Imana iraguhamagara ngo uze kuri yo kandi iragomba ko uhunga ukava mu buja bwa Satani. Imana iguhezagire, soma Zaburi 91.
Ahandi ushobora gusoma
Luka 11 : 20-23…..Uwurusha inkomezi Satani
Abaroma 6 : 20-23……Guhunga icaha
Yesaya 61 :1………….Kubohora ababoshwe
Abaroma 8 :1-2………….Gukurwako urubanza rw’urupfu