Mu ntango Imana yariho. Yaremye isi hamwe n’ibiri kuri yo vyose. Mu rukundo rwayo Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo, imushira mw’itongo ryiza. Umuntu agarariza ivyo Imana yamutegetse. Ukwo kugarariza cabaye icaha kimutandukanya n’Imana. Ica ibabwira ko bazokwama batanga ikimazi c’igitungwa kikiri gito ku bwo ivyaha vyabo. Ivyo bimazi ntivyakuraho ivyaha vyabo, ariko cari icijiji c’ivyari bigiye kuba, vy’aho Imana yari igiye gutanga ikimazi kiruta ibindi. Umusi umwe Imana yari igiye kuzorungika Umwana wayo Yesu Kristo kw’isi, kugira ngo abe ikimazi kiruta ibindi kubwo ivyaha vy’abantu.
Mariya n’Umumarayika
Haciye imyaka ibihumbi bine, mu gisagara ca Nazareth, haba inkumi yitwa Mariya, Yari ikowe n’umusore yitwa Yosefu. Umusi urizina, Umumarayika yabonekeye Mariya, aramubwira yuko azovyara umwana w’igitangaza, kandi yuko azomwita Yesu. Uwo mwana ntazogira se wo mu buryo bwabo isi ariko azokwitwa Umwana w’Imana.
Ukuvuka kwa Yesu
Inyuma yo kugenderwa n’umumarayika, Yosefu na Mariya bakoze urugendo rurerure rwo kuja i Betelehemu kw’iyandikisha. Bamaze gushika i Betelehemu, ico gisagara cari cuzuyemwo abantu benshi cane. Bamara ijoro mu ruhongore rw’inka kuko bari babuze ikibanza mu nzu, kandi aho niho Yesu yavukiye, Mariya azingira uruyoya mu mpuzu z’uruyoya aruryamika mu bwato bw’inka.
Abungere
Iryo joro nyene, ku musozi uri inyuma y’igisagara, abungere bari baragiye intama zabo. Umumarayika arabiyereka maze ubwiza bw’Imana bukayanganira abo bungere, uwo mu marayika arababwira ati: “Ntimugire ubwoba, ndabazaniye inkuru y’umunezero ku bantu bose. Uyu musi umukiza yavutse. Ni Yesu Kristo Umwami. Murasanga uruyoya ruzingiriwe mu mpuzu z’uruyoya ruryamye mu bwato bw’inka.” Muri ako kanya abamarayika benshi barabiyereka bahimbaza Imana bayiha icubahiro bavuga bati: “ Icubahiro ni ico Imana isumba vyose kandi amahoro abe kw’isi, amahoro abe mu bo inezererwa.” Babamarayika bamaze kugenda, ba bungere basiga intama zabo bagenda bariruka i Betelehemu. Bagezeyo, basangayo rwa ruyoya nk’uko wa mumarayika yabibabwiye.
Abanyabwenge
Yesu amaze kuvuka, abanyabwenge bavuye mu gihugu ca kure ya Yerusalemu, barabaza bati: “Uruyoya rwavutse ruzoba umwami w’abayuda ruri hehe? Twabonye inyeneri yiwe mu buseruko kandi tugomba kumusenga.” Umwami Herode amaze kuvyumva ntiyanezerewe. Ahamagaza abaherezi n’abanyabwenge b’ivyanditswe. Baramubwira yuko abavugishwa n’Imana bavuze ko i Betelehemu hazovukira uwuganza. Umwami Herode arungika babanyabwenge i Betelehemu kubariritsa ivy’uwo Mwami. Abo banyabwenge bamaze kuva i Yerusalemu, ya nyenyeri ibarongorera muri yanzu akana Yesu karyamyemwo. Barapfukama baramusenga bamushikanira isenga n’inzahabu n’ibimota neza. Imana ibwirira abo banyabwenge mu ndoto yuko badakwiye kugaruka ku mwami w’inkozi y’ikibi Herode, ariko ko bakwiye gusubira iwabo baciye mu yindi nzira.
Icatumye Imana itanga ingabire
Yesu ni Umwana w’Imana. Yabayeho atagira icaha kandi atunganye mu nzira ziwe zose. Amaze imyaka mirongo itatu, Yesu yatanguye kwigisha abantu Imana Data. Yakoze ibitangaza vyinshi, nko guhumura impumyi, gukiza abantu benshi ingwara zabo, kugeza no kuzura abapfuye. Hejuru y’ivyo vyose, yigishije abantu inzira yo kuronka ubuzima budashira mw’ijuru. Mu nyuma atanga ubugingo bwiwe kw’ikimazi c’ivyaha ku bantu bo mw’isi yose.
Bibiliya iravuga muri Yohana 3:16 ngo: “ Kuko urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazoapfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira.” Yesu yaje kuri iyi si apfira ku mu saraba aba ikimazi kiruta ibindi. Kubwo urwo rupfu, ikiguzi c’ivyaha caratanzwe nta kindi kimazi nakimwe kigikenewe gutangirwa ivyaha. Ukwo kwabaye ugushitswa kw’isezerano ry’Imana ryo kurungika umucunguzi.
Naho Yesu yishwe n’inkozi z’ikibi, urupfu ntabubasha rumufiseko. Inyuma y’imisi itatu yazukanye intsinzi ava mu bapfuye. Mu misi yakurikiye ukuzuka kwiwe, Yesu yariyeretse abantu benshi. Umusi umwe, inyuma yo guhezagira abigishwa biwe, yaraduze mw’ijuru.
Mu gihe duhisemwo kw’izera no guha ubuzima bwacu Yesu, amaraso yiwe aratwoza ivyaha vyacu vyose, kandi twemeye iyo ngabire y’agakiza duca dufatana n’Imana, Yesu akaba umukiza wacu kandi tukanezerwa no kuba twarahezagiwe kubwo kwitwa abana