Mbega urazi ko Imana yera yasanze umuntu ari uwo gutsindwa n’urubanza rw’ivyaha kandi ko ari uwo gucirwa urubanza rwo gupfa ? Niyaba rero umuntu yipfuza guhunga urwo rupfu rw'ibihe bidashira kugira ngo akire, ategerezwa kwakira imbabazi z'Imana. Imbabazi hano zisigura ukugene Imana yihanganira umuntu, ikamukurako igihano yari akwiye. Ariko rero, Imana ntipfa gutanga imbabazi zayo ku bantu ata co isavye, naho agakiza gatangwa ku buntu, ata kiguzi, kandi nta woshobora kugakorera kugira akaronke. Igisabwa kugirango Imana igirire umuntu imbabazi ni uko uwo muntu yihana.
Yohana umubatizi yaje avuga Ijambo ry'Imana, kandi ubutumwa bwiwe bwari bworoshe gutahura burimwo n’ubushobozi bwinshi: Yavuga ati : « Mwihane : kuko ubwami bwo mw'ijuru buri hafi. » (Matayo 3 :2). Yesu, Umwana w'Imana, na we yatanguriye igikorwa ciwe kuri ubwo butumwa nyene bwo kwihana : « Mwihane, kuko ubwami bwo mw'Ijuru buri hafi. » (Matayo 4 :17). Kugira ngo uronke agakiza usabwa kwihana, nk’uko Intumwa Petero yavuze iti : « Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe. » (Ivyakozwe n’Intumwa 3 :19).
Biciye ku kwihana, urugi rwo kugirirwa imbabazi ruruguruye, ushobora kuronka agakiza.
Bose bakoze ivyaha
Hari amasinzi y'abantu kuri iyi si yacu, kandi turatandukanye mu buryo bwinshi.
Ariko ubu butumwa buvuga ngo :«Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw'Imana.» (Abaroma 3 :23) twese turabuhurirako. Kandi murushirize kuvyumva: «Nta wugororoka nta n’umwe. » (Abaroma 3 :10). Imana yaravuze, iciye ku muvugishwa wayoYesaya, iti: «Twese twazimiye nk'intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe. » (Yesaya 53 :6). Mbega urabona iciyumviro gikuru muri ibi vyanditswe ngo: « Bose barazimiye», «Nta wugororoka, nta n'umwe», «Bose bakoze ivyaha. »? None mbega wewe ntiwoba uri muri abo? Umutima wawe n’ubugingo bwawe vyose hamwe ni ivy'Imana. Umugabo canke umugore, atemera ko Imana ari yo iganza ubuzima bwiwe, uyo aba abayeho mu kutumvira no mu caha: «Umuntu akora icaha ni we azopfa. » (Ezekiyeli 18:4).
Icaha kiratandukanya
Ivyaha vyawe vyaragutandukanije n'Imana. Wumva ugendana muri wewe ikintu wipfuza ariko udashobora gusigura. Ushobora kuba wiyumva muri wewe nk'uwahebwe, kandi ko n'Imana itakwumva. Imana yaravuze igituma, iti: «Ehe, ukuboko kw'Uhoraho ntikubaye kugufi ngo kunanirwe no gukiza, n'ugutwi kwiwe ntikwapfuye ngo kunanirwe kwumva: ariko ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyabatandukanije n'Imana yanyu, kandi ivyaha vyanyu ni vyo vyabakingiriye mu nyonga hayo, bituma yanka no kwumva.» (Yesaya 59:1-2). Vyongeye kandi :« Ingero y'icaha ni urupfu. » (Abaroma 6 :23). Uko uriko uriyumvira ivy'ubuzima bwawe n’ivyaha vyawe, wibaze kandi no ku Mana. Imana nta caha yigeze ikora, kuko ni Iyera, iragororotse kandi iratunganye. Imana iravuga ko icaha gitegerezwa gucirwa urubanza :« Kukw’Imana izoshira ikintu cose mu rubanza, bo n'ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza. » (Umusiguzi 12:14). Hari ikimanga kinini hagati yawe n’Imana. Atari hamwe uronse ikiraro cotuma urengana iyo manga iri hagati y'Imana Yera n'umunyavyaha, uzopfa urupfu rw'ibihe bidashira ! (Luka 16:26). Ariko umviriza: hariho inzira n'ivyizigiro kuri wewe!
Yesu ni we yugurura urugi
Mu gihe ari ukuri ko Imana yatangaje ko urubanza rw’icaha ari igihano co gupfa, yamara iguma ari Imana y’urukundo. Imana ni urukundo (1Yohana 4:16). Imana iragukunda naho woba uba mu vyaha. Urukundo rwayo rwarateguye inzira y’ingene wokizwa. (Yohana 3:16) Imana izoca urubanza ku caha, kandi umuntu wese azotsindwa n'urwo rubanza, azopfa. Ariko Imana, ntigomba ko hari n'umwe yopfa rubi, ni co gituma yarungitse Umwana wayo Yesu ahanirwa ivyaha vyacu, kugira ngo natwe dushobore kubaho. Bibiliya ivuga ngo : “Raba rero ukugira neza kw'Imana, n'ubuhambazi bwayo.” (Abaroma 11:22). Ineza y'Imana yipfuza gukiza umuntu, ariko urubanza rwayo rutegerezwa gucibwa
Yesu yaje kuri iyi si afise intumbero yo gucungura ubugingo bwacu. Arera, nta caha yigeze akora, kandi ni Umwagazi w’Intama w'Imana, utagira agasembwa. Urukundo rw'Imana kuri twebwe rwerekanywe igihe yafata ivyaha vyacu vyaturega akabiremeka Yesu.
Ehe ukugira neza kwiwe! Yesu rero yahindutse icaha mu kibanza cacu, kugira ashitse urubanza rw’Imana, abambwa ku musaraba. Yihanganira imibabaro gushitsa no ku rupfu. Ivyaha vyacu biba birarishwe. Raba ubuhambazi bw'Imana!
Uruhara rwacu mu kwihana
Mbega urashobora kubona ko Yesu yagupfiriye; yapfuye kubera ivyaha vyawe? Mbega ni nde vy'ukuri yabamvye Yesu? Mbega boba ari abategetsi b'Abayuda, Pilato, canke abasoda b'Abaroma bamubamvye? Intumwa Petero yavuze ubutumwa imbere y’amasinzi y’ibihumbi n'ibihumbi, kandi Ubutumwa bwa Petero bwaje hageze avuga ati: “Uwo muntu amaze gutangwa nk'uko Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitari bwabe, mumubambisha amaboko y'abagarariji, muramwica.” (Ivyakozwe n'Intumwa 2:23). Mbega woraba Yesu, maze ukemera ivyaha vyawe?
Ku bw'ubushobozi bwa Mpwemu w'Imana uzotahura yuko wazimiye cane. Igihe ivyo uzokwumva biremereye umutima wawe, bizokubera umutwaro n'ukwicuza ku caha. Umaze kwihebura ukiheba, uzoca usemerera uti“Mana ngirira ikigongwe, ndi umunyavyaha” (Luka 18:13). Maze Imana yumvise isengesho ryawe rivuye ku mutima, izogukiza. Umutwaro wawe uzoca ukuvako, uce uvuka ubwa kabiri. Uko uzobandanya ukurikira Yesu bizogutuma uvavanura n'ivyaha wahoramwo, bitume ukunda ivy'ijuru.
Iki rero ni igikorwa c'ukwihangana nk'uko Imana ibikora mu mitima yabo bose bazoza kuri yo. Ni ko umutima wawe uzokwozwa ukera, uzoronka amahoro, umunezero, n'umutekano.
Mu gusozera, twovuga ko kwihana rero biva mu gushima no kuyoboka Kristo n'ubugombe bw'Imana. Igihe twari abo gupfa rubi ata yindi nzira twiteze yo gutabarwa, Yesu avuga ati: “Nimuze kuri jewe …ndabaruhura” (Matayo 11:28). “Twebwe tugira urukundo, kuko ari yo yabanje kudukunda. (1 Yohana 4:19).