Imuhira Iwawe
Mu ntango Imana yaremye isi. Yaremye izuba, ukwezi n'inyenyeri, ibikōko n'ibiterwa. Ku musi ugira gatandatu, yaremye umuntu mw'ishusho yayo ica imuhumekeramwo impwemu y'ubugingo.
Umuntu wa mbere yabaye Adamu n'umugore wiwe Eva. Imana yarabahaye aho kuba mw'itongo ryiza cane. Imana yarakunda Adamu na Eva na bo bakayikunda. Imana yabwiye Adamu ngo abungabunge iryo tongo. Imana irababwira ko bashobora kurya ku kintu cose nk'uko babishatse, kiretse igiti kimenyekanisha iciza n'ikibi, kandi ko igihe batoyumvira bakakiryako bazopfa. Umusi umwe ikintu kibabaje cane carabaye! Adamu na Eva baracumura bagarariza Imana barya ku giti Imana yari yarababujije. Baciye bagira ubwoba baratinya Imana baca barayinyegeza. Imana yaramenye aho binyegeje ica iraza ihamagara Adamu ibabwira ko bakwiye kuva muri iryo tongo ryiza babamwo kuko batayumviye. Imana ntiyibagiye Adamu na Eva, yakomeje kubakunda; ibasezeranira ko izorungika Umwana wayo w'ikinege, Yesu, muri iyi si. Yesu yari akwiye gupfa kubwo ivyaha vyabo kugira ngo bashobore kubaho! " Kuko urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira" (John 3:16).
Yesu yaraje! Yigishije yuko abantu bose bakoze ivyaha kandi ko abanyavyaha bategerezwa gupfa. Yesu yaradukunze cane kugeza aho yemerera Imana gupfa kubwo ivyaha vy'abantu.
Yapfiriye abantu bose bari barazimiye. Inkuru nziza— Yesu ni muzima! Yarazutse ava mu mva! Aca avuga ati: "Ni jewe nzira, ukuri n'ubugingo" (Yoh 14:6). Yesu agomba kuturongorera iwacu mw'ijuru kwa Data.
Rimwe na rimwe birashika tukumva ko tudakunzwe kuko abantu badukikije ari babi, badukomeretsa canke badufitiye uburake.
Kumbure turafise ubwoba canke turafise ivyipfuzo muri twebwe bitazokwigera bivaho. Turibaza tuti ni nde yodufasha, kandi ni kuki twumva turi twenyene. Imana yashize ivyo vyipfuzo imbere mu mutima wawe kubera ko igukunda.
Ni ikintu kidasanzwe ko ikwegereza hafi ya So wo mw'ijuru. Imana ishaka gushira mu kibanza co kwipfuza kwayo urukundo rwayo.
Ishaka ko usenga bivuye ku mutima ukavuga uti: "Yesu, ndagukeneye. Ndaruhijwe n'ivyaha vyanje. Ndakwinginze Yesu, unyuhagire mbone kwera kandi ndahindukiye ndavuye muri ibi bibi vyose." Yesu arumva ivyo wasengeye n'umwete. Arakwuhagira ubone kwera kandi agutegurire kwinjira mu kibanza yguteguriye kubamwo.
Imbere y'uko Yesu ava muri iyi si, yaravuze ati: "Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.
I muhira kwa Data hari inzu nyinshi, iyo ziba zitariho, mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu" (Yoh 14:1-2). Ico kibanza co mw'ijuru hari amahoro, umunezero n'urukundo bidahera.
Yesu yaduteguriye iwacu ho kuba heza ku buryo atazokwigera yemera ko hari ikibi na kimwe canke icaha vyinjirayo. Mu gihe twopfa imitima yacu yandujwe Yesu ntazotwemerera kwinjirayo.
Mbega bizoba bimeze gute kubana na Yesu? Nta mubabaro uzosubira kubaho, ubwoba canke inzara. Nta ndwara zizobayo, urupfu canke gutandukana. Hazobayo indirimbo n'uguhimbaza Imana hamwe n'abacunguwe bavuye mw'isi yose.
Aho kuba ibihe bidashira! Ni mw'ijuru turi kumwe na Yesu Umucunguzi wacu!