Ubutumwa Bwiza uko bwanditswe na Yohana 10:1-18
Woba umaze kwumva umuntu aguhamagaye mw’izina, ariko ntiwumve ijwi ry'uwuguhamagara iyo rizananye? Canke vyoba vyarashobotse ko wumva ijwi ariko bigoranye kubera urwamo rwinshi ruri aho uherereye.
Umviriza neza, Ijwi ririko riraguhamagara. Wewe nyene!
Wewe uri nde? Witwa nde? Waturutse hehe? Uba hehe? Uriko uja hehe?
Urazi izina ry'umusozi uturukako. Birashoboka yuko utarigera wunguruza ngo uje ahandi hantu. Yamara urazi ko umusozi ubako ari agace gato kagize igihugu kinini, kandi yuko ibihugu na vyo bigize isi yagutse cane.
Bibiliya
Haheze nk’imyaka 6.000, isi iremwe. Yaremwe n'Imana. Imana ifise igitabo citwa Bibiliya, ari co kitumenyesha ingene Imana yaremye isi, n'ingene yaremye umugabo n'umugore ba mbere. Imana yaremye umuntu mw'ishusho yayo.
Kuva ico gihe, abana bagiye baravuka. Kuva ico gihe kandi, abantu bagiye barapfa. Abantu amasinzi n’amasinzi bari baravutse yamara baramaze gupfa.
Na wewe wavutse, uvyawe na so na nyoko. Ariko mu vy'ukuri, Imana ni yo ubwayo yakuremye.Ni yo yaremye ibintu vyose. Mbega woba warigeze kwiyumvira na rimwe ingene Imana yaremye ibintu vyose, n’ingene na wewe yakuremye mu buryo butangaje. Abavyeyi bawe ni bo bakwise izina, ariko Imana irarizi. Irazi kandi izina ryose, riri mu rurimi urwo ari rwo rwose. Imana izi ibintu vyose.
Kubera Imana ari yo yaturemye, irazi ibitwerekeye vyose. Iradukunda kuko turi abayo. Ni Data wa twese ari mw'ijuru, kandi aratwitwararika, akatwitaho cane kurusha uko data na mama babikora.
Imana
Imana yamyeho ibihe vyose. Ihoraho ibihe bidashira. Rero igihe yaduhumekera mu mazuru impwemu yayo, vyatumye natwe dushobora kubaho ibihe bidashira. Ariko rero, ntituvuga iyi mibiri yacu, kuko yo irapfa, yamara umutima uri muri twebwe ni wo ubaho ibihe bidashira.
Mbega urazi Imana? Kumbure wobaza uti: «Imana ni nde? Mbega iri hehe?»
Mbega none uripfuza vy’ukuri kubimenya? Ego, urabishaka. Vy’ukuri mu mutima wawe uripfuza kumenya Imana.
Nturigera ubona Imana n'amaso yawe, si vyo none? Oya! Ariko ivyo ntibisigura yuko atariho iri.
Hari Imana imwe rudende. Nta kibanza kihari c'izindi mana, kubera Imana imwe ari yo y'ukuri, ni yo yuzuye ijuru n'isi. Iba hose mu mwanya umwe.
Aho Imana iba ni mw'Ijuru, mu kibanza ciza cane iyo hejuru, ariko kandi iba no mu mitima y'abantu bumvira ijwi ryayo.
None ni gute nokwiga kumenya Imana? Iki coba ari co kibazo uriko urabaza? Imana rero irafise umugambi w’igitangaza wo kutwereka ingene vyogemda.
Imana yarungitseYesu Umwana wayo w'ikinege, amunuka kw'isi avuye mw'ijuru kugira ngo yereke abantu Imana iyo ari yo n’uko isa. Imana Data na Yesu ni umwe.
Kubwo igitangaza, Umwana w'Imana yavutse nk'uruyoya, arakura acika umuntu akuze. Mu myaka itatu, Yesu yafashe umwanya wo kwigisha abantu urukundo rw'Imana, ari yo Se. Yabigishije yuko Imana yera kandi itihanganira kubona icaha.
Maze Imana yaduciriye inzira yo gukizwa tukava mu vyaha vyacu. Yararetse Yesu Umwana wayo abambwa n'abanyakibi ku musaraba. Yatanze ubugingo bwiwe ku bwacu – Urukundo rwiwe ni igitangaza!
Yesu yabaye ikimazi c’indishi y'ivyaha vyose vy'abari mw’isi yose; icaha cose woba warakoze, mbere n’icaha cose cakozwe n'umuhungu, umukobwa, umugabo canke umugore.
Mbega Yesu yagumye ku musaraba? Mbega Yesu yagumye mu mva? Oya! Inyuma y'imisi itatu yazukanye intsinzi.
Yaciye asubira mw'ijuru, aho arindiririye kugeza igihe Imana izovugira ko isi igeze kw'iherezo.
Maze rero Yesu ni we azoba Umucamanza agororotse azocira imaza abantu bose.
Woba ufise Ubutumwa Bwiza bwanditswe na Yohana? Soma igice ca 10. Yohana yanditse ivyoYesu yabwiye abantu.
Ivyo Yesu yavuze ni vyo n’ubu ashishikara kutubwira natwe uwu musi. Yesu yavuze ko ari Umwungere mwiza, kandi ko yatanze ubugingo bwiwe ngo acungure intama ziwe. Twebwe turi intama ziwe. Intama ziwe zirazi ijwi ryiwe. Azihamagara mu mazina yazo. Yamara uwo zitazi ntizomukurikira namba.
Ijwi ry’uwundi utazi
Uwo zitazi ni nde, uwo dusabwa guhunga? Yemwe, uwo ni igisuma! Ntababaye intama ku kintu na kimwe. Ni umubeshi, kuko ata kuri kuri muri we. Ni Umubi.Ni umwansi wacu, Satani.
Ariko imbere ya vyose, ni umwansi w'Imana. Kera yahoze ari umumarayika mwiza abana n'Imana mw'ijuru. Yamara yatewe n'ubwibone, yishira hejuru ku Mana. Yarayirwanije, mbere n’abamarayika benshi baramukurikiye. Yamara Imana yaramutsinze, kuko ari yo nyene ubushobozi bwose; ica iramwirukana mw'ijuru, hamwe n'abamarayika bose bamukurikiye. Ni co gituma Satani yaciye yanka Imana.
Kubera ko bitagishoboka ko asubira kwiyegereza Imana, asuka ishavu ryiwe ku bantu bari kw'isi, ibiremwa vy'Imana. Kuko Satani yacumuye, agerageza umuntu wese, kugira ngo acumure na we. Ariko mumenye kandi yuko ata caha kizigera gisubira kwinjira mw'ijuru.
Hariho ikindi kibanza Imana yateguye. Ni ico yateguriye Satani n'abamarayika biwe. Ni muri Gehinomu. Gehinomu ni ahantu ho kubabarizwa. Ni itanure ry’umuriro utazima. Ni ahantu Satani n’abamarayika biwe bazohanirwa ibihe bidashira.
Ni ikibanza kibi cane, kandi aho ni ho Imana izoturungika nitwahitamwo kwumviriza ijwi rya Satani.
Satani rero ntashaka yuko twiyumvira ibijanye na Gehinomu. Ntanashaka kandi ko twiyumvira ivyerekeye Imana. Satani yama agerageza kudusamaza adushire kure y’Imana ;akagerageza uburyo bwose ko twumvira ijwi ryiwe.
None mu mutima wawe, woba urumva iryo rindi jwi ry'uwo utazi riguhamagara ?
Kenshi na kenshi Satani adutera kwemera yuko afise ibintu vyiza atanga. Mu bindi bihe akunda kuduteza ivyiyumviro bene ibi: “Jewe ndi mwiza gusumba abandi, ndahambaye kurusha abandi. Nijewe ndi uwambere. Nzotera imbere kurusha n’abandi. Ntegerezwa guharanira ivyo mfitiye uburenganzira. Ni vyiza mbere kwiba, kazima ata n'umwe aba yamfashe. Abantu bose barabesha, nanje nyene mbwirizwa kubesha. Ivyiyumviro bibi nta co bitwaye na gato kuko nta n’umwe azi ivyo niyumvira. Ibitwenza bibi ni vyiza kugira ngo abantu batwenge cane.”
Kandi mu bindi bihe, mbega woba waraciwe intege n'uko wagerageje kwibaza uti: “Jewe simeze neza, kubera iki nobandanya kubaho?”
Bene ayo majwiyose ava kuri Satani. Ni umubeshi. Ni co gituma akora ibishoboka vyose ngo atugire ababenshi nka we. Ni igisuma, ni co gituma ashaka ko twiba nka we. Ni umwicanyi, ni co gituma agerageza kudutera kwanka abandi nka we.
Igihe wumvirije iryo jwi, mbega bituma wiyumva gute? Mbega woba wiyumva neza mu mutima?
Yoo! Birababaza mu mutima. Wumva ugomba kunyegeza.Uko rero ni ko Satani ari kuko we we akunda gukora ibintu vyose mu mwijima.
Ijwi rya Yesu ni iryo Umwungere
Mbega urazi ko Yesu ari Umwungere mwiza? Mbega woba wipfuza kuba intama yiwe? Uripfuza kumenya ijwi ryiwe? Ego cane, urabishobora; ariko imbere ya vyose utegerezwa kubanza guheba kwumviriza rya rindi ijwi riguhamagara.
Ubu rero, igihe utekanye, uzokwumva ijwi ryiyoroheje rya Yesu riguhamagara rikwinginga ngo umuhe ubuzima bwawe bwose. Uzomwumva akubwira ko wokwicuza ku vyaha vyawe no kuvyatura.
Birashoboka yuko umaze igihe wibaza uti: “Nkore iki ku bibazo vyose n'imitwaro mfise? Nipfuza ko nobaye mwiza. Nipfuza ko nobaye aho ntazigera nsubira gusonza canke kwongera gusubira kurwara Mbega bizongendera gute aho nzopfira?”
Kandi ndibaza ko woba wagize n'ibindi vyiyumviro vyinshi. Iryo rero ni ijwi rya Yesu ririko riraguhamagara.
Woba wumva ubabaye mu mutima kandi utanazi n’ico bivuyeko? Canke hari aho woba wumva umenga uri wenyene naho woba urikumwe n'abandi? Ivyo bishobora kuba biva ku kubera uri kure y'Imana, yo yakuremye kandi igukunda… Ni Umwungere ariko ahamagara intama yiwe yazimiye. Ariko araguhamagara mbere akongera akaguma aguhamagara, kandi ariko arakurondera kandi abandanya akurondera!
Ni wumva ijwi ry'Umwungere, uce umwishura. Umubwire uti : Mbabarira ivyaha vyanje. Mubwire ukuntu umerewe kwose, kandi umusabe kugukiza. Ukwo ni ugusenga. Woba warigeze gusenga Imana yo mw'ijuru? Bikore ubu nyene. Irakwumva kandi iragutahura. Iraguha amahoro unyotewe mu mutima.
Kubera iki utokwipfuza kuba intama yiwe no kumenya ijwi ryiwe? Ashaka kuba incuti yawe. Aragutura imitwaro yawe y'ivyaha. Uragira umunezero wo mu mutima. Maze urahinduka ugire urukundo kandi ube umurwaneza nk'uko nawe ameze. Aragufasha gutsinda ubwoba bwose ufise.
Naho abandi bogutwenga ko ubaye umukristo, ariko urazi ko Yesu ariwe azokwitwararika. Naho Satani azokwongera kukugerageza, utegerezwa kwizigira ko Yesu ari we azogufasha ukanesha.
Igihe rero uri mu mahoro mu maboko y'Umwungere w’urukundo Yesu Kristo, umenya kandi yuko ku mperuka ya vyose azokujana mu munezero w’imuhira kwa Data mw'ijuru mubane ibihe bidashira!