Mbega uruzi ko hariho igitabu gisigura uko isi yatanguye? Amajambo atangura muri ico gitabu ni aya: “Mu ntango Imana yaremye ijuru n'isi.” Amajambo akurikira ayo, atubwira ingene isi yaremwe, n'ivyerekeye umuntu yatanguye kubaho ubwa mbere kw'isi n'umugore wiwe. Ntikitubwira gusa intango y'ibihe, ariko kandi kiratubwira n'ibizoba inyuma y'ububuzima. Muri ico gitabu, turasoma ingene dutegerezwa kubaho kugira ngo twitegurire ubuzima bw'inyuma y'urupfu.
Iki ni igitabu ca kera canditswe mu myaka ishika hafi 1500 n'abanditsi 40 batandukanye. Banditse ivyo Imana ibabariye. Imana yaribwiye abanditsi baco iyo ari yo. Umwanditsi w'igitabu c'Itanguriro, ari co ca mbere, yanditse ivyerekeye irema hamwe n'umwuzure warengeye isi.
Uwo hamwe n'abandi banditsi baranditse ivyerekeye ubwoko bwatoranijwe n'Imana n'ingene yaburongoye kumara imyaka myinshi. Imana yahumekeye abantu batandukanye kwandika ivya kahise, ivyivugo, ubuvugishwa, hamwe n'ibijanye n'amasezerano y'Imana. Kubera ibi vyanditswe vyahumetswe n'Imana, nta zina na rimwe ry'umuntu acitirigwa. Citwa Bibiliya, ijambo risobanurwa ngo: “Igitabu.” Kenshi bacita Bibiliya Yera, ijambo risobanurwa ko ari “igitabu cera.”
Bibiliya ni co gitabu ca mbere gikwiragizwa cane kurusha ibindi mw'isi yose. Naho hari ibihe abantu bamwe bagerageje kukizimanganya, Imana yamye ikizigama kandi izokwama ibikora. “Ariko Ijambo ry'Uhoraho ryamaho ibihe bidashira.” (1 Petero 1:25). Bibiliya igizwe n'ibitabu 66. Igabuwemwo ibice bibiri: Isezerano rya Kera n'Isezerano Rishasha. Isezerano rya Kera rivuga inkuru y'iyi si n'ingene Imana yasezeranye kurungika Umwana wayo kudukiza ivyaha vyacu.
Isezerano Rishasha ritubwira ingene Yesu, Umwana w'Imana, yaje mw'isi. Ritubwira ingene Yesu yavutse nk'uruyoya. Vyinshi vyabaye mu buzima bwa Yesu vyaranditswe, harimwo ibitangaza vyinshi yakoze. Bibiliya itwereka ko Yesu ari we karorero keza kacu mu bintu vyose. Yesu ariko aravuga, abantu barumviriza inyigisho ziwe. Nyinshi muri zo dushobora kuzisoma mu bitabu vy'Ubutumwa Bwiza.
Ubutumwa bwiza nk'uko bwanditswe na Yohana burimwo amajambo menshi Yesu yavuze. Yabwiye abantu yuko Imana ari Data. Yigishije ko Imana ikunda umuntu wese ari mw'isi. Muri Yohana 3:16 havunga ngo: “Kuko urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira.”
Turasoma kandi ingene Yesu yababajwe akadupfira ngo atange indishi y'ivyaha vyacu, kandi ko yazutse mu bafuye akabaho ibihe bidashira. Yesu atubwira ko dushobora guharirwa ivyaha vyacu namba tumwizeye. Kubera igitabu ca Yohana kirimwo amajambo menshi ya Yesu kandi yoroshe gutahura, ni co gitabu ca mbere twotegerezwa gusoma imbere y'ibindi vyo muri Bibiliya. Mbega uratangazwa n'ibizoba inyuma y'ubu buzima?
Bibiliya itubwira ko umusi umwe Yesu azogaruka gucira bantu bose urubanza. Dushobora gusoma ingene ico gihe citegurirwa.
Yesu atubwira ko yagiye gutegurira abazomwizera bose ikibanza mw'ijuru. Muri Bibiliya turaronka inyishu z'ibibazo bigoye vy'ubuzima. Ni hehe twavuye? Ni kubera iki turi hano kw'isi ? Mbaga tuzoja he igihe tuzopfa? Ibi bibazo n'ibindi vyinshi birishurwa muri Bibiliya. Igihe ubuzima buturuhije kandi butagira intumbero, dushobora kuraba muri Bibiliya aho Imana ivuga iti: “Nzokwigisha nkwerekeinzira ucamwo, Nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.” (Zaburi 32:8).
Igihe incuti yacu ipfuye, dushobora kurondera muri Bibiliya ukwirurwa kuva ku Mana. Imana ikoresha Bibiliya mu kuvugana natwe uno musi.
Rimwe na rimwe turasoma igitabu cayo tugantangazwa n'ibirimwo, twibaza yuko ari ivyo ukuri. Turazi ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri, kubera ko ari Ijambo ry'Imana. Muri Bibiliya hari imirongo amajana n'amajana irimwo aya majambo ngo: “Uku ni ko Uhoraho avuze.” Harimwo ubuhanuzi bwinshi bwanditswe, mu nyuma bugashika nk'uko bwavugishijwe.
Yesu yasezeraniye amahoro n'umunezero abo bose baza kuri we. Abantu benshi baravyiboneye. Kubwo urukundo Imana ikunda abari mw'isi, yahaye umuntu wese Ijambo ryayo. Bibiliya ivugana n'imitima yacu. Soma Bibiliya kuva uno musi!