«Umutima w’Umuntu», muri kano gatabo, werekana icicaro c’ivyipfuzo vyacu, canke «WEWE W'UKURI». Imana ntiraba ku biboneka inyuma, ahubwo yoyo iraba ibwina mu mutima. Nta kintu na kimwe gishobora guhishwa imbere y’Imana.
Umutima ni wo soko canke inyanduruko y’ibikorwa vyose umuntu akora. Iyo umutima wejejwe, n’ibikorwa vy’umuntu biba vyiza. Iyo umutima ari mubi, n’ibikorwa na vyo nyene biba bibi. Ntushobora guhindura ibikorwa vyawe, mu gihe hatabayeho uguhinduka mu mutima: «Kuko ata giti ciza cāma ibibi, kandi nta giti kibi cama ivyiza. Igiti cose kimenyekanira ku vyo camye. Ntabokwamura insukoni ku munyinya, cank’inzabibu ku mukere. Umunyangeso nziza akura ivyiza mw’itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akura ibibi mw’itunga ribi. Ibibogaboga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.» (Luka 6:43-45).
Hari abantu benshi bafise imitima idatekanye uyu musi. Imana ni inyishu, iragukunda kandi yipfuza kuba mu mutima wawe.
UMUTIMA W’UMUNYAVYAHA
Satani ni we mwami w’uyu mutima. Aganza umunyavyaha akoresheje impwemu ziwe mbi. Ibikoko tubona muri uyu mutima vyerekana zimwe mu mpwemu mbi ziganza umutima w’umunyavyaha. Icaha ni ivyiyumviro vyose, ibikorwa, canke ukwizera kwose kurwanya ubugombe bw’Imana. Ivyo vyose bihumanya umutima w'umuntu.
Inzoka ni ikigereranyo cerekana: Ibinyoma. Uno mutima urabesha, kandi urwanya ukuri kubera udakunda guhangara ukuri. Wama uriko urisigura, kandi werekana ko amakosa yawo ari ibisanzwe kandi ataco bitwaye.
Ingona ni ikigeranyo cerekana: UKwipfuza, Ishari, ubusuma. Iduza umutwe wayo mubi, irondera ibintu vy’abandi ikanavyipfuza cane. Ukwipfuza kujana umunyavyaha ku kugwanira kuronka amahera menshi, mbere akanayarondera biciye mu nzira mbi.
Intambwe ni ikigereranyo cerekana: Ishavu n’urwanko. Kenshi ivyaha bene ibi vyibonekeza mu buryo bwo kwihora no mu gushangashigwa ningoga. Uyu mutima ushobora kugendana impwemu mbi igihe kitari gito, ariko hakagera igihe ugaserura ahabona ububi bwawo, n’ubushangashigwe bwawo bwinshi. Ivyo bikazowushikana kukugira agahinda kenshi, umubabaro, urupfu ku bo bagendana, mbere no kuri we nyene ubwiwe.
Imbwa ni ikigereranyo cerekana: Ivyo ingeso z’ubushurashuzi n’ubusambanyi. Ibi ni vyo biba muri uyo mutima mu bikorwa no mu vyiyumviro. Yesu yavuze ati: «Umuntu wese araba umugore w'umuntu akamwipfuza, aba amaze gusambana nawe mu mutima wiwe. » (Matayo 5:28) Ibitabo n’amareresi birimwo ibiterasoni, n’amazu batambiramwo, ni vyo bikabura ivyo vyipfuzo muri uyo mutima.
Ingurube ni ikigereranyo cerekana: Akaborerwe, ubukunzi bw’inda, umwanda. Uno mutima ntugira ukwihangana. ni umutima urangwa no kurenza urugero mubintu vyose. Akaborerwe gatera umuntu ibimaramare, kandi ni ko muzi w’ibindi vyaha vyose. Ubukunzi bw’inda bwaciriwe urubanza n'ivyagezwe nkicaha gikomeye cane (Gusubira mu Vyagezwe 21:18-21). Ku rundi ruhande, uno mutima ushobora kwuzura ubuhumane bw’ibiyago bibi no kwidodomba.
Igitangurirwa ni ikigereranyo cerekana: Kunywa itabi n’ibiyayura mutwe. Abantu barahonja kuri ivyo bibi, bakibaza yuko bazoshobora kubivamwo, bakabihagarika, yamara ntibishoboke. baba bamaze kugwa mu mutego nk' uw’igitangurirwa, bikanka ko bawikuramwo, nka kurya igitangurirwa gicakira utundi dukoko mu mutego waco, ntidushobore kuwikuramwo. Ibi rero ni ubumara buhumanya umubiri, kandi ari wo Imana yipfuza gukoresha nk’urusengero rwayo. (1 Abo i Korinto 3:16-17)
Akanyamasyo ni ikigereranyo cerekana: Ubunebwe, kwikwegura, no gucererwa. Iyi mpwemu itera umuntu kuguma yegeza imbere umwanya wo gutorera inyishu y’ivyaha vyiwe, kuko ntaba akeneye kubivamwo muri ako kanya. Ni umunebwe mu kazi kiwe, mbere hari n'igihe ashobora Gusegerereza, kugira aronke ivyankenerwa vya buri musi (Imigani 21:25-26). Ubunebwe bw’umubiri butera gucika intege n’itiro mu buryo bw’impwempu.
Agahungarema ni ikigereranyo cerekana: Ubwoba n’ubupfumu. Ibi biba cane cane mw’ijoro nk’uko agahungarema gasohoka mw’ijoro. Umuntu atwarwa n’ubwoba mu kwifatanya no kubana n’ivyo vyaha vyo mu mpisho. Imana iranka ugukwegwakwegwa kwose na satani. (Yesaya 47:12-15)
Umusambi ni ikigereranyo cerekana: Ubwibone. Bwibonekeza muri uyu mutima mu buryo bwo gushaza, ukwishima n’ukwikunda. Ntibwitaho cane ubuzima bw’abandi ngo bugombe ko bomererwa neza. Butera kwishira hejuru kubera ubumenyi n’ubutunzi umuntu afise, ibigezweho, inyambaro, n’ubwiza ndemanwa. Buhahamira kuganza, kuduzwa igiti mu kazi n’icubahiro. «Ubwibone bwitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa» (Imigani 16:18).
Agatimamuntu kabandanya kabuza amahoro uyu mutima, nk'uko woba uteweko ikimenyetso n'icuma gishushe (1 Timoteyo 4:2), ugasigara wuzuye ubwoba no gutsindwa n'urubanza. Uko ni ko Imana yibutsa umuntu yuko hari urubanza rumurindiriye:
«Umuntu akora icaha, ni we azopfa» (Ezekiyeli 18:4). Nta mahoro aba muri uyu mutima, wuzura uruhagarara n’umuvurungano. Ewe wa mutima ubabaye, Imana iriko iraguhamagara!
UMUTIMA WAGIRIZWA IVYAHA UKEMERA KWIHANA
Uyu mutima wuzuye ivyaha, utangura kwitaba uguhamagara kw’Imana. Ukwicuza n’umubabaro vyuzura uyu mutima utahuye ko wazimiye. Utahura ko ata na kimwe ufise coshobora guhwamika ishavu ry’Imana riwurindiriye. Uba utanguye gutahura ko ubupfu n’ibitagira ikimazi wagendeyemwo bimeze nk’igisebe kinuka imbere y’Imana (Zaburi 38:5). Mpwemu Yera yingingira umunyavyaha kuraba Yesu no kwakira agakiza, akamuha n’ivyizigiro.
Umunyavyaha aba atanguye gusenga, kenshi adapfa gukubita iminwa gusa, ariko afise ijwi ry’umubabaro mu mutima wiwe. Asenga asaba gufashwa nka kurya kwa wa murinzi w’ibohero dusoma mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa 16:30: «Bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire?» Amaze kumenya ububi bw’umutima wiwe, araturikisha akarira avuga ati: «Mana, ngirira ikigongwe, ndi umunyavyaha» (Luka 18:13). Amasengesho yiwe araduga agashika ku Ntebe y’Imbabazi. Imana y’Ijuru n’Isi iba yamaze kubona uko uyo mutima umeze, irawumviriza, maze ikishura kubw’ayo marira igafasha uwo mutima (Kuvayo 3:7). Ijambo ry’Imana riracira urubanza icaha, kandi rigatanga n'inyishu. Iryo Jambo riza nk’umuco winjira nk'itara rimurika mu mwijima wo mu mutima.
Kubw’ubuntu bw’Imana Rurema, uyo mutima urakira umuco no gutahura. Umuco utuma uyo mutima ubona ivyaha vyawo, umurikiwe n'Ivyanditswe Vyera, hamwe no guhabwa gutahura kubwo kwakira Ijambo ry’Imana mu kwizera. Ubu rero, igikorwa c’umunyavyaha n’ukwatura ivyaha vyiwe vyose akavyihana, ata na kimwe anyegeje muri vyo. Iyo rero ashoboye gukora ivyo, azoba yuguruye amadirisha yose y’umutima wiwe, maze agaca yakirwa n'umuco mwinshi winjira gushika ibwina mu mutima wiwe. Uwo muco mwinshi ukomeye uva kw’jambo ry’Imana uca wirukana Satani n’impwemu mbi ziwe bigahunga. Satani n’impwemu mbi ziwe birarwanya ubushobozi bwa Mpwemu Yera naho biba biriko birahunga. Biragerageza kwinyegeza inyonga z’Imana vyipfutse ivyaha vyinshi vyo m’umutima.
Iyo uyo mutima wishikanye ukemera ubutumire bwa Yesu, ubwo nyene uca ubona umusalaba uri ukwa wonyene, kandi ahantu hateye isoni; ariko ukayangana imbabazi. Biboneka yuko Umwana w'Imana awubambweko yakomerekejwe, kandi ariko asesa amaraso yiwe kubwacu, Yambuwe impuzu ziwe ari gusa, akengerewe; amanitswe hejuru kugira ngo umuntu wese ashobore kumubona. Naho wewe ata caha yakoze, kandi akaba ari uwera, yabambwe hagati y'abambuzi babiri: «agaharūranwa n’abanyabicumuro.» (Yesaya 53:12). Ewe munyavyaha ubabaye mu mutima, umviriza aya majambo avugiye ku musalaba avuga ati: «Data, nubaharire, kuko batazi ico bakora. » (Luka 23:34).
Umutima wihana utangura gusemerera uvuga uti: Nta kosa na rimwe mbona kuri uyu Muntu! Ni kubwo ivyaha vyanje, kandi umutima wanje ni wo wariukwiriye gupfa urwo rupfu ruteye isoni rwo k’umusaraba, no guhona ibihe bidashira.
Bishoboka Bite ko Yesu yemera guhanwa mugishingo canje! «Yamara yacumitiwe ibicumuro vyacu, yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu; igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kandi imishishagu yiwe ni yo idukiza » (Yes 53:5). Mpwemu Yera arongorera ati: “Ivyaha vyawe vyishuwe n'imibabaro n'urupfu rw'Umwana w'Imana.” «Ariko umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ijambo ryanje, uwo ni we nzohozako’ijisho. » (Yes 66:2). Nk'ako, uko ni kwo kuremeshwa kw'umutima ubabaye uri musi y'umusalaba. Iminyororo Satani yabohesheje uyo mutima imaze gucikagurika, Mpwemu w'Imana aca yinjira akawuhindura wose. Kandi nzobaha umutima mushasha, ndabashiremwo impwemu nshasha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yanyu, ndabahe umutima woroshe nk’inyama (Ezekiyeli 36:26)
UMUTIMA MUSHASHA
Umutima mushasha uba wamaze kuremwa, kandi waronse amahoro atangwa n'Imana Data wa twese wo mw’ijuru. Uku kumera gutyo, ni kimwe kiba ku muntu iyo avyawe na Mpwemu: «Ni uko rero umuntu wese iyo ari muri Christo, aba abaye icaremwe gisha; ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bishasha.» (2 Abo i Korinto5:17). Ugucungurwa ukava mu buzima bwa kera bw’ivyaha, ugahabwa kuja mu buzima bwo kwezwa. uca uronka umwidegemvyo: « Nuko rero ubu abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda. » (Abaroma 8:1) «Umwana niyabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri. » (yohana 8:36)
Uwu mutima wabaye nk’ikibambwe ku vy’isi n’ubwibone bwayo (Aba Galatiya 6:14). Ubu guca bugufi gusigaye ari kwo kuri mukibanza cahoramwo ubwibone, kubera ko Umwami yawupfiriye, akanawuzukira, kandi yamana na wo. Ubu asigaye yama avuga Kristo, kandi niwe yirata gusa. Aba abona ko ivyiza ari uguhimbara uwamuhaye ubugingo bushasha. Nk’uko umwungere ayobora intama ziwe, uyo mutima mushasha uvyagizwa mu buragiro bw’ubwatsi butotahaye, ukarongorwa iruhande y’amazi adasuma (Zaburi 23). Urakunda kuguma hafi y’umwungere wawo no kugendana na we. Indimi zose zo mw’isi ntizoshobora gusigura akanyamuneza n’ubwiza umutima ugira mu gukwirikira inzira ya Yesu. Iyo migenderanire na Yesu irabumba uyo mutima, gusumba ibindi bintu vyose. Nyene uyu mutima aremeza neza yuko isezerano rya Yesu ari iry’ukuri: « Ehe mpagaze ku rugi ndaramukije. Umuntu niyumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira iwe dusangire. » (Ivyahishuriwe Yohana 3:20). Ubu rero Mpwemu Yera, agereranywa n’inuma mu gicapu cacu, yamaze kwinjira muri uyu mutima, kugira ngo awurongorere mu kuri kwose (Yohana 16:13). Mpwemu Yera aje mu mutima, awuha gutangura kwama ivyamwa. Ivyamwa vyiza vy’urukundo, amahoro, umunezero, ukwihangana, umwizigirwa, ukwizera, ubugwaneza n’ukwirinda biraboneka neza muri uwo mutima (Aba Galatiya 5:22-23). Kuva ubu, urukundo ruri muri uyu mutima rukunda bose, kandi ruwurongorera kwiyuzuza nabo bose yari yaragiriye nabi kera. Ugutahura kuva kuri Mpwemu Yera gushoboza Umukristo kumenya inzira igororotse yojana; no kurobanura ibidahimbara Imana, kugira avyirinde.
Uyu mutima wipfuza amata y’ivyo impwemu atavanze, ariryo jambo ry’Imana (1 Petero 2:2). Wiga Ijambo ry’Imana udaterwa n'isoni na ryo, kandi ukitondera inyigisho zose z’Imana. Umwidegemvyo n’umwete vyarinjiye muri uyo mutima, kuburyo udashobora kureka kuvuga ivyo wabonye, ivyo wumvise n’ivyo watahuye(Ivyakozwe n’Intumwa 4:20). Gutangaza ubu Butumwa Bwiza nk’uwatumwe n’Imana, nyene uwo mutima yamamaza ubutumwa bwiza bw’igiciro kinini; maze ivyo bikamuzanira umunezero mwinshi cane.
Uyu mutima urondera kugiranira imigenderanire myiza n’abandi bana b’Imana. Nuko rero, uba umaze kuba mu mubiri wa Kristo, ari ryo Shengero ry’Imana Nzima, aho bigira inyigisho zose ziserukira mubikorwa vy’abizera; aho rero uwo mutima ukaba ushitse kucipfuzo cawo (1 Abo i Korinto 12 ; Ivyakozwe n’Intumwa 2 :41).
UMUTIMA WANESHEJE
Uyu mutima ni umwe w’Intsinzi. Intumbero yawo ni iyo guhesha Imana icubahiro, yo yawuhamagaye kuba mu bwami bwayo (Abi Tesalonike 2:12). Uyu mwana w’Imana agerageza cane kwiyambura ibimuremera vyose bikamugerageza, kugira ngo asiganirwe ivyo yashizwe imbere yihanganye, atumbereye Yesu wenyene, we nyanduruko yo kwizera, kandi akaba ari na we yagusozereye (Abaheburayo 12:12).Yarize guteramira ubugingo bwiwe no gusenga, kuko Satani asubira kumugerageza aciye mu vyipfuzo vy’umubiri wiwe. Uyu mwansi yama hafi yitwaje ibirwanisho vy’umwijima, yamara Umukristo ararinzwe cane kuko azigamwa n’ubushobozi bw’Umwami Imana (1 Petero 1:5). Uyu mutima ubaho kubwo kwizigira ubushobozi bw’Imana gusa. Umwungere akomeza kurongora uno mutima nk’imwe mu ntama ziwe: «Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, kandi nanje ndabaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi ntawushobora kubanshikura mu kuboko kwanje» (Yohana 10:27-28). Mbere na Satani ntashobora gushikura iyi ntama mu kuboko kw’Imana. Rimwe na rimwe, Satani aza nk’intambwe itontoma, akagerageza kumushikura; ahandi na ho, ageregeza kumuryosharyosha akoresheje amayeri, yiyorobetse amze nk'umumalayika w’umuco, kugira amutware kure y’Umukiza wiwe. Uko biri kwose, Satani arahunga mu gihe uyo mutima wemeye guhangana na we ukamurwanya (Yakobo 4:7). Uyu mutima urabona akamaro ko kubandanya kwezwa, gusenga hamwe no kuririmba indirimbo z’amazaburi za kera: «Mana, nsuzuma, umenye umutima wanje, n’uncace, umenye ivyiyumviro vyanje, urabe yuko hariho inzira y’ibibi yoba iri muri jewe, undongorere mu nzira y’ibihe bidashira. » (Zaburi 139: 23-24. Mpwemu Yera aratuturira amashami y’uyu mutima, akawukuramwo ivyo vyose vyowubuza kwama, kugira ngo urushirize kwama ivyamwa vyinshi (Yohana 15:2). Umuntu w’umutima nk’uyu aritahura, akamenya yuko adatunganye, hanyuma bishitse agacumura, yama yiteguye kwicisha bugufi no gusaba imbabazi bagenzi we. Umwana w’Imana mu rugendo rwiwe arahura n’ibimugora, arashobora guhamwa no gukengerwa na bagenzi we, mbere n’abakunzi biwe bo ku mutima. Kubaharira no kwihangana bimushoboza kubandanya kubakunda no kubasengera, naho boba bamukengereye bakongera bakamubabaza. Iyi ngenzi ishishikara kubona no kwumva ivyo inzira yagutse yo mwisi, ibinezereza vyayo hamwe n’ibikorerwa muri yo. Umubiri rero uraheza ukageragezwa no gukunda ivy’isi, yamara umuntu afise umutima wanesheje aha agaciro ubugingo bwiwe kuruta umubiri wiwe uzobora. Nta kintu na kimwe ashobora kuguza umutima wiwe. Nico gituma yiyanka (Luka 9:23), kandi agwanya umubiri wiwe akawuhindura umuja (1 Korinto 9:27). Imana iramurwanira mu ntambara ziwe zose acamwo.
UMUTIMA USUBIYE INYUMA
«Nta muntu afashe isuka irimishwa n’inka, arāba inyuma, abereye ubwami bw’Imana.» (Luka 9:62). Uyu mutima wuzuye umubabaro. Watanguye kuva ku Mukiza wawo bivuye ku kudendebukirwa no kutitwararika kwama wiyeza. Buhoro buhoro, uyu mutima utangura kwanka guhanurwa na Mpwemu Yera, ukanka n'impanuro za bene Data bo mu buryo bw’Impwemu. Mugihe Imana ibonye yuko uyu mutima wanka kurongorwa, imperuka iraheza ikawuvamwo burundu, ugatakaza ubushobozi mbere no kurindwa. Igikurikira iyo Mpwemu awuyemwo, haba gutakaza inyifato nziza iva kuri Mpwemu (uburorero bw’intama n’inuma). Satani hamwe n’impwemu mbi ziwe zihumanye zari zarirukanywe zikaja kure, ziraheza zikagaruka muri iyo nzu zigasanga ata Mana ikirimwo.
«Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica ahatagira amazi, irondera uburuhukiro, ikabubura, ikavuga, iti reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo. Ihashitse, igasanga ikubuye, iteguritse. Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi.» (Luka 11:24-26). Kwumvira imisi yose no kuba maso nivyo vyatumye uyu mu Kristo agira ukunesha mubuzima bwiwe bw’impwemu; Ariko ku bw’imyitwarariko y’ivy’isi, guheba gusenga buri musi, no kudasoma Ijambo ry’Imana, Satani yaciye amugira imbohe, arasinzira mu buryo bw’impwemu, afise intumbero yo kumubuza kuzosubira kwikangura: «Nico gituma bivugwa ngw’ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.» (Abanyefeso 5:14). Nk ako, ijwi riva kuri Mpwemu Yera rirawuhamagara akanya kose, ariko uyo mutima ugakomeza gusubira inyuma no kwisinzirira.
Rimwe na rimwe, uyo mutima ukomeza kugira ishusho nziza kubawubona bari hanze, ukerekana ko womenga urakunda Imana. Nyene uwo mutima abandanya aja ku rusengero, agakomeza gusenga amasengesho y’impfagusa, akanashinga Intahe zitari zo; aba pasitori badakijijwe hamwe n’abavugishwa b’ibinyoma bagahenda uwo mutima mu kuwuremesha muvyo urimwo, igihe cose uyu mutima utiteguriye kuva mu vyaha biwunezereza. Uyu mutima uba waramaze gukomantara cane.
Ubandanya kugiranira ubucuti n’abantu b’isi. Ubupfu bwinshi n'ibisayangana bimujana mukwinezereza mu vy’umubiri birawukwega cane. Ibiyago bibi n’ibitwenza bibi nivyo biwuranga.
Uba warateye akagere ijwi ryo mumutima riwubwira gukora neza, mbere ntube ukinaryumviriza.
Imyidodombo, ishari, imitongano, ukudaharira n’ibindi vyaha vyinshi ni vyo biba bisigaye biganza ivyiyumviro vy’uwo mutima, bikemeza ko wamwansi mubi aba yarasubiye kuwiganzira. Ivyaha vya kera biragaruka bikonona uyu mutima wahora utunganye kandi wejejwe. Umusaraba uba wahindutse nk’ikigwisha, kandi ntuba ugishobora kwiyanka. Inzira z’Imana n’ishengero ryayo biba vyarawagiye kandi nta gaciro biba bigifise kuri wo namba. Ukuboko kw'Imana kwama kuri kuri wo kugira ngo kuwuhane mu Buryo bwinshi, yamara ukwikingira wo nyene ubwa wo kuba kwasubiye mukibanza cahoramwo ukubabazwa n’ivyaha mu buryo bw'Impwemu. Ukwiyerekana wonyene ubwawo ko ugororotse ni kwo ukoresha aho kurondera gutsindanishirizwa n’ukwizera Yesu Kristo. Mbega ukuntu biteye ikigongwe kuba muri ivyo bihe! Ivyahora biwunezereza ntibiba bikiwuhimbara. Yamara ubuntu bw’Imana bubandanya kuwuhamagara ngo usubire wihana. Yesu umwungere wawo aba ababaye cane, aca agenda hanze kurondera iyi ntama. Ku mugoroba aharuye intama ziwe, asanga hari intama imwe itatashe imuhira, urukundo rwiwe ntirumukundira guhora; ariko aca asemerera ati: «Garuka, nasheshe amaraso yanje ku bwawe. »
IHEREZO RY’UMUTIMA W’UMUNYAVYAHA
Iherezo ryahavuye rishika, wa muntu afise umutima w’ivyaha arashika k’umusi wiwe wo gupfa. Umubiri wiwe wuzura umubabaro, kandi umutima wiwe nawo wuzura ubwoba.
Ubutunzi bwiwe bwose yari yaregeranije nta gaciro bwari bugifise. Abagenzi bose yari afise mu bihe vy’umunezero, ubu ta n’umwe akiza aho ari. Ibibi bivuye ku vyaha bihagarara imbere yiwe, bikamwagiriza mu mutima mugacerere. Ijwi ry’Imana rivuga ubwa nyuma riti: «Mpwemu wanje ntazokwama aranyinyurana n’umuntu.» (Itanguriro 6:3). Ariko iryo jwi ntiryasubiriye ukundi. Ubu rero Mpwemu w’Imana aca ahindukirira abakiri bazima mu gushinga intahe ubwa nyuma, avuga ati: «Itegereze ingero y’icaha.» Birateye ubwoba kuraba umunyavyaha mu gihe ciwe co gupfa. Nta vyizigiro, nta Mukiza, nta nu muco. Haba hari umwijima n’ukwihebura kwinshi. Ukuryanya insya z’amenyo n’itanure ryaka umuriro ni vyo biba bimurindiriye. (Matayo 13:42)
Ukwo guhona kurarindiriye abanyavyaha bose, nibaba batigeze bava mu vyaha vyabo, canke ni baba barasubiye mu vyaha vyabo nk’uyu mutima wasubiye inyuma: «Kandi nk’uko abantu bābikiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza imanza.» (Abaheburayo 9:27)
IHEREZO RY’UMUTIMA UNESHEJE
Ku bwo kwizera, Umukristo arashobora kubona igisagara ciza cubatswe n'Imana, ico yateguriye abayikunda, ari ryo JURU. Yumva Yesu avuga ati: «Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. I muhira kwa Data hari inzu nyinshi... Nzogaruka kubajana iwanje, ngw’aho ndi namwe abe ari ho muba.» (Yohana 14:1-3). Umukristo yifatanya na Pawulo, akavuga ati: «Urupfu rumizwe n’intsinzi… Wa rupfu uruboyi rwawe ruri hehe?» (1Abo i Korinto 15:54-55).
Aremeshwa igihe cose yibutse ko Yesu yavuze ati: «Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho; kandi uwuriho wese anyizera, ntaho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira.» (Yohana 11:25-26). Amahoro n’ugutekana yari afise mu buzima bwiwe, n’ubu birabandanya kugeza kumwanya wa nyuma w’ubuzima bwiwe hano kw'isi. Igihe asezera, intahe yiwe iremeza atagukekeranya, ko biciye mu nzira yo gucungurwa yakiriye mu kwizera Yesu Kristo, ari na vyo vyamuzigamye mu buzima bwiwe hano kuri iyi si, ko bitazomuvako no mu gihe ashitse mu rupfu, kuko yizigiye Umwana w’Imana ahoraho, nawe akamuzigamira muri ubu buzima bwo muri iyi si; kandi ko atazigera amuheba kugeza no ku rupfu; kuko yifatanije ubutakivana n'umwana w'Imana. Yesu azorungika abamalayika biwe gutahana Impwemu yiwe imuhira kwa data (Luka 16:22). Muvyo yeretswe, Intumwa Yohana yabonye «... ishengero rinini, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose, imiryango yose, mumoko yose no mu ndimi zose,... bambaye imyambaro yera... Basemerera n’ijwi rirenga bati: «agakiza ni ako Imana yacu... kandi ni ako Umwagazi w’Intama». arambwira ati: «Aba ni abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imyambaro yabo bayezesha amaraso ya wa Mwagazi... Ntibazoba bagisubira gusonza, kandi ntibazoba bagisubira kunyoterwa, kandi izuba ntirizobarabika canke indugumba yose, kuko uwo Mwagazi... azobaragira, kandi azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.» (Ivyahishuriwe Yohana 7:9-17) Mbega wumva wipfuza kuzoba muri iryo shengero rinini Yohana yabonye? Mbega Yesu yoba n’ubu ari ku rugi rw’umutima wawe akomanga? Ingo, itabe iryo jwi ryiwe ririko riraguhamagara, maze umwakire mu mutima wawe. Birashoboka ko iki gihe coba arico ca nyuma wumva Imana iguhamagara.