“Ni nde muri mwebwe afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza aho ayibonera? Iyo ayibonye, ayiterera ku bitugu, anezerewe; Kandi igihe ashitse mu rugo, agahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababwira ati: “Tunezeranwe, kuko ndabonye intama yanje yari yazimiye.” (Luka 15:4-6).
Yesu ni Umungere Mwiza
“Inkuru ikurikira irerekana urukundo rwa Yesu n’uko yitwararika abantu bose. Umwungere yari afise intama ijana. Yarakunda intama ziwe kandi aca azishira mu buragiro bwiza bwo mu mwonga uri hagati y’imisozi. Uwo mwonga cari ikibanza gitekanye, ariko mu misozi hari hateye ubwoba. “Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu buragiro bw’ubwatsi butotahaye. Andōngōrera iruhande y’amazi adasūma.“ (Zaburi 23:1-2)
Rimwe na rimwe umwungere yarajana intama ziwe kurondera uburagiro ku misozi. Umwungere yararagira neza intama, akazikingira, kandi akazisubirana neza mu kibanza gitekanye co mu mwonga hakibona imbere y’uko haza umuzimagiza. Mu kwinjira mw'irembo, umwungere yaritonda agaharura izo ntama igihe zaba ziriko zirinjira mu rugo. “Nuko Yesu yongera kubabwira ati: ni jewe rembo ry’intama. Ni jewe rembo, kandi uwushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka ubwatsi butotahaye.” (Yohana 10:7, 9)
Intama Yazimiye
Umugoroba umwe umwungere yaharuye asanga afise intama mirongo icenda n’icenda. Imwe muri izo ntama yari yasigaye ku musozi! Izazaniwe n'ibintu biyikikije, iyo ntama yari yasigaye inyuma y'izindi. Agasaka k'ivyatsi bitotahaye kakwegakweze iyo ntama kayijana kure y'inzira. Iyo ntama yari yaciye ihagarara itangura kwihweza neza amashurwe, ibiti, n’amashamba ivyo itari bwigere ibona imbere y'aho. Itangajwe n’ivyo bintu bishasha ibonye, yaciye yibagira gukurikira umwungere ica isigara kure cane inyuma y’izindi. Ku mugoroba, iyo ntama ubwo nyene ica yisanga isigaye ukwa yonyene iri kure cane yo muhira. Yaciye igira ubwoba ica itangura kwiruka. Muri ukwo kuzazanirwa yaciye ijana inzira itari yo. Ntiyashobora kubona umwungere, izindi ntama, canke inzira iyijana imuhira. Burira hagwa imvura y’igihuhusi n’imituragaro. Intama yazimiye yinyegeza mu gisaka yajovye kandi igowe cane. “Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe” ( Yes 53:6). Nk’uko bisanzwe imiravyo n’imvura vyarahagaze. Ugwamo n’igitutu c’ijoro bitera ubwoba intama bituma yongera kwiruka cane.
Amahwa arayitabagura itangura kuvirirana. Inyuma yayo hari amabingira yivuga ayihiga akurikirana amakanda yayo yari yabonye.
Umwungere Arondera Intama
Umwungere abonye ko hariho intama ibuze, yugara irembo ry’intama, afata inkoni yiwe y’ubwungere asubira inyuma mu misozi. Umwungera ahura n’igihuhusi kirimwo imituragaro hamwe n’umwijima. Yari ashonje, atose kandi akanye cane. Yaguma ahagarara agahamagara intama, ariko ntiyigeze yumva imusubiza mu kwabira. Yari arushe, ariko arakomeza ararondera. Umwungere amaze kwumva amabingira yivuga ari kure aca amenya ko intama yiwe ibangamiwe cane. Aca atumbera iyo nzira. Mbega intama ntiyatabawe itevye? Intama yazimiye kandi yumva amabingira yivuga, yarabandanije kwiruka ku buryo yacitse intege irananirwa. Ntiyamenye ko ayo mabingira ateye ubwoba ari yo ariko arahiga kugira ngo ayite mu mutego. Iryo joro ryabayemwo ibikomeye. Intama yari yafashwe n’amahwa iri hafi y’ikinogo kinini. Yariko iravirirana, yarushe kandi ikikijwe n’amabingira. Yaragerageje kwigwanira mu buryo buteye ubwoba, ariko ntiyashoboye kwikiza. Womenga yari yageze kwiherezo ryayo. Ico yari ishoboye kwari ukuboroga irondera icoyifasha gusa.
Intama Itabarwa
Umwungere arayumva aca aza aho iri yiruka! N’ubwoba bwinshi yatumbereye ayo mabingira aca arayirukana. Aja kuntama yiwe yariko iraboroga ayikura mu mahwa buhorobuhoro no kuri ico kinogo kinini. Aca ayivura inguma ayishirako amavuta avura. Aca aterura intama yiwe ayijana buhorobuhoro muhira. Intama yari yatakaye iraboneka. “ni ko nanje nzobariritsa intama zanje; nzozikiza ndazikūre ahantu hose zāsābagiriye ku musi w’igicu c’umuzimagiza w’umuzitanya” (Ezekiyeli 34:12).
Twese tumeze nk’intama yazimiye. Yesu umwungere mwiza aradukunda kandi adufitiye ikibanza ciza. Hariho umwansi agomba gusambura imitima yacu. Satani aratugerageza adukwegesha ibintu bishashagira, akadusezeranira umutekano n’ibihe vyiza. Impera n’imperuka, amasezerano yiwe adusiga iminwe misa. Umunezero n’ivyo satani atanga ni ibinyoma n’uruhendo. Adushira mu mibabaro n’ubwoba; turakomereka kandi tugatabuka imitima. Tuyerera nk’impumyi kandi ntidushobora kurokoka. Turashima Yesu yaduhaye inzira yo gutabarwa. Abandanya arondera abo bose bahenzwe na Satani bakarwa mu mutego w’ibinyoma vyiwe. “kandi Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.” (Luka 19:10).
Yesu aravuga muri Matayo 11:28, ati “Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe, ndabaruhura” Turakeneye gusenga Yesu, tukemera ivyaha vyacu tugasaba imbabazi. Tukamuha ubuzima bwacu bwose, tukava mu nzira z’ivyaha. Yesu yapfuye ku bwacu yishura ivyaha vyacu kubwo amaraso yiwe kandi turashobora kwozwa tukera imbere y’Imana. Haba umunezero mw’ijuru iyo intama yazimiye ibonetse ikazanwa n’umuwungere mu zindi ntama ziwe. “Kandi iyo ayibonye, ndababwira ukuri yuko ayinezererwa kuyirutisha zimwe mirongo icenda n’icenda zitāzimiye.” (Matayo 18:13).