Woba warigeze kuraba hirya no hino ugatangazwa n'ingene ibintu vyose vyatanguye? Hari ibikoko vyinshi, inyoni, ibiti, hamwe n'ibimera vyose kw'isi. Mbega vyavuye hehe? Mbega ni ho vyamye igihe cose? Mbega ku muntu we vyagenze gute? Niwirabe ubone ingene umubiri wawe ukora. Ukoresha amaso yawe ukabona, amatwi yawe ukumva, kandi amaguru yawe n'amaboko aragufasha gukora ibintu n'ukuja aho ashaka. Mbega ibi vyapfuye gushika uko, canke vyakozwe n'umuntu umwe ?
Inyishu kuri ibi bibabzo ziboneka muri Bibiliya, Ijambo ry'Imana. Bibiliya iratubwira ivyerekeye ukuremwa kw'isi. Umurongo wa mbere wo muri Bibiliya uvuga ngo: “Mu ntango Imana yaremye ijuru n'isi” (Itanguriro 1:1). Imbere yuko isi iremwa, Imana yoyo yariho. Imana yamyeho; ntigira intango canke iherezo. Igice ca mbere c'Itanguriro kitwigisha ko Imana yaremye isi n'ibiri muri yo mu misi itandatu.
Ku musi wa mbere Imana yaravuze iti: “Nihabeho umuco.” Umuco uca urabaho. Iraheza itandukanya umuco n'umwijima. Imana yita umuco umurango, umwijima na wo iwita ijoro.
Umusi ugira kabiri, Imana yaremye ikirere.
Ku musi ugira gatatu, Imana yatandukanije imisozi n'amazi, maze ivyita isi n'ibiyaga. Imana irema ivyatsi, ibiterwa, hamwe n'ibiti kandi ivuga ko vyama imbuto zo gutuma ibiterwa vy'ibiti nk'ivyo bimera bikagwira.
Ku musi ugira kane Imana yaremye ivyaka bibiri binini mu kirere. Izuba ni icaka kinini co kiganza umurango, kandi ukwezi ni icaka gitoya kiganza ijoro. Kubera vyo, turafise imisi, amezi, hamwe n'imyaka. Yaremye kandi n'inyenyeri zose.
Ku musi ugira gatanu Imana yaremye ibiguruka n'amafi.
Ku musi ugira gatandatu Imana yaremye ibikoko vyose bigendagenda n'ivyikwega hasi, hanyuma ivuga ko birondoka bikavyara ibindi bisa na vyo. Kubera yavyise uko, ubuzima bwavyo bugenda burahanahanwa bwisubiriza. Uko ibishaje bipfuye, haba hariho ibindi vyinshi vyo kubisubirira.
Ku musi ugira gatandatu kandi Imana yaremwe umuntu mw'ishusho yayo, imubumvye mu mukungugu wo hasi. Yari izi ko umuntu azokenera umufasha, maze itora igufa ryo mu rubavu rw'uwo mugabo irikuramwo umugore.
Imana ibabwira ngo bavyare, bagwire buzure isi kandi baganze ivyo yaremye vyose.
Imana ihejeje kurema, yabonye ko vyose vyari vyiza. Imana yaremye isi kugira ngo umuntu ayibeko, kandi umuntu yashiriweho gusenga Imana n'ukuyihesha icubahiro. Imana yaremye umuntu ngo aganze isi kandi abungabunge ivyo yaremye.
Bibiliya irimwo n'izindi nkuru nyinshi cane zerekeye isi n'abantu uko imyaka yagiye irakurikirana, ariko iyi ni inkuru y'ingene vyose vyatanguye.
Imana irakunda umuntu kuruta uko twigeze kubitahura, kandi yaturemeye ibintu vyinshi vy'igitangaza kugira ngo tubinezererwe. Gukikira uruyoya mu maboko, kubona ishurwe ryiza, canke kuraba izuba rirenze vyotegerezwa kudutera kwiyumvira Imana Se w'ibintu vyose. Yipfuza ko uyubahisha ubuzima bwawe. Ifise ubushobozi ku bintu vyose, kandi iragukunda, ikagomba kuba Umukiza wawe n'Umukunzi wawe.