Abantu bose bo ahantu hose baripfuza kandi barizera kuronka ibintu vyiza mu buzima bwabo. Umuntu agomba kuronka ivyokurya biryoshe, n’ibintu bikwiye kugira ashobore kubisangira n’abagenzi hamwe n’abashitsi; nk’impuzu nziza kandi zikwiye kugira yame afise izo guhinduranya na canecane mu bihe kanaka vy’imisi mikuru; inzu nziza ikomeye, yagutse kandi isakaye neza mu buryo bukwiriye ibihe vyose vy’ihindagurika ry’ikirere.
Turizera kandi kuronka mu minwe yacu amahera yo gushobora kuriha ikintu cose dukeneye, ku bijanye n’ivyo tuba turiko turakora canke kuriha imiti bishitse tukagwara, canke ayo kuriha urugendo mu gihe tuba tugiye kuramutsa abagenzi bacu mu kindi gisagara.
Umuntu wese arakeneye kuryoherwa no kugira icizere co gushika ku co agomba, no kugira amahera arenga kuyategekanijwe, kugira ashobore kuriha ivyorenza igiciro categekanijwe atari avyiteze.
Yesu mu Butumwa Bwiza uko bwanditswe na Matayo 6:32 yaravuze ko Imana izi ivyo dukenera. No muri Luka 12:30 havuga ngo: “…..ariko so wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikena.”
Mu Vyanditswe nta nakimwe cerekana ko Imana yacu y’ijuru n’isi itandukanya abantu ifatiye ku bwoko canke ku rukoba rwabo. Mu bwenge bwayo bwose bwo gutegura ibintu, Imana yari izi ko abantu bose bakeneye ibintu bimwe.
Kandi Imana yarashizeho uburyo bwotuma turonka ivyo bintu vyankenerwa mu buzima. Irafise mbere umugambi kanaka ku muntu umwumwe wese. Ahanini kuba tutaronka ivyo dukeneye si ikosa ry’Imana, si iryo ibidukikije kandi si n’iryo abandi bantu badukoreye. Abenshi barababazwa kandi birabagora mu kubaho kwabo ariko ntibamenya igituma bananirwa.
Abantu benshi babandanya bakoresha inzira zitarizo kugira ngo baronke ivyo bakenera mu buzima bwabo… Mbega umuntu yokwitega gute kuronka inyungu nziza yaciye mu nzira itariyo? Imana iravuga iti: “Uzokore mu misi itandatu, ube ari yo ukoreramwo ibikorwa vyawe vyose.” (Kuv 20:9)
N’Imana ntiyigera yitega yuko umunebwe canke umukozi akora atagomba, canke umuntu atari umwizigirwa yokwigera aronka ivyokurya bikwiye. None tweho twovyitega gute?
Niyo tutagomba gutumbera igikorwa mu buryo bukwiye mu misi itandatu y’iyinga ry’ibikorwa, ntituze twigere twitega kuronka ibintu vyiza vy’ubuzima; ntituze tunibazeko gusega ivyokurya canke amafaranga bizotuma dutera imbere canke biduhesha agaciro ku muntu n’umwe.
Igihe ubaye umunebwe ku gikorwa cawe kubera ko shobuja atabibona, uba uriko uramwiba, ntuze wigere witega ko abakozi bawe nabo bazokora neza igihe nawe mu buzima bwo muri kazoza hazogira abo uha akazi. Iyo nyifato yawe itabonekera amaso yiwe iraboneka yose imbere y’Imana. Iyo Mana izoduhemba ibihwanye n’ivyo twakoze. Dusoma mu gitabu co Gusubira mu Vyagezwe 32:35 no mw’ikete ryandikiwe Abaroma 12:19 ngo: “azodusubiriza mu nkoko y’ibikorwa bibi twakoze.”
Igipimo cambere co kuzomererwa neza canke nabi kiba hakiri kare mu buzima bwacu. Ni ukwumvira abavyeyi. Iyo tunaniwe ni co gipimo cambere kandi gihambaye, ntacizere na kimwe tuba dufise co kuzogira ubuzima bwiza. Reka dusome mu gitabu co Gusubira mu Vyagezwe 5:16 “Wubahe so na nyoko nk’uko Jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ngo urambire mu gihugu Jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamerererwe neza” reka dusome kandi Abanyefeso 6:1-3. “Bana mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu; kuko ivyo ari vyo bigororotse. Wubahe so na nyoko; ico ni co cagezwe ca mbere kirimwo isezerano, kugira ngo uronke amahoro urambire kw’isi” gukubita abavyeyi bigeza ku rupfu. Raba mu gitabu co Kuvayo 21:17: “Uwukubise se canke nyina ntazobure kwicwa.”
Igipimo ca kabiri na co ni ukuba umwizigirwa ku bakoresha bacu baduhaye akazi. Iyo umwivye, yaba umugenzi wawe canke umwansi wawe canke leta, ntuze wigere witega yuko bizotuma utera imbere. Naho sobuja atoba azi ko umwiba umwanya canke ibintu, ariko ico tuzi ni uko Imana nkuru yo mw’ijuru yoyo imbere yayo ata nakimwe gihishijwe, iguma yandika ikabika ingeso n’ibikorwa vyawe. Muri Bibiliya, igitabu co Guharura 32:23 tuhasoma ngo: “…kandi mu menye ko icaha canyu kizobahama.” Muri Luka 12:2 Yesu yavuze ati: “Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke icanyegejwe kitazomenyekana.” Na Luka 16:12 Yesu na we yaravyerekanye neza cane. Avuga ati: “Kandi namba mudakora ivyo mwizigiweko ku vy’abandi mwabikijwe, ni nde azobaha ivyo mwiganzira?” Ntihagire icotwitega kuzoronka ubwacu nihaba hari ico twakoreye nabi umuntu mu vyo agaba, vyaba ibintu canke umwanya. Ariko twari dukwiye kwubahiriza yuko ibikorwa vyabakoresha bacu bitera imbere, kuko ni bo baduhemba umushahara wacu, imbere yo kurindira yuko ivyiza bituzako. Nimba warasezeranye guhemba, nimba warasezeranye kuza ku gikorwa canke kugarukana ico watiye ariko ntushitse neza ico waseranye; ntuze wigere witega yuko Imana nayo izoshitsa neza amasezerano yayo yasezeranye nawe. Nimba amajambo yawe ata bwizigirwa arimwo, ntiwitege yuko kuroranigwa bizokuzako. Nimba uvuga ibinyoma canke usura ibinyoma, ntuze witege yuko bazokubwira ukuri. Ahubwo niwiyumvire iherezo ry'ababeshi... mw'Isezerano Rishasha, mu Vyahishuriwe Yohana 21:8, dusoma ngo: “…n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’ibizuku, ni co rupfu rwa kabiri.”
Abantu boroherwa no kuvuga amajambo y’ibinyoma, barashobora gusanga kandi biborohera no kwiba. Niwaba uri igisuma, ushobora kandi kwitega yuko nawe ivyawe bizotwagwa n’abandi basuma. Muri 1 Korinto 6:10, dusoma ngo: “Ibisuma, abipfuza, imborerwa, abatukana canke abasahura, ntibazoragwa ubwami bw’Imana.” Canke niwaba wararonse amahera mu buryo bunyaruka kandi bworoshe, biciye mu bintu wironkera bija ku ruhande rwawe hamwe n' imitego wewe nyene utega, ntiwitege ko uzoyagumana. Ntabwo uzi ubwenge nk'uko uvyiyumvira.
Mu Migani 13:11, dusoma ngo: “Ubutunzi buronkeshejwe amajambo atagira ikimazi bugenda buyoka, ariko uwurundanya yitonze azokwunguka.” Turashobora kwitega igikorwa “kidutungisha ningoga” tugaca dusanga turangirije ku “gukena ningoga”. Imigani 28:22, dusoma ngo: “Uwo ijisho ribi yihutira itunga, kandi ntamenya yuko ubukene buzoteba bukamutera.”
Kandi reka turabe ku caha c'ibiturire-- gutanga canke kwakira amahera utakoreye canke ingabire mu buryo budahuye n'amategeko kugira ngo urushirize kwinezereza. Niba uri mu kibanza c'ubutegetsi, ufise ubushobozi, canke ata vyo ufise, iki ni ikibi kibabaza umutima giharurwa mu bindi vyaha bigoye cane.
Reka dusome Zaburi 26:9-10: “Nturandurane umutima wanje n’abanyavyaha, canke ubugingo bwanje n’abavisha amaraso. Mu maboko yabo harimwo ikibi, ukuboko kwabo kw’i buryo kwuzuye IGITURIRE.”
Kandi muri Amosi 5:12 --“Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingene ari vyinshi, n’ivyaha vyanyu ingene ari ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya igiturire, mukazibiranya abakene mu manza muri mw’ishikiro ry’igisagara.” Kandi no mu Kuvayo 23:8, dusoma ngo: “Ntimuzokwemere igiturire. Kuko igiturire gihuma amaso y’ababona, kandi kigacisha nabi imanza z’abagororotsi.”
Ni twaba twarakiriye igiturire duhawe n'umuntu canke kugira tugirire nabi uwundi muntu, dukwiye kwitega ko abandi na bo bazohabwa igiturire co kuturwanya. Guhera umuntu ngo agukorere ico utari ufitiye uburenganzira canke igitutire ni bimwe mu bansi babi b’iterambere mu kibano ca kimwe no ku gihugu. Ntiwitege ko ukwiga, canke mbere no kwiga umuntu akaminuza bizotuma aca aheba ubuzima bw'igiturire canke ikibi. Uguhinduka kw'umutima kwonyene hamwe n'inyifato, biciye mu maraso ya Kristo akuraho icaha ni yo ashobora gukiza ubugingo bwacu ivyaha n'ibibi vyose vyinyegeje muri twebwe.
Nimba wipfuriza ingorane canke ikibi umubanyi wawe, umwansi canke umugenzi; ntiwitege ko uzoronka ikindi kintu, atari uko ico kibi umwipfuriza kizoza kuri wewe nyene. Soma Zaburi 35:7-8, “Kuko banteze umutego mu cobo ata nyanduruko, kandi bimbiye ubugingo bwanje ata nyanduruko. Kugesezwa kubagweko giturumbuka, kandi umutego bateze ube ari bo ufata ubwabo, bawugwemwo, bagesezwe.”
Nimba waratonganye canke ukagwana n'abandi, ntiwitege ko ubuzima bwawe buzoba amahoro. Ubwoba no guhagarika umutima vyiteguye kugukurikira, kugeza usubiriye kurondera amahoro.
Nimba vyoshika ugatora ibintu canke amahera umuntu yataye, ntuce ubitwara ngo ubigire inyungu yawe. Nimba udashoboye kubigarukana mu bwizigirwa ngo ubisubize uwabitaye, ntiwitege ko nawe ibintu vyawe bishitse bigatakara, bazokwigera babikugarukanira.
Ntiwitege ko ubutunzi bwa mugenzawe w'umutunzi ari bwo buzogufasha. Amahera yiwe arashobora kuzimangana kandi mwese mugaca mutakaza ivyizigiro mwari mufise. Bizokubera vyiza mu gihe urondeye ayawe bwite. Mu Migani 11:28 dusoma ngo: “Uwizigira ubutunzi bwiwe azotemba, ariko abagororotsi bazototahara nk’amababi aremvye.”
Nta gituma wokwigisha umwana muto ngo asege canke ngo aze arasaba amahera abandi bantu. Ico umuntu akoreye umwana yibaza ko ari ciza, kirashobora guhinduka ingeso mbi mu gihe amaze gukura. Reka rero ahubwo twemere ubuzima hamwe n'ingorane zabwo hanyuma dukore imisi itandatu mu ndwi kandi twige gutanga, kuruta aho tuza turasaba ibintu vya gusa.
Kandi, reka twiyigishe gutanga twebwe ubwacu hamwe n'abana bacu. Muri 2 Abo Korinto 9:6-8 Intumwa Pawulo yandika kuri be n’ivyo ati: “Ariko ico mvuga ng’iki: Uwubiba nke, azokwimbura bike, uwubiba nyinshi azokwimbura vyinshi. Umuntu wese atange nk’uko abigabiye mu mutima wiwe, atababaye canke atagōberewe, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe. Kandi Imana ishobora kubasesēkazako ubuntu bwose, kugira ngo murushirize gukora ivyiza vyose, mufise ibibahāgije muri vyose.”
Yesu yigishije ko ari vyiza gutanga kuruta guhabwa, Ivyakozwe n'Intumwa 20:33-35.
Nimba umuntu ari ikinebwe, kandi akaba yanka abandi, canke akanka gukora, hanyuma agahitamwo ahubwo kuba umuvugabutumwa canke umupasitori, canke agaca yerekana ko ashaka kuba umumisiyoneri canke uwuvugishwa n'Imana, ariko adafise Imana hamwe n'abantu bayo ngo bamutore canke bamwemeze, akiyumvira gusa ko abantu bazomuhemba... akwiye kumenya ko atoshobora kwitega ko azogira iherezo ryiza.
Nta bwinshi bw’ubutumwa yavuze canke ubuvugishwa bwiwe bizokwama binyegeje amabanga y'ubunebwe bwiwe. Ukuvugishwa ibinyoma, canke kuvyigirisha, bizomushikana gusa ku gutsindwa n'urubanza guhambaye.
Reka dusome muri 2 Petero 2:1-3: “Ariko hari abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bwoko bw’Abisirayeli, nk’uko no muri mwebwe hazobaho abigisha b’ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitere guhona; bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bihamagarire uguhona gutebutse. Kandi ingeso zabo z’isoni nke benshi bazozikurikira; kubwo ivyo, inzira y’ukuri bazoyitukisha. Kandi ukwipfuza inyungu kwabo kuzobatera kubungukirako, bababwiye amajambo y’amaremano. Ntibateba gutsindwa n’urubanza uhereye kera, no guhona kwabo ntigusinziriye.”
Ntimwitege kwimbura ibintu vyiza mutabivye. Nimwaba mudafasha abapfakazi n’aboro, ntimwitege kuronka imfashanyo igihe c’imisi yanyu y’imibabaro. Utagomba kuja gufasha abavyeyi bawe bageze mu za bukuru, ntiwitege ko umuryango wawe nawe uzogufasha mu busaza bwawe. Reka dusome Imigani 21:13: “Uwiziba amatwi umugorwa atakamba, na we nyene azotakamba ntiyumvirizwe.”
Soma no mw’ikete ryandikiwe Abo i Galatiya 6:6-8: “Ntimuzimire, Imana yo nticokorwa; kuko ico umuntu abiba cose ari co azokwimbura. Uwubiba mu buryo bw’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; ariko uwubiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira.”
Ntimwitege yuko kujana n’igihe canke iterambere ry’igihugu canyu bizoba imbere yuko namwe mutera Imbere. Abera ba kera ntibiteze inyungu nk’izo. Imana yarabahezagiye naho bari bafise intambamyi n’amagorwa, naho hariho ababarwanya, naho hariho uruzuba n’imyuzurira, naho hari urushana rwabamwo shelegi nyinshi, canke hakaba ubushuhe bwinshi bw’ici, naho habura umwimbu canke hakaba umwimbu w’umusesekara. Nta cotubuza kutera imbere namba dukurikira ukugomba kw’Imana n’umugambi wayo. Naho hari ibihe vy’amageragezwa n’imibabaro, Imana izokwirura kandi izogufasha. Ariko twibuke ko amasezerano adashikijwe ahinduka ibinyoma.
Kubesha n’ubuhemu bihinduka ubusuma. Urwanko n’ukurwana bihinduka ubwicanyi. Kubaho mu vyaha no kwononekara bituzanira, muri ubu buzima, amagorwa gusa; kandi nitwaba tutavyihanye, bizodushikana mu rubanza rw’Imana no ku guhona kw’ibihe bidashira. Uwizera ata buryarya azibuka ico yasezeranye agishitse; naho bigoye cane kuruta uko yavyibaza igihe yabisezerana. Rero, ntazigera na rimwe ahinduka umubeshi. Uwizera ata buryarya ntagira ubugunge, naho yoba abironkeye akaryo ko kubikora mu mpisho. Rero, ntazigera ahinduka igisuma. Abuzuye urukundo rw’Imana mu mitima (bakunda bose) birinda ivyiyumviro bibi, imitongano n’ukurwana, rero ntibazigera bahinduka abicanyi.
Bigenze neza cane canke buhoro, ukorera amahera menshi canke make; iyo uyasesaguriye mu kwinezerereza canke mu bikino no kurondera gutomboza — ntiwitege kuzoyaronka igihe uzoba uyakeneye vy’ukuri.
UBUZIMA BWO GUSESAGURA BUSHIKANA MU MAGORWA Y’UBUKENE.
Mu migani 21:17, dusoma ngo: “Uwishinga ikiyāgo azocika umukene, Kandi inkunzi y’umuvinyu n’amavuta ntizoba umutunzi.”
Ntiwitege gushobora kuba umuntu w’ingeso nziza atari Yesu wenyene Umucunguzi aguhinduye. Numwiyegurire. Niwihane, serura ivyaha vyawe wakoze kera uvyature vyose. Ntiwishimire ingeso zawe, canke ibikorwa vyawe vyiza, canke ibindi vyose wokwirata. Umuntu atagira Kristo aba yarahushije ubuzima.
Nta bindi vyizigiro uba ugifise atari guhamagara imizimu canke izindi mana, canke kurondera gufashwa n’umupfumu ngo agushikane ku guhinduka wipfuza. Ibiheko, kuragura n’ukubwirwa n’umupfumu canke umurozi ivyihishije ntibishobora kukuzanira kuroranirwa na gato mu buzima. Igiciro c’ivyo bagusaba gutanga ni ubundi buhombe.
ARIKO,
Dushobora kwitega Imana Nkuru y’ijuru n’isi ko idushitsako amasezerano yayo, dukurikiye imigambi yayo twicishije bugufi. Haracariho ivyizigiro, twihanye tugahindukira. Ku ruhande rwayo, Imana irashitsa amasezerano yayo yose.
Reka dusome ivyo Umwami Dawidi avuga muri Zaburi 37:17-31: “Kuko amaboko y’abanyakibi azovunika, ariko Uhoraho aramira abagororotsi. Uhoraho arazi imisi y’abatācumuye, umugabane wabo uzokwamaho ibihe vyose. Ntibazokwicwa n’isoni mu gihe c’ivyago, Mu misi ya kigoyi bazohāzwa. Ariko abanyakibi bazohona, kandi abansi b’Uhoraho bazoshira nk’uko ubwiza bw’ubwatsi butotahaye bushira, bazokamangana, bakamangane nk’umwotsi. Umunyakibi aragurānwa, ntiyishure, ariko umugororotsi agira ubuntu, agatanga. Kuko abahezagirwa n’Uhoraho bazoragwa igihugu; ariko abavumwa na we bazorandurwa. Iyo intambuko z’umuntu zishigikiwe n’Uhoraho, akanezererwa inzira yiwe, naho yotemba, ntazoshika hasi rwose, kuko Uhoraho amugumya mu kuboko kwiwe. Uhereye nkiri muto, none ndashaje, ariko sinigeze kubona umugororotsi yahebwe, canke uruvyaro rwiwe rusēgerereza ivyokurya. Agira ubuntu umusi ukira, akagurāna abandi; uruvyaro rwiwe rukagira umugisha. Tandukana n’ibibi, ukore ivyiza, ubone kwamaho. Uhoraho akunda imanza ziroranye, ntaheba abakunzi biwe. Bazigamwa ibihe vyose; ariko uruvyaro rw’abanyakibi ruzorandurwa. Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemwo ibihe bidashira. Akanwa k’umugororotsi kavuga ivyo ubwenge, n’ururimi rwiwe ruvuga ibitunganye. Ivyagezwe vy’Imana yiwe biri mu mutima wiwe; nta ntambuko ziwe zizonyerera.”
Soma kandi Imigani 19:17: “Uwugirira akagongwe umugorwa aba aguranye Uhoraho, kandi ukugira neza kwiwe azokumwishura.”
Nitwaba duhindukiriye Imana n’imitima yacu yose, twihanye neza ivyaha vyacu Imana ikabiduharira vyose, kandi tuyumviye, dukoze imisi itandatu mu ndwi, tukitaho imiryango yacu tukayifasha, nitwaba twarafashije aboro, tugatanga no mu gikorwa c’Imana, nitwaba tutahemukira abandi no mu vyabo; rero bizotworohera kugumya ibwirizwa ryayo rya nyuma. Reka dusome muri Matayo 6:31-33: “Nuko ntimukiganyire ngo: Tuzorya iki, tuzonywa iki, canke ngo tuzokwambara iki? Kuko ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwararika; ariko So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikena. Ariko mubanze murondere ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo, NI HO IVYO VYOSE MUZOVYONGERWA.”