Hafi imyaka ibihumbi bine irarangiye inyuma y’iremwa ry’ibintu vyose, n’inyuma y’aho Imana ihonereje abantu ikoresheje umwuzure, kuko bari babaye nabi cane ku buryo ivyiyumviro vyo mu mitima yabo vyari ivyo gukora ibibi ibihe vyose (Ita 6:5). Nk’uko vyari mu gihe ca Nowa, aho atawari yiteze umwuzure ko wotera; n’abantu benshi muri kino gihe ntibiteze ukugaruka kwa Yesu.
Ukuzogaruka kwiwe kuzoshika mu gihe kititezwe, nk’uko igisuma kiza mw’ijoro (2 Pet 3:10). Kubera iki twibaza yuko ari vuba cane? Raba hirya no hino yawe; ubona iki?Bibiliya iratubwira uko bizoba bimeze mu gihe ciherezo.
“Ariko umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye, kuko abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, birarira bibona, batukana , batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivyo Imana, badakunda n’ababo banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abishira hejuru, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana ariko bahakana ubushobozi bwako. Abameze batyo wame ubatera ibitugu” (2 Timoteyo 3:1-5). Raba uko ibintu bimeze mw’isi ya none. Abantu benshi baribagiye Imana, hari abononyi, urwanko ruragwiriye mu bisagara vyinshi, amaraso araseseka, ubwicanyi buba ku musi ku musi.
Urwaruka rurihebuye kandi biranse ko rwihangana kandi ruragumutse. Abavyeyi bataye abana babo mu gihe nabo bari babakeneye cane. Uguhakana Imana, uguhoterana, ubukozi bw’ikibi hakoreshejwe inkoho, ubusuma bukogwa n’imigwi y’inkozi z’ibibi buragwiriye mu bantu muri kino gihe.
Ivyo Bibliya yigisha ku bijanye n’abubakanye n’ubusambanyi ntaco bibwiye abantu, abandi barabikengera igihe cose. Mbega bizohava biba vyiza? Ubona hari icizere yuko bizohava bitera imbere? Wibaza iki? Mbega ubona ibi bizomara igihe kingana iki bigenda uku?
Imana imaze igihe kinini ibabaye kandi iguma ihamagarira abantu bose ku gakiza, ariko umusi umwe izobahamagarira umuhero. Hariho umusi w’urubanza, aho hagiye kuza igihe umuntu wese azobazwa ivyo yakoze imbere y’Imana.
Yesu agiye kugaruka nk’uko Bibiliya ivyigisha ibigaragaza. Yesu yaravuze ati: “Ehe ndaza vuba” (Ivyah 22:20). Ivyo ni ibintu bitazoreka kutubako. Umwe wese azomubona aje, kandi ighe azoza azocira urubanza abantu bose (Mat 25:32, Ivyak 20:12). Bamwe bazojana na we mw’ijuru; abandi na bo batererwe mu muriro utazima. None wewe biri gute- Uzoja hehe? Utegerezwa guhitamwo.
Twese twakoze ivyaha
Twese twavukanye kamere y’ivyaha—Twisanga mu caha. Ntanumwe yoshobora kuvuga yuko yabohotse ku caha kuko twese twavukanye kamere yo kwishira hejuru no kwikuda, kandi ivyo ni ivyaha mvukanwa. Kamere y’ukubesha umuntu arayivukana, kamere yo kwiba mw’ishure canke kwiba ibindi bintu ni co kimwe. Tukiri bato twarakoze ibintu vyinshi tuzi yuko ari bibi. Tumaze gukura dusanga tuguma dukwegwakwegwa gukora ibintu nk’ivyo. Icaha kirimwo gushira isoni, ubukunzi bw’inda, ubwibone, ubushurashuzi no guhohotera abandi ntibizokwijana bidahanywe. “ Umuntu akora icaha ni we azopfa” (Ezek 18:4). Ntidushobora kwikura ubwacu mu vyaha, kandi nta caha kizoja mw’ijuru .
Umusi umwe Yesu azomanuka, kandi azojana abo bose biteguye mw’ijuru (1 Tes 4:16-17). Abatiteguye nabo bazotererwa mu muriro utazima bihe bidashira, “Aho inyo zabo… umuriro utazima” (Mark 9:44). Kuri abo batiteguye, hazoba umubabaro, kurira, kubabazwa, kuboroga no kuryanya insya z’amenyo ibihe bidashira. “Kandi umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira” (Ivyah 14:11). Ugutahura kwacu gufise aho kugarukira ntidushobora gutahura ico ivyo bisobanura. Abazimiye— bazotererwa hanze ata vyizigiro!
Ibaze yuko kubwo kugamika izosi no kutagira ico bitaho no gukora icaha, bazobura impera y’agakiza imyaka yose! Ntibizoturuka kw’ikosa ry’uwundi muntu n’umwe ariko ni iryabo ubwabo. Imana mu rukundo rwayo, yaratanze inzira yo guhunga, ariko barayikengera ntibayemera.
Urukundo rw’Imana
Ntivyoroshe kuronka insiguro y’urukundo rw’Imana kuruta iyi yo muri Yohana 3:16-17: “Kuko urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira, kuko Imana itatumye umwana wayo gucira urubanza abari mw’isi ariko yamutumye ngo abari mw’isi bakizwe na we.”
Yesu atumira uwo ari we wese ati : “ Ni muze kuri jewe mwese abarushe n’abaremere ndabaruhura. Mwiremeke ingongo yanje, munyigireko… Kuko ingogo yanje itababaza itabababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse ” (Mat 11:28-30).
Inzira yokuva mu buzimire bwacu ni ukwihana ivyaha vyacu, tukemera Yesu nk’umucunguzi wacu. Kuko yaravuze ati: “ Ni jewe nzira, ukuri n’ubugingo” (Yoh 14:6). "Uwuza kuri jewe wese sinomuhinda na gatoya” (Yoh 6:37). Ijambo ry’Imana ridutumbereza kuri Yesu, umwagazi w’intama w’Imana, yasheshe amaraso kugira ngo adukureko ivyaha, yazutse mu bapfuye kugira ngo aduhe ubuzima budashira.
Nimba utiteguriye ukugaruka kwa Yesu, ngwino kuri we uyu musi. Arakurindiriye aguteze ibiganza. Abiteguye bama bareretse ukugaruka kwiwe. “Ibisigaye mbikiwe igitsibo c’ukugororoka ico umwami wacu, umucamanza agororotse azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabwa, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabwe” (2 Timoteyo 4:8).
Ubuhanuzi bwerekeye ukugaruka kwa Kristo bwaramaze gushika, kandi Yesu arashobora kugaruka igihe ico ari co cose.
Yesu araje! Ariko ntituzi ngo ni ryari,
Niyaza mu gicugu canke mu gitondo canke
ku murango
Umugoroba uzomuzana kutujana;
E.G. Wesley
Mbega noba nderetse kandi niteguye buri musi?