Imana y’ukuri yo gusengwa ni Umuremyi
Dusoma muri Bibiliya ngo: “Nuko Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, mw’ishusho y’Imana ni ho yamuremye. Irema umugabo n’umugore. Maze Imana irabahezagira” (Ita 1:27-28). Imana yaremye umuntu mu buryo budasanzwe kandi bw’icubahiro mu vyo yaremye vyose, “Uhoraho Imana…… amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo umuntu aca aba uwufise ubugingo.” (Ita 2:7). Imana yari yiteze ko umuntu azoyikorera akanayihimbaza. “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabwa uguhimbazwa, icubahiro n’ububasha, kuko ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kandi icatumye biremwa, ni uko wabigomvye (Ivyah 4:11). Nuko rero ivyaremwe vyose vyari bikwiye kuyisenga kandi bikayisenga yonyene, “Imana ni Mpwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri” (Yoh 4:24).
Imana yaremye iyi si ari nziza kandi yimbuka. Ivyatsi n’ibiti vy’ivyamwa ni vyo vyari ivyo kurya vy’abantu (Ita1:29). Imana y’ukuri kandi yashizeho itongo ryiza rya Edeni; irishiramwo umugabo n’umugore ba mbere ari bo Adamu na Eva (Ita 2: 28).
Icaha kimaze kwinjira
Imana yategetse Adamu na Eva kutazigera barya ku giti kimenyekanisha ikibi n’iciza (Ita 2:17). Aho kwumvira Ijambo ryayo, bakwegwakwegwa na Satani kurya ku giti Imana yababujije kuryako (Ita 3). Kubwo kutumvira Imana, Adamu na Eva batakaje ubucuti bwari hagati yabo na yo kandi bwabanezera. Nuko, baca birukanwa muri rya tongo ryo muri Edeni. Kuva ubwo Adamu aca atangura kuronka ivyo afungura ku musi abanje gukora akabira icuya, kandi ivyo vyatanguye kuva ico gihe biguma ariko biri ku mugabo gushika n’ubu (Genesis 3). Adamu n’abamukomokako bari bakeneye umucunguzi kuko icaha cari camaze kwinjira muri iyi si. “Barazimiye iyo bava bakagera, bose hamwe baranduye, nta wukora ivyiza, eka nta n’umwe” (Zab 14:3). “bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubwiza bw’Imana.” (Rom 3:23)
Umucunguzi yasezeranywe
Imana yacu ni Imana y’urukundo. Ntiyigera ireka umuntu ngo abeho ata vyizigiro afise. Hamwe n’igihano giturutse ku vyaha vyabo, Imana yarategekanije umucunguzi (Ita 3:15). Kuva ico gihe umuntu yazana ibimazi vy’intama n’impene. Abeli ni we yazanye ubwa mbere ishikanwa nk’iryo, rinezera Imana y’ukuri (Ita 4:4). Ivyo bimazi vyaganisha kuri Yesu: “Ng’ūwu Umwagazi w’intama w’Imana ukūraho icaha c’abari mw’isi” (Yoh 1:29). Yaje ava kwa Se w’icubahiro, apfira ku musaraba kugira ngo yishure ivyaha vyacu. “Kuko urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira” (Yoh 3:16). Yesu yabaye ikimazi giheraheza ibindi mu gusesa amaraso yiwe kubwo ivyaha vyacu (Heb 9:12, 26). Dutegerezwa kumurabira mu kwizera. “Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kuko ata rindi zina munsi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo” (4:12).
Mbega Imana iripfuza ko umuntu ayisenga?
Imana yarashize icipfuzo co kuyisenga mu mutima w'umuntu. Ntidushobora kubona Imana. Imana iravuga iti: “Imana ni Impwemu” (Yohana 4:24). Nta wigeze kubona Imana (1 Yohana 4:12). Ariko dukoresheje amaso y'ukwizera turashobora kuyibona, “Nk’aho abona Iyitaboneka” (Abaheburayo 11:27). Data wacu wo mw'Ijuru arondera abamusenga mu mpwemu no mu kuri (Yohana). Yesu avuga ati: “Uhoraho, Imana yawe, ube ari yo usenga, kandi ube ari yo usaba yonyene.” (Matayo 4:10). Muri 2 Abami 17:36 dusoma ngo: “Ariko jewe Uhoraho ... mube ari jewe mwubaha, mube ari jewe mwikubita imbere, mube ari jewe muha ibimazi.” Mu Mazaburi turasoma amajambo menshi yerekeye uguhimbaza Imana, kuyikorera, kuyisenga no kuyishikanira ibimazi. Zaburi 103:1-2 dusoma ngo: “Mutima wanje, himbaza Uhoraho. Namwe ibimbamwo vyose, muhimbaze izina ryiwe ryera. Mutima wanje, himbaza Uhoraho; ntiwibagire ivyiza yakugiriye vyose. ”
Mbega Imana Iratuburira kandi ikatubuza gusenga ibigirwamana?
Iravuga iti: “Ndi Uhoraho Imana yawe... Ntukagire izindi mana umbangikanya. Ntukishushanirize ikigirwamana, gisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw’ijuru, canke hasi kw’isi, canke mu mazi yo mu biyaga; ntuzovyikubite imbere, ntuzobisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi Imana ifūha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka.” (Kuvayo 20:2-5). “Kuko mudakwiye kugira iyindi mana musenga namba. (Kuvayo 34:14). Intumwa Pawulo avuga ati: “Ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana isa n’inzahabu, canke ifeza, canke amabuye, ivyābājwe n’ubuhinga n’ubwenge bw’abantu. (Ivyakozwe n'Intumwa 17:29). Mw’ikete ryandikiwe abo I Filipi 2:9-11 dusoma ngo: “Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose, kugira ngo amavi yose azopfukame mw’izina rya Yesu, ayo ivyo mw’ijuru, ayo ivyo kw’isi n’ayo ivyo i kuzimu kandi indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ari Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.”
Itandukaniro riri hagati y’Imana y’ukuri n’ibigirwamana
Intumwa Pawulo ivuga iti: “Turazi yuko igishushanyo atari ikintu mw’isi, kandi yuko ata yindi mana iriho, atari Imwe. Naho hari ivyitwa imana mw’ijuru canke mw’isi, nk’uko hari imana nyinshi n’abami benshi.” (1 Abo i Korinto 8:4, 5). “Ariko Imana yacu iri mw’ijuru, yakoze ibiyihimbaye vyose. Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu, ni ibikorwa n’amaboko y’abantu. Bifise akanwa, ntibivuga, bifise amaso, ntibibona, bifise amatwi, ntivyumva, bifise amazuru, ntibimoterwa, bifise intoke, nta co bikorakora, bifise ibirenge, ntibigenda, kandi ntibivugisha imihogo yavyo. Ababikora bazohwana na vyo, mbere n’uwuvyizigira wese.” (Zaburi 115:3-8).
Umuvugishwa n’Imana Yeremiya mu gice ca 32, ku mirongo ya 17-19 avuga ati: «Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremēsha ubushobozi bwawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye; nta kintu na kimwe kikunanira. Ni wewe ugirira imbabazi ibihumbi n’ibihumbi, ibigabitanyo vya ba se ubihōra n’abana babo babasubiriye mu gishingo; ni wewe uwuhambaye, Imana y’ubushobozi, y’izina ryitwa Uhoraho Nyeningabo. Uri umujenama ahambaye, uri umunyenkomezi mu bikorwa; inyonga zawe zitegereza ingeso zose z’abana b’abantu, kugira ngo ugerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivyo ibikorwa vyiwe vyamye.” Igihe Isirayeli yacumura, ikinjiranwa n’ugusenga ibigirwamana, Imana yahamagaye umuvugishwa wayo Eliya kuvuga ijambo ryayo arwanya ugusenga ibigirwamana. Mu gitabu ca 1 Abami 18, tubona inkuru ivuga ingene umuvugishwa n’Imana w’ukuri Eliya, yahinyuje ba kamenyi ba Bayali amajana ane na mirongo itanu. Yavuze ko Imana iza kwishurisha kurekura umuriro iza kuba ari yo “Mana y’ukuri”. Ba kamenyi amajana ane na mirongo itanu ba Bayali batakambira izina rya Bayali yabo kuva mu gatondo gushitsa mu mashoka. “Ariko ntihagira ijwi ryumvikana canke ikibishura namba.”
Ariko Eliya yasenze ati: “Unyumvire se, ewe Uhoraho, unyumvire kugira ngo aba bantu bamenye ko ari wewe Mana, ewe Uhoraho, kandi ko ari wewe ugarukana imitima yabo.” Maze umuriro w’Uhoraho uca uratibuka, uturira ikimazi co guturirwa na za nkwi na ya mabuye n’umukungugu, urigata na ya mazi yari mu muvo. (V. 37-38).
Igihe Abafilisitiya b’abapagani bari batwaye Isandugu y’Uhoraho, yerekana ubwiza bw’Imana, bayishize mu ngoro ya Dagoni, ikigirwamana cabo. “Bukeye bwaho, mu gitondo ca kare nyene, basanga Dagoni yongeye gutemba yubamye imbere y’isandugu y’Uhoraho, kandi umutwe n’ibikonjo vyayo vyahimbaguritse vyayivuyeko, bitembagara mu rwinjiriro; hari hasigaye umutumba wayo gusa.” (1 Samweli 5:4).
Kwambaza Imana y’Ukuri
“Ibimazi Imana ishikanirwa ni umutima umenetse; umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukēngēra.” (Zaburi 51:17).
“Umunyavyaha nareke inzira yiwe, uwugabitanya areke ivyiyumviro vyiwe; agaruke k’Uhoraho, nawe aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kuko ikunda guharira.” (Yesaya 55:7). “Izere Umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe” (Ivyakozwe n’Intumwa 16:31). “Kuko isezerano ari iryanyu kandi ari iryo abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu.” (Ivyakozwe n’Intumwa 2:39). “Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu niyumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira iwe, dusangire”. (Ivyahishuriwe Yohana 3:20). Mbega uramwumva ariko araramutsa ku rugi rw’umutima wawe? Mbega uramureka ngo yinjire? Ndakwinginze bikore.