Hari uburyo Umukristo yambara bugashingira intahe ubukristo n'umuhamagaro wiwe. Paulo yandikira Abo i Filipi ati: “Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk'uko bibereye ubutumwa bwiza bwa Kristo” (Abo i Filipi 1:27). Inyambaro y'umuntu rero, ni nk'idirisha ryerekana uko ushobora kubona umutima wiwe. Inyambaro kandi irerekana agaciro yiha ubwiwe, Ikerekana kandi umuyobozi w'ubuzima bwiwe canke uwo akorera. Intumbero y'Imana ni uko umwana w'umuntu yambara akikwiza, atari ugupfa uko yifashe. Abigishwa b'ukuri ba Kristo na bo baribonekeza kubwo inyambaro yabo ibaranga.
Satani rero akoresha amayeri menshi mu kwonona uburyo bubereye, Imana ishaka ko abantu bambara. Hariho inyambaro usanga ziharawe, zidaha agaciro kwambara ukikwiza ugapfuka ibihimba vy'umubiri. Ubwibone bw'umutima w'umuntu bwerekanwa n’ukwipfuza inyambaro zigezweho zituma umuntu agaragaza uko ameze. Imigani 21:4 havuga ngo: “Ijisho ry'agakengerwe n'umutima w'ubwibone, bo n'itara ry'abanyakibi ni icaha.” Hari inshono yerekana uko umuntu aremwe igatuma abantu baterwa n'ivyiyumviro bibi birimwo ivyipfuzo vy’ ubusambanyi. Impuzu rero zifashe cane ku mubiri canke zidafuka neza ibihimba vy'umubiri zituma abantu basamara, zikanatuma abantu badasangiye ibitsina bipfuzanya, bigatuma kandi baterwa n'ubushurashuzi. Birababaje cane kubona abantu benshi bitirirwa Imana, yamara batitaye kuvyerekeye kubaho mu bugororotsi . Umuntu rero ariko arirengagiza ubugombe bw’'Imana ku bijanye n'inyambaro.
Amajambo ya Paulo muri 1 Abo i Korinto 6:19-20, aduha urufatiro rw’ivyanditswe ku bijanye no kwicisha bugufi mu nyambaro. “Ntimuzi yuko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebwe, uwo mufise avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza, kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.” Mumenye ko intumwa Paulo itavuga ko Umukristo yoshimagiza umubiri wiwe, Ariko ivuga ko akwiye guhesha icubahiro Imana mu mubiri wiwe no mu mpwemu yiwe.
Yandikira Timoteyo, Paulo yatanze ingingo ngenderwako z'inyambaro ibereye ku Mukristo. Mu guhanura abakenyezi, yandika ati: “Kandi n'abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro baberanye, bagendane urupfasoni no kwitonda, kandi badashazisha gutsiba umushatsi, canke inzahabu, canke imaragarita, canke 'impuzu z'igiciro kinini, ariko bashazishe ibikorwa vy'ingeso nziza, nk'uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana.” (1 Timoteyo 2: 9-10). Petero arongera akandika yuko abagore botegerejwe kwirinda: "Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, ukwo kwambara inzahabu, canke ukwo kwambara impuzu nziza; ariko kube ukwo umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w'ubugwaneza utekereje, ni kwo kw'igiciro kinini imbere y'Imana.” (1 Petero 3:3-4). "Kwambara impuzu z'ubwibone” bisigura kwambara ukundi kugira berekane ko baberewe cane. Hariho rero uburyo bwo kwambara ukikwiza bubereye ku Mukristo. Ku rundi ruhande, hariho ubundi buryo bwo kwambara neza umuntu ahitamwo nk'Umukristo kugira ngo wenyene yiyubare, bugatuma n'abamubona bemera yuko aciye bugufi; kandi ari Umukristo w'ukuri. Mu Migani 6:16-17 tusoma yuko amaso y'ubwibone ari igisesema k'Uhoraho.
Inyambaro z'isi rero zirahurumbirwa n’aho ziboneka zitera umuntu ubwibone bw'ubusa. Abantu bamwe bamwe bashaka kumenyekana cane bakoresheje inyambaro zigezweho, kugeza n'aho birengera ukubaho mu buryo busanzwe ugereranije n’uko bari basanzwe babayeho , bagahinduka abaja b'imyambaro igezweho. Iyi rero ni inyifato ibabaje ku bantu bitwa ko ari Abakristo; ariko ntibitwararike ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye no kwambara mu buryo busanzwe kandi buciye bugufi.
Imigenzo irahindagurika bivanye n'imico y'aba canke abandi, yamara mu miryango y’abantu batandukanye usanga hari itandukaniro ku bijanye n'inyambaro y'umugabo n'iyo umugore. Abaroma 12:1-2, haratwereka uko ibi turiko turavuga bishirwa mu ngiro. “Nuko bene Data, ndabahanura kubwo imbabazi z'Imana ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi. Ntimushushanywe n'ivyo iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima mishasha, kugira ngo mumenye neza ivyo Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.” Uyu rero ni umutumiro mwiza cane; wo gutanga ubuzima bwacu k'Umwami Yesu muri vyose. Mu gihe iyi mirongo itavuga ku bijanye no kwambara neza gusa, irerekana ko ukugomba kwiza kwejejwe gukayangana kuva muri abo bamaze kwishikanira ukugomba kw’Imana. Tuba abahezagiwe igihe imibiri yacu iberewe kandi ishingira intahe ubwiza bwa Kristo mu bugingo bwacu.