Ubuzima Bwa Kirisitu

Mbega uruzi ko hariho igitabu gisigura uko isi yatanguye? Amajambo atangura muri ico gitabu ni aya: “Mu ntango Imana yaremye ijuru n’isi.” Amajambo akurikira ayo, atubwira ingene isi yaremwe, n’ivyerekeye umuntu yatanguye kubaho ubwa mbere kw’isi n’umugore wiwe. Ntikitubwira gusa intango y’ibihe, ariko kandi kiratubwira n’ibizoba inyuma y’ububuzima. Muri ico gitabu, turasoma ingene dutegerezwa kubaho kugira ngo twitegurire ubuzima bw’inyuma y’urupfu. Iki ni igitabu ca kera canditswe mu myaka ishika hafi 1500 n’abanditsi 40 batandukanye. Banditse ivyo Imana ibabariye. Imana yaribwiye abanditsi baco iyo ari yo. Umwanditsi w’igitabu c’Itanguriro, ari co ca mbere, yanditse ivyerekeye irema hamwe n’umwuzure warengeye isi.

Woba warigeze kuraba hirya no hino ugatangazwa n’ingene ibintu vyose vyatanguye? Hari ibikoko vyinshi, inyoni, ibiti, hamwe n’ibimera vyose kw’isi. Mbega vyavuye hehe? Mbega ni ho vyamye igihe cose? Mbega ku muntu we vyagenze gute? Niwirabe ubone ingene umubiri wawe ukora. Ukoresha amaso yawe ukabona, amatwi yawe ukumva, kandi amaguru yawe n’amaboko aragufasha gukora ibintu n’ukuja aho ashaka. Mbega ibi vyapfuye gushika uko, canke vyakozwe n’umuntu umwe ?

“Ni nde muri mwebwe afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza aho ayibonera? Iyo ayibonye, ayiterera ku bitugu, anezerewe; Kandi igihe ashitse mu rugo, agahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababwira ati: “Tunezeranwe, kuko ndabonye intama yanje yari yazimiye.” (Luka 15:4-6).

Abantu bose bo ahantu hose baripfuza kandi barizera kuronka ibintu vyiza mu buzima bwabo. Umuntu agomba kuronka ivyokurya biryoshe, n’ibintu bikwiye kugira ashobore kubisangira n’abagenzi hamwe n’abashitsi; nk’impuzu nziza kandi zikwiye kugira yame afise izo guhinduranya na canecane mu bihe kanaka vy’imisi mikuru; inzu nziza ikomeye, yagutse kandi isakaye neza mu buryo bukwiriye ibihe vyose vy’ihindagurika ry’ikirere. Turizera kandi kuronka mu minwe yacu amahera yo gushobora kuriha ikintu cose dukeneye, ku bijanye n’ivyo tuba turiko turakora canke kuriha imiti bishitse tukagwara, canke ayo kuriha urugendo mu gihe tuba tugiye kuramutsa abagenzi bacu mu kindi gisagara.

Ugusenga ni ukwinginga Imana Data wicishije bugufi mw’izina rya Yesu. Gusenga ni ukubwira Imana Data wo mw’ijuru w’urukundo ibiri ku mitima yacu. Mu gusenga, imitima yacu iyaga n’Imana biciye mu majambo tuvuga canke mu vyiyumviro vyacu. Imana iragomba ko tuvugana na yo. Twotegerejwe rero kuza kuri yo dukenguruka, tuyisaba kandi tuyimenyesha n’ibitubabaje vyose.