Ugusenga ni ukwinginga Imana Data wicishije bugufi mw'izina rya Yesu. Gusenga ni ukubwira Imana Data wo mw'ijuru w'urukundo ibiri ku mitima yacu. Mu gusenga, imitima yacu iyaga n'Imana biciye mu majambo tuvuga canke mu vyiyumviro vyacu. Imana iragomba ko tuvugana na yo. Twotegerejwe rero kuza kuri yo dukenguruka, tuyisaba kandi tuyimenyesha n'ibitubabaje vyose.
Abantu bamwe bamwe iyo basenze irya mbere, bavuga ko bumva ari ibintu bishasha kuri bo, nk'aho womenga nta we bariko baravugana. Ibi ni vyo Satani agomba ko twemera, kugira ngo ntituzosubire gusenga. Ukuri ni uko Bibiliya itwemeza neza ko aho turi hose canke akanya kose, Imana yumva ugusaba kwacu kuvuye mu mitima y'ukuri. « Kandi ubu ni bwo bushizi bw’ubwoba dufise kuri yo, ni uko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivyo igomba, itwumva. » (1 Yohana 5:14).
Ugusenga ni ukubwira Imana. Ni ukuyitumbera ukavugana na yo mu kuri ata co uyihishije, ukayibwira uko wiyumva kwose kandi n'ivyo ukeneye. Iyo udatahura igituma umeze uko wiyumva, bibwire Imana. Bibiliya ivuga ngo: « Ni ko na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu; kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubwiwe aradusengera, aniha iminiho itovugwa. » (Abaroma 8:26). Igihe ubabaye kandi uremerewe, canke unezerewe kandi ushima, bibwire Imana. Kuvugisha ukuri mu gusenga ni ikintu gihambaye cane. Imana irashaka kwumva uko twiyumva i bwina mu mitima yacu vy'ukuri.
Umviriza ico Imana igomba kukubwira. Ivugana natwe mu vyiyumviro iduha n'ingene tubona ibintu. Ivyo biza mu gihe turiko turasenga. Mbere n'amajambo dusenga aturuka ku vyiyumviro duhabwa n'Imana. Imana yipfuza kutumenyesha ubugombe bwayo. Ishobora kubikora igihe turiko turasenga canke inyuma y'aho. Imana ivuga ibicishije kuri Mpwemu wayo, kw'Ijambo ryayo ari ryo Bibiliya canke ku bakozi bayo.
Igihe dusenga, dutegerezwa kwirinda gusamazwa n'ibidukikije vyo mw'isi, tugashira umutima ku bumwe dufitaniye n'Imana. Igihe dusengera mu bibanza bimwe bimwe canke uko twifashe, hakeneye ko tuba mu kibanza gitekanye nimba bishoboka. Igihe duhumirije kandi tugapfukama mu guha Imana icubahiro, dushobora kuzirikana cane ku Mana. Umwitwarariko wacu ukwiye kuba ku Mana yonyene (Matayo 6:6).
Abantu bamwe bamwe baravuga ngo: « Sinzi amajambo nokoresha canke uko nobwira Imana ibiri ku mutima wanje. » Ni nk'aho twovuga ngo ivyo bimeze uko kubera ko twiyumvira yuko dukeneye gukoresha amajambo menshi, kugira ngo Imana ishobore kutwumva. Twoshobora kwibaza yuko twokoresha amajambo menshi, kandi tugakoresha imvugo iryoshe, kugira ngo itwiteho. Mu vyo ukuri, Bibiliya iraduha uburorero bugufi butandukanye bwo gusenga, kandi bworoshe; kandi Imana irabwemera. Nk'akarorero, umugabo umwe yari asanzwe ari umunyavyaha yasenze ati: « Mana, ngirira ikigongwe, ndi umunyavyaha. » (Luka 18:13). Uwundi muntu w'umunyavyaha yari afise umubabaro mu mutima kandi yicuza yasenze ati: «Uranyibuka Yesu, aho uzozira mu bwami bwawe. » (Luka 23:42). Imana ntisaba amajambo adasanzwe mu gusenga. Bibiliya irimwo amasengesho menshi y'abantu bafise akahise gatandukanye, mbere n'amasengesho adasa.
Kugira ngo amasengesho yacu agire ikimazi, dutegerezwa kwicisha bugufi imbere y'Imana. Muri 2 Ngoma 7:14 dusoma ngo: « Maze abantu banje bītirirwa izina ryanje nibicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw’ijuru, ndabaharire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo. » Kugira ngo twuzure n'Umwami Imana, dutegerezwa gukurikira inzira itweretse — na cane cane mu gutera ibitugu ivyaha.
Buri musi uko tuganira n'Umwami Imana, aduha imbono, ugushikama mu buzima bwacu, akishura ivyo tumusaba. « Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno » (Yohana 15:7).
Musenge mw'izina rya Yesu. Yavuze ati: « Kandi ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ashimagizwe mu Mwana. » (Yohana 14:13). Nta bikorwa twokwirata ubwacu; tuza imbere y'Imana gusa mu gusenga mw'izina rya Yesu Kristo.
Senga kenshi. Umviriza ijwi ry'Imana igihe iriko iravuga. Niwumvire ivyo ikwongorera ibiguhaye ku buntu. « Nanje ndababwire, musabe muzohabwa; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa. » (Luka 11:9)