Ubukiriro
KUMENYA AMAYERI YA SATANI TUMURIKIWE N’IJAMBO RY’IMANA Intumbero ya Bibiliya Yera si ugushimikira kuri satani n’ibikorwa vyiwe, ariko turasanga muri Bibiliya ibintu vyinshi vyerekana uko Satani ameze hamwe n’ingene akora. Satani yahoze ari umumarayika, mu nyuma agarariza Imana yamuremye, yipfuza kuba nka yo. Ibikorwa vy’umwijima vyo mu bwami bwa Satani si bishasha. Bisa n’ivyo yamye agerageza gukora kuva kera kugira ngo ahangane n’ubwami bw’Imana. Agerageza kwerekana ibihushanye n’ivyo Imana iba iriko irakora ibicishije kuri Mpwemu Yera.
Yesu atubwira ko amarembo y’ijuru yugaye kuri twebwe mu gihe tutovuka ubwa kabiri. Kubw’ivyo turakunda kubaza abagenzi canke abanyeshengero ngo: «Mbega mwaravutse ubwa kabiri ?» Mu gihe bitoba ari uko, uzoba warazimiye, kubera Yesu avuga ati : « N’ukuri n’ukuri ndakubwire : iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.» (Yohana 3 : 3)
Mbega urazi ko Imana yera yasanze umuntu ari uwo gutsindwa n’urubanza rw’ivyaha kandi ko ari uwo gucirwa urubanza rwo gupfa ? Niyaba rero umuntu yipfuza guhunga urwo rupfu rw’ibihe bidashira kugira ngo akire, ategerezwa kwakira imbabazi z’Imana. Imbabazi hano zisigura ukugene Imana yihanganira umuntu, ikamukurako igihano yari akwiye. Ariko rero, Imana ntipfa gutanga imbabazi zayo ku bantu ata co isavye, naho agakiza gatangwa ku buntu, ata kiguzi, kandi nta woshobora kugakorera kugira akaronke. Igisabwa kugirango Imana igirire umuntu imbabazi ni uko uwo muntu yihana.
«Umutima w’Umuntu», muri kano gatabo, werekana icicaro c’ivyipfuzo vyacu, canke «WEWE W’UKURI». Imana ntiraba ku biboneka inyuma, ahubwo yoyo iraba ibwina mu mutima. Nta kintu na kimwe gishobora guhishwa imbere y’Imana.
Ubutumwa Bwiza uko bwanditswe na Yohana 10:1-18 Woba umaze kwumva umuntu aguhamagaye mw’izina, ariko ntiwumve ijwi ry’uwuguhamagara iyo rizananye? Canke vyoba vyarashobotse ko wumva ijwi ariko bigoranye kubera urwamo rwinshi ruri aho uherereye. Umviriza neza, Ijwi ririko riraguhamagara. Wewe nyene! Wewe uri nde? Witwa nde? Waturutse hehe? Uba hehe? Uriko uja hehe? Urazi izina ry’umusozi uturukako. Birashoboka yuko utarigera wunguruza ngo uje ahandi hantu. Yamara urazi ko umusozi ubako ari agace gato kagize igihugu kinini, kandi yuko ibihugu na vyo bigize isi yagutse cane. Bibiliya