Ubutumwa
Yesu atubwira ko amarembo y’ijuru yugaye kuri twebwe mu gihe tutovuka ubwa kabiri. Kubw’ivyo turakunda kubaza abagenzi canke abanyeshengero ngo: «Mbega mwaravutse ubwa kabiri ?» Mu gihe bitoba ari uko, uzoba warazimiye, kubera Yesu avuga ati : « N’ukuri n’ukuri ndakubwire : iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.» (Yohana 3 : 3)
Mbega urazi ko Imana yera yasanze umuntu ari uwo gutsindwa n’urubanza rw’ivyaha kandi ko ari uwo gucirwa urubanza rwo gupfa ? Niyaba rero umuntu yipfuza guhunga urwo rupfu rw’ibihe bidashira kugira ngo akire, ategerezwa kwakira imbabazi z’Imana. Imbabazi hano zisigura ukugene Imana yihanganira umuntu, ikamukurako igihano yari akwiye. Ariko rero, Imana ntipfa gutanga imbabazi zayo ku bantu ata co isavye, naho agakiza gatangwa ku buntu, ata kiguzi, kandi nta woshobora kugakorera kugira akaronke. Igisabwa kugirango Imana igirire umuntu imbabazi ni uko uwo muntu yihana.
Ugusenga ni ukwinginga Imana Data wicishije bugufi mw’izina rya Yesu. Gusenga ni ukubwira Imana Data wo mw’ijuru w’urukundo ibiri ku mitima yacu. Mu gusenga, imitima yacu iyaga n’Imana biciye mu majambo tuvuga canke mu vyiyumviro vyacu. Imana iragomba ko tuvugana na yo. Twotegerejwe rero kuza kuri yo dukenguruka, tuyisaba kandi tuyimenyesha n’ibitubabaje vyose.
Mbega mwoba mufise umunezero? Ubwoba n’ijwi ribagiriza ikibi mu mutima birashobora kubanyaga umunezero? Murashobora kwibaza muti: « Mbega ni gute twosubira kuronka umunezero? » Ndabafitiye inkuru nziza ! Hariho umuntu ashobora kubafasha; ashobora kubaharira ivyaha vyanyu, maze akabaha umunezero wamaho. Izina ryiwe ni Yesu. Reka ndamubabwire.
Ndafise umukunzi, ni umukunzi aruta abandi bose ata wundi nomugereranya. Ni umugwaneza kandi ni umwizigirwa ku buryo nipfuza yuko nawe womumenya. Kandi ikirengeye ivyo vyose; ni uko nawe ashaka kuba umukunzi wawe. Nashaka ndakubwire uko ameze. Turashobora gusoma inkuru ziwe muri Bibliya, kandi Bibliya ni iyo ukuri. Bibliya ni Ijambo ry‘Imana. Imana ni yo yaremye isi n’ibiyuzuyemwo vyose, ni Umwami w’ijuru n’ isi. Ni we aha ubugingo n’impwemu ibiremwa vyose.
«Umutima w’Umuntu», muri kano gatabo, werekana icicaro c’ivyipfuzo vyacu, canke «WEWE W’UKURI». Imana ntiraba ku biboneka inyuma, ahubwo yoyo iraba ibwina mu mutima. Nta kintu na kimwe gishobora guhishwa imbere y’Imana.
Ubutumwa Bwiza uko bwanditswe na Yohana 10:1-18 Woba umaze kwumva umuntu aguhamagaye mw’izina, ariko ntiwumve ijwi ry’uwuguhamagara iyo rizananye? Canke vyoba vyarashobotse ko wumva ijwi ariko bigoranye kubera urwamo rwinshi ruri aho uherereye. Umviriza neza, Ijwi ririko riraguhamagara. Wewe nyene! Wewe uri nde? Witwa nde? Waturutse hehe? Uba hehe? Uriko uja hehe? Urazi izina ry’umusozi uturukako. Birashoboka yuko utarigera wunguruza ngo uje ahandi hantu. Yamara urazi ko umusozi ubako ari agace gato kagize igihugu kinini, kandi yuko ibihugu na vyo bigize isi yagutse cane. Bibiliya
Hafi imyaka ibihumbi bine irarangiye inyuma y’iremwa ry’ibintu vyose, n’inyuma y’aho Imana ihonereje abantu ikoresheje umwuzure, kuko bari babaye nabi cane ku buryo ivyiyumviro vyo mu mitima yabo vyari ivyo gukora ibibi ibihe vyose (Ita 6:5). Nk’uko vyari mu gihe ca Nowa, aho atawari yiteze umwuzure ko wotera; n’abantu benshi muri kino gihe ntibiteze ukugaruka kwa Yesu. Ukuzogaruka kwiwe kuzoshika mu gihe kititezwe, nk’uko igisuma kiza mw’ijoro (2 Pet 3:10). Kubera iki twibaza yuko ari vuba cane? Raba hirya no hino yawe; ubona iki?Bibiliya iratubwira uko bizoba bimeze mu gihe ciherezo.