Ubutumwa
UBUSHOBOZI BW’UMWIJIMA
KUMENYA AMAYERI YA SATANI TUMURIKIWE N’IJAMBO RY’IMANA Intumbero ya Bibiliya Yera si ugushimikira kuri satani n’ibikorwa vyiwe, ariko turasanga muri Bibiliya ibintu vyinshi vyerekana uko Satani ameze hamwe n’ingene akora. Satani yahoze ari umumarayika, mu nyuma agarariza Imana yamuremye, yipfuza kuba nka yo. Ibikorwa vy’umwijima vyo mu bwami bwa Satani si bishasha. Bisa n’ivyo yamye agerageza gukora kuva kera kugira ngo ahangane n’ubwami bw’Imana. Agerageza kwerekana ibihushanye n’ivyo Imana iba iriko irakora ibicishije kuri Mpwemu Yera. Uburyo Satani akora bwerekanawa n’ibi bintu bikurikira :Ubwoba, Iterabwoba, Gusezeranirwa, umunezero n’icubahiro, agahahirizo, ukwikeka Ahandi ushobora gusoma Luka 11 : 20-23…..Uwurusha inkomezi Satani
Urugo rw'umunezero.
Urugo ruhiriwe Bibiliya iraduha icitegererezo c’urugo rwiza, rukomeye mu buryo rutunganijwe, kandi ruhimbaye, ata cuka kibi kiri muri rwo. Urugo rurashobora kuba ikibanza c’umwumvikano no kubumbwa n’ivyo bafise, canke ahantu h’uruhagarara n’umubabaro. Mbega urugo rwawe rurimwo umunezero, rurakomeye, kandi rurashobora guhagarara mu bihe vy’ibihuhusi vy’ubuzima? Urugo ni ikintu gihambaye mu vyo imibano. Rwashizweho n’Imana kugira ngo ruduteze imbere mu buryo bw’impwemu, ruduhe umunezero wo mu bigumbagumba n’ivyo umubiri wipfuza. Umugambi w’Imana wamye ari uko abagize umuryango botegerejwe kuzana umunezero hagati yabo, kugira ngo imiryango ibe mu mwumvikano. Kubera iki ingo zimwe zimwe zitanezerewe ? Kwubakana mu Mwami wacu Ikibanza c’abana
Abantu bararemerewe kandi barahagaritse imitima. Ata gukekeranya, harakeneye inzira n’impanuro, umutekano kandi n’icizere. Turakeneye kandi turagomba amahoro yo mu mutima. Amahoro yo mu mutima — mbega ubutunzi! Mbega ubwo butunzi bwoboneka mw’isi yuzuyemwo umuryano no kwihebura, uruhagarara n’amarushwa? Umuntu ari mu kaga Naho utoshobora kubimenya canke kubitahura, icaha kirashobora kuba impamvu yo kutamererwa neza. Abantu benshi baragerageza kurondera amahoro hirya no hino no mu bintu bitandukanye. Bagiriza isi yuzuyemwo amarushwa ko ari yo soko y’amagorwa yabo, ariko ntibarabe mu mitima yabo. Yesu Kristo Umwami w’amahoro Kwihana kuzana amahoro mu mutima. Amahoro ahoraho Mfise amahoro, aho ata mahoro ari
Igitabu wagenewe
Uwo hamwe n’abandi banditsi baranditse ivyerekeye ubwoko bwatoranijwe n’Imana n’ingene yaburongoye kumara imyaka myinshi. Imana yahumekeye abantu batandukanye kwandika ivya kahise, ivyivugo, ubuvugishwa, hamwe n’ibijanye n’amasezerano y’Imana. Kubera ibi vyanditswe vyahumetswe n’Imana, nta zina na rimwe ry’umuntu acitirigwa. Citwa Bibiliya, ijambo risobanurwa ngo: “Igitabu.” Kenshi bacita Bibiliya Yera, ijambo risobanurwa ko ari “igitabu cera.” Bibiliya itubwira ko umusi umwe Yesu azogaruka gucira bantu bose urubanza. Dushobora gusoma ingene ico gihe citegurirwa. Igihe incuti yacu ipfuye, dushobora kurondera muri Bibiliya ukwirurwa kuva ku Mana. Imana ikoresha Bibiliya mu kuvugana natwe uno musi.
Imuhira Iwawe
Imuhira Iwawe Mu ntango Imana yaremye isi. Yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri, ibikōko n’ibiterwa. Ku musi ugira gatandatu, yaremye umuntu mw’ishusho yayo ica imuhumekeramwo impwemu y’ubugingo. Yesu yaraje! Yigishije yuko abantu bose bakoze ivyaha kandi ko abanyavyaha bategerezwa gupfa. Yesu yaradukunze cane kugeza aho yemerera Imana gupfa kubwo ivyaha vy’abantu. Yapfiriye abantu bose bari barazimiye. Inkuru nziza— Yesu ni muzima! Yarazutse ava mu mva! Aca avuga ati: “Ni jewe nzira, ukuri n’ubugingo” (Yoh 14:6). Yesu agomba kuturongorera iwacu mw’ijuru kwa Data. Rimwe na rimwe birashika tukumva ko tudakunzwe kuko abantu badukikije ari babi, badukomeretsa canke badufitiye uburake.
Mariya n’Umumarayika Ukuvuka kwa Yesu Abungere Abanyabwenge Icatumye Imana itanga ingabire Yesu ni Umwana w’Imana. Yabayeho atagira icaha kandi atunganye mu nzira ziwe zose. Amaze imyaka mirongo itatu, Yesu yatanguye kwigisha abantu Imana Data. Yakoze ibitangaza vyinshi, nko guhumura impumyi, gukiza abantu benshi ingwara zabo, kugeza no kuzura abapfuye. Hejuru y’ivyo vyose, yigishije abantu inzira yo kuronka ubuzima budashira mw’ijuru. Mu nyuma atanga ubugingo bwiwe kw’ikimazi c’ivyaha ku bantu bo mw’isi yose.
Inkuru y'irema
Ku musi wa mbere Imana yaravuze iti: “Nihabeho umuco.” Umuco uca urabaho. Iraheza itandukanya umuco n’umwijima. Imana yita umuco umurango, umwijima na wo iwita ijoro. Umusi ugira kabiri, Imana yaremye ikirere. Ku musi ugira gatanu Imana yaremye ibiguruka n’amafi. Ku musi ugira gatandatu Imana yaremye ibikoko vyose bigendagenda n’ivyikwega hasi, hanyuma ivuga ko birondoka bikavyara ibindi bisa na vyo. Kubera yavyise uko, ubuzima bwavyo bugenda burahanahanwa bwisubiriza. Uko ibishaje bipfuye, haba hariho ibindi vyinshi vyo kubisubirira. Imana ibabwira ngo bavyare, bagwire buzure isi kandi baganze ivyo yaremye vyose.
Intama Yazimiye
Yesu ni Umungere Mwiza “Inkuru ikurikira irerekana urukundo rwa Yesu n’uko yitwararika abantu bose. Umwungere yari afise intama ijana. Yarakunda intama ziwe kandi aca azishira mu buragiro bwiza bwo mu mwonga uri hagati y’imisozi. Uwo mwonga cari ikibanza gitekanye, ariko mu misozi hari hateye ubwoba. “Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu buragiro bw’ubwatsi butotahaye. Andōngōrera iruhande y’amazi adasūma.“ (Zaburi 23:1-2) Intama Yazimiye Amahwa arayitabagura itangura kuvirirana. Inyuma yayo hari amabingira yivuga ayihiga akurikirana amakanda yayo yari yabonye. Umwungere Arondera Intama Intama Itabarwa
Hari uburyo Umukristo yambara bugashingira intahe ubukristo n’umuhamagaro wiwe. Paulo yandikira Abo i Filipi ati: “Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bwiza bwa Kristo” (Abo i Filipi 1:27). Inyambaro y’umuntu rero, ni nk’idirisha ryerekana uko ushobora kubona umutima wiwe. Inyambaro kandi irerekana agaciro yiha ubwiwe, Ikerekana kandi umuyobozi w’ubuzima bwiwe canke uwo akorera. Intumbero y’Imana ni uko umwana w’umuntu yambara akikwiza, atari ugupfa uko yifashe. Abigishwa b’ukuri ba Kristo na bo baribonekeza kubwo inyambaro yabo ibaranga.
INYISHU YANYU
Yesu ni we abaha ivyo mukenera vyose akishura n’ibibazo vyanyu vyose. Yipfuza kubabera umugenzi. Yipfuza kubaha ico imitima wanyu yipfuza. Ashobora kuzana amahoro n’ituze ahari ubwoba no guhungabana. Yesu avuga ati : « Nimuze kuri jewe ………..ndabaruhura » ( Matayo 11:28). Musenge Imana mw’izina rya Yesu, muyisabe kwinjira mu bugingo bwanyu. Mumaze kwihereza iyo Mana nkuru mwizeye, izoca iza kuba mu mitima yanyu, kandi imaze kuza, muzoca mugira umunezero. Azobaha inkomezi n’intumbero mu buzima bwanyu. Azobabera inyishu. Yesu acicaye aho, umugore w’Umusamariyakazi aza kuvoma amazi. Yesu aramubaza ati: « Urashobora kumpa utwo kunywa ? »