Ahantu Hawe

Murakaza neza ku rubuga rwa Gospel Tract na Bible Society

Ubutumwa

KUMENYA AMAYERI YA SATANI TUMURIKIWE N’IJAMBO RY’IMANA Intumbero ya Bibiliya Yera si ugushimikira kuri satani n’ibikorwa vyiwe, ariko turasanga muri Bibiliya ibintu vyinshi vyerekana uko Satani ameze hamwe n’ingene akora. Satani yahoze ari umumarayika, mu nyuma agarariza Imana yamuremye, yipfuza kuba nka yo. Ibikorwa vy’umwijima vyo mu bwami bwa Satani si bishasha. Bisa n’ivyo yamye agerageza gukora kuva kera kugira ngo ahangane n’ubwami bw’Imana. Agerageza kwerekana ibihushanye n’ivyo Imana iba iriko irakora ibicishije kuri Mpwemu Yera. Uburyo Satani akora bwerekanawa n’ibi bintu bikurikira :Ubwoba, Iterabwoba, Gusezeranirwa, umunezero n’icubahiro, agahahirizo, ukwikeka Ahandi ushobora gusoma Luka 11 : 20-23…..Uwurusha inkomezi Satani

Ubukiriro 6 minutes

Urugo ruhiriwe Bibiliya iraduha icitegererezo c’urugo rwiza, rukomeye mu buryo rutunganijwe, kandi ruhimbaye, ata cuka kibi kiri muri rwo. Urugo rurashobora kuba ikibanza c’umwumvikano no kubumbwa n’ivyo bafise, canke ahantu h’uruhagarara n’umubabaro. Mbega urugo rwawe rurimwo umunezero, rurakomeye, kandi rurashobora guhagarara mu bihe vy’ibihuhusi vy’ubuzima? Urugo ni ikintu gihambaye mu vyo imibano. Rwashizweho n’Imana kugira ngo ruduteze imbere mu buryo bw’impwemu, ruduhe umunezero wo mu bigumbagumba n’ivyo umubiri wipfuza. Umugambi w’Imana wamye ari uko abagize umuryango botegerejwe kuzana umunezero hagati yabo, kugira ngo imiryango ibe mu mwumvikano. Kubera iki ingo zimwe zimwe zitanezerewe ? Kwubakana mu Mwami wacu Ikibanza c’abana

Umuryango 6 minutes

Abantu bararemerewe kandi barahagaritse imitima. Ata gukekeranya, harakeneye inzira n’impanuro, umutekano kandi n’icizere. Turakeneye kandi turagomba amahoro yo mu mutima. Amahoro yo mu mutima — mbega ubutunzi! Mbega ubwo butunzi bwoboneka mw’isi yuzuyemwo umuryano no kwihebura, uruhagarara n’amarushwa? Umuntu ari mu kaga Naho utoshobora kubimenya canke kubitahura, icaha kirashobora kuba impamvu yo kutamererwa neza. Abantu benshi baragerageza kurondera amahoro hirya no hino no mu bintu bitandukanye. Bagiriza isi yuzuyemwo amarushwa ko ari yo soko y’amagorwa yabo, ariko ntibarabe mu mitima yabo. Yesu Kristo Umwami w’amahoro Kwihana kuzana amahoro mu mutima. Amahoro ahoraho Mfise amahoro, aho ata mahoro ari

Amahoro 4 minutes

Uwo hamwe n’abandi banditsi baranditse ivyerekeye ubwoko bwatoranijwe n’Imana n’ingene yaburongoye kumara imyaka myinshi. Imana yahumekeye abantu batandukanye kwandika ivya kahise, ivyivugo, ubuvugishwa, hamwe n’ibijanye n’amasezerano y’Imana. Kubera ibi vyanditswe vyahumetswe n’Imana, nta zina na rimwe ry’umuntu acitirigwa. Citwa Bibiliya, ijambo risobanurwa ngo: “Igitabu.” Kenshi bacita Bibiliya Yera, ijambo risobanurwa ko ari “igitabu cera.” Bibiliya itubwira ko umusi umwe Yesu azogaruka gucira bantu bose urubanza. Dushobora gusoma ingene ico gihe citegurirwa. Igihe incuti yacu ipfuye, dushobora kurondera muri Bibiliya ukwirurwa kuva ku Mana. Imana ikoresha Bibiliya mu kuvugana natwe uno musi.

Imuhira Iwawe Mu ntango Imana yaremye isi. Yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri, ibikōko n’ibiterwa. Ku musi ugira gatandatu, yaremye umuntu mw’ishusho yayo ica imuhumekeramwo impwemu y’ubugingo. Yesu yaraje! Yigishije yuko abantu bose bakoze ivyaha kandi ko abanyavyaha bategerezwa gupfa. Yesu yaradukunze cane kugeza aho yemerera Imana gupfa kubwo ivyaha vy’abantu. Yapfiriye abantu bose bari barazimiye. Inkuru nziza— Yesu ni muzima! Yarazutse ava mu mva! Aca avuga ati: “Ni jewe nzira, ukuri n’ubugingo” (Yoh 14:6). Yesu agomba kuturongorera iwacu mw’ijuru kwa Data. Rimwe na rimwe birashika tukumva ko tudakunzwe kuko abantu badukikije ari babi, badukomeretsa canke badufitiye uburake.

Ejo Hazaza, Ijuru 3 minutes

Mariya n’Umumarayika Ukuvuka kwa Yesu Abungere Abanyabwenge Icatumye Imana itanga ingabire Yesu ni Umwana w’Imana. Yabayeho atagira icaha kandi atunganye mu nzira ziwe zose. Amaze imyaka mirongo itatu, Yesu yatanguye kwigisha abantu Imana Data. Yakoze ibitangaza vyinshi, nko guhumura impumyi, gukiza abantu benshi ingwara zabo, kugeza no kuzura abapfuye. Hejuru y’ivyo vyose, yigishije abantu inzira yo kuronka ubuzima budashira mw’ijuru. Mu nyuma atanga ubugingo bwiwe kw’ikimazi c’ivyaha ku bantu bo mw’isi yose.

Yesu, Color 3 minutes

Ku musi wa mbere Imana yaravuze iti: “Nihabeho umuco.” Umuco uca urabaho. Iraheza itandukanya umuco n’umwijima. Imana yita umuco umurango, umwijima na wo iwita ijoro. Umusi ugira kabiri, Imana yaremye ikirere. Ku musi ugira gatanu Imana yaremye ibiguruka n’amafi. Ku musi ugira gatandatu Imana yaremye ibikoko vyose bigendagenda n’ivyikwega hasi, hanyuma ivuga ko birondoka bikavyara ibindi bisa na vyo. Kubera yavyise uko, ubuzima bwavyo bugenda burahanahanwa bwisubiriza. Uko ibishaje bipfuye, haba hariho ibindi vyinshi vyo kubisubirira. Imana ibabwira ngo bavyare, bagwire buzure isi kandi baganze ivyo yaremye vyose.

Yesu ni Umungere Mwiza “Inkuru ikurikira irerekana urukundo rwa Yesu n’uko yitwararika abantu bose. Umwungere yari afise intama ijana. Yarakunda intama ziwe kandi aca azishira mu buragiro bwiza bwo mu mwonga uri hagati y’imisozi. Uwo mwonga cari ikibanza gitekanye, ariko mu misozi hari hateye ubwoba. “Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu buragiro bw’ubwatsi butotahaye. Andōngōrera iruhande y’amazi adasūma.“ (Zaburi 23:1-2) Intama Yazimiye Amahwa arayitabagura itangura kuvirirana. Inyuma yayo hari amabingira yivuga ayihiga akurikirana amakanda yayo yari yabonye. Umwungere Arondera Intama Intama Itabarwa

Hari uburyo Umukristo yambara bugashingira intahe ubukristo n’umuhamagaro wiwe. Paulo yandikira Abo i Filipi ati: “Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bwiza bwa Kristo” (Abo i Filipi 1:27). Inyambaro y’umuntu rero, ni nk’idirisha ryerekana uko ushobora kubona umutima wiwe. Inyambaro kandi irerekana agaciro yiha ubwiwe, Ikerekana kandi umuyobozi w’ubuzima bwiwe canke uwo akorera. Intumbero y’Imana ni uko umwana w’umuntu yambara akikwiza, atari ugupfa uko yifashe. Abigishwa b’ukuri ba Kristo na bo baribonekeza kubwo inyambaro yabo ibaranga.

Imico 3 minutes

Yesu ni we abaha ivyo mukenera vyose akishura n’ibibazo vyanyu vyose. Yipfuza kubabera umugenzi. Yipfuza kubaha ico imitima wanyu yipfuza. Ashobora kuzana amahoro n’ituze ahari ubwoba no guhungabana. Yesu avuga ati : « Nimuze kuri jewe ………..ndabaruhura » ( Matayo 11:28). Musenge Imana mw’izina rya Yesu, muyisabe kwinjira mu bugingo bwanyu. Mumaze kwihereza iyo Mana nkuru mwizeye, izoca iza kuba mu mitima yanyu, kandi imaze kuza, muzoca mugira umunezero. Azobaha inkomezi n’intumbero mu buzima bwanyu. Azobabera inyishu. Yesu acicaye aho, umugore w’Umusamariyakazi aza kuvoma amazi. Yesu aramubaza ati: « Urashobora kumpa utwo kunywa ? »

Yesu, Urukundo, Ivangeli, Color 3 minutes

Yesu atubwira ko amarembo y’ijuru yugaye kuri twebwe mu gihe tutovuka ubwa kabiri. Kubw’ivyo turakunda kubaza abagenzi canke abanyeshengero ngo: «Mbega mwaravutse ubwa kabiri ?» Mu gihe bitoba ari uko, uzoba warazimiye, kubera Yesu avuga ati : « N’ukuri n’ukuri ndakubwire : iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.» (Yohana 3 : 3) Umuntu ashobora kwibwira ati: Ngerageje gukora ivyo nshoboye vyose: ngafasha aboro, nkagendera abarwaye, nkaba umuntu mwiza imisi yose, kubw’ivyo noca mba umuntu mushasha, nkaba mvutse ubwa kabiri. (Matayo 25 : 41- 45)

Ubukiriro 4 minutes

Mbega urazi ko Imana yera yasanze umuntu ari uwo gutsindwa n’urubanza rw’ivyaha kandi ko ari uwo gucirwa urubanza rwo gupfa ? Niyaba rero umuntu yipfuza guhunga urwo rupfu rw’ibihe bidashira kugira ngo akire, ategerezwa kwakira imbabazi z’Imana. Imbabazi hano zisigura ukugene Imana yihanganira umuntu, ikamukurako igihano yari akwiye. Ariko rero, Imana ntipfa gutanga imbabazi zayo ku bantu ata co isavye, naho agakiza gatangwa ku buntu, ata kiguzi, kandi nta woshobora kugakorera kugira akaronke. Igisabwa kugirango Imana igirire umuntu imbabazi ni uko uwo muntu yihana. Biciye ku kwihana, urugi rwo kugirirwa imbabazi ruruguruye, ushobora kuronka agakiza. Bose bakoze ivyaha Icaha kiratandukanya

Ubukiriro 4 minutes

Ugusenga ni ukwinginga Imana Data wicishije bugufi mw’izina rya Yesu. Gusenga ni ukubwira Imana Data wo mw’ijuru w’urukundo ibiri ku mitima yacu. Mu gusenga, imitima yacu iyaga n’Imana biciye mu majambo tuvuga canke mu vyiyumviro vyacu. Imana iragomba ko tuvugana na yo. Twotegerejwe rero kuza kuri yo dukenguruka, tuyisaba kandi tuyimenyesha n’ibitubabaje vyose. Buri musi uko tuganira n’Umwami Imana, aduha imbono, ugushikama mu buzima bwacu, akishura ivyo tumusaba. « Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno » (Yohana 15:7).

Se wiwe ni Imana yaremye isi n’ibiri kuri yo vyose. Yaraturemye, jewe namwe. Imana iradukunda, kuko yakunze cane abari mw’isi bose, kugeza n’aho irungika Yesu, Umwana wayo w’ikinege kw’isi. Mu buzima bwiwe bwo kw’isi, Yesu yarakijije abarwaye, kandi yararemesheje abagowe. Yarahumuye impumyi, kandi yarigishije abantu ibintu vyinshi. Yesu yagomba yuko dutahura urukundo rwishi Imana Data ifitiye jewe namwe. Maze atangura kwiyumvira ibibi vyose yakoze, n’ingene atubashe se. Uko yavyiyumvira ni ko yarushiriza kubura amahoro.

Yesu, Color 3 minutes

Imana ni yo yaremye isi n’ibiyuzuyemwo vyose, ni Umwami w’ijuru n’ isi. Ni we aha ubugingo n’impwemu ibiremwa vyose. Yesu yaje mw’isi nk’umwana w’uruyoya, se na nyina kuri iyi si bari Yosefu na Mariya ; yavukiye mu ruhongore rw’inka, bamuryamika mu bwato inka ziriramwo. Uyu musi rero, arashobora kukubona no kukwumva. Arazi ivyawe vyose, kandi arakwitwararika. Mubwire ingorane zawe, Ariteguye kugufasha. Ushobora kwunamika umutwe wawe ukamubwira, igihe ico ari co cose, aho uba uri hose. Umusi umwe, azogaruka! Azogaruka kujana abamwizera, abajane mw’ijuru.

«Umutima w’Umuntu», muri kano gatabo, werekana icicaro c’ivyipfuzo vyacu, canke «WEWE W’UKURI». Imana ntiraba ku biboneka inyuma, ahubwo yoyo iraba ibwina mu mutima. Nta kintu na kimwe gishobora guhishwa imbere y’Imana. Hari abantu benshi bafise imitima idatekanye uyu musi. Imana ni inyishu, iragukunda kandi yipfuza kuba mu mutima wawe. UMUTIMA W’UMUNYAVYAHA Satani ni we mwami w’uyu mutima. Aganza umunyavyaha akoresheje impwemu ziwe mbi. Ibikoko tubona muri uyu mutima vyerekana zimwe mu mpwemu mbi ziganza umutima w’umunyavyaha. Icaha ni ivyiyumviro vyose, ibikorwa, canke ukwizera kwose kurwanya ubugombe bw’Imana. Ivyo vyose bihumanya umutima w’umuntu. UMUTIMA WAGIRIZWA IVYAHA UKEMERA KWIHANA UMUTIMA MUSHASHA

Ubukiriro 14 minutes

Ubutumwa Bwiza uko bwanditswe na Yohana 10:1-18 Woba umaze kwumva umuntu aguhamagaye mw’izina, ariko ntiwumve ijwi ry’uwuguhamagara iyo rizananye? Canke vyoba vyarashobotse ko wumva ijwi ariko bigoranye kubera urwamo rwinshi ruri aho uherereye. Umviriza neza, Ijwi ririko riraguhamagara. Wewe nyene! Wewe uri nde? Witwa nde? Waturutse hehe? Uba hehe? Uriko uja hehe? Urazi izina ry’umusozi uturukako. Birashoboka yuko utarigera wunguruza ngo uje ahandi hantu. Yamara urazi ko umusozi ubako ari agace gato kagize igihugu kinini, kandi yuko ibihugu na vyo bigize isi yagutse cane. Bibiliya Imana Mbega urazi Imana? Kumbure wobaza uti: «Imana ni nde? Mbega iri hehe?»

Ubukiriro 6 minutes

Hafi imyaka ibihumbi bine irarangiye inyuma y’iremwa ry’ibintu vyose, n’inyuma y’aho Imana ihonereje abantu ikoresheje umwuzure, kuko bari babaye nabi cane ku buryo ivyiyumviro vyo mu mitima yabo vyari ivyo gukora ibibi ibihe vyose (Ita 6:5). Nk’uko vyari mu gihe ca Nowa, aho atawari yiteze umwuzure ko wotera; n’abantu benshi muri kino gihe ntibiteze ukugaruka kwa Yesu. Ukuzogaruka kwiwe kuzoshika mu gihe kititezwe, nk’uko igisuma kiza mw’ijoro (2 Pet 3:10). Kubera iki twibaza yuko ari vuba cane? Raba hirya no hino yawe; ubona iki?Bibiliya iratubwira uko bizoba bimeze mu gihe ciherezo. Twese twakoze ivyaha Urukundo rw’Imana ku murango E.G. Wesley